IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe Izere ntiwihebure risaba Reta kugarukana amahoro n’umutekano (...)

Ishirahamwe Izere ntiwihebure risaba Reta kugarukana amahoro n’umutekano bigaruke mu gisagara

vendredi 28 Myandagaro 2015

Ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu Izere Ntiwihebure risaba Reta gukora ibishoboka vyose kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu gisagara ca Bujumbura.

Mw ‘itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe Francois Xavier Ndaruzaniye,iryo shirahamwe rihamagarira kandi abarundi kuguma bari maso kandi barikanuye ntihagire umuntu abacanishamwo canke ngo ahungabanye umutekano babona.

Iryo shirahamwe risaba abahunze guhunguka bakareka guhendwa n’ibihugu bimwe bimwe,bakagaruka gufanya kwubaka igihugu n’abandi barundi.

Ishirahamwe Izere Ntiwihebure risaba abashingamateka gukoresha ububasha bwabo bahabwa n’amategeko,mu gutora amategeko atuma haba ituze,amahoro n’umutekano mu barundi n’Uburundi.

Ishirahamwe Izere ntiwihebure rirangiza risaba amakungu kumenya ko Uburundi ari igihugu cikukiye kandi cigenga.


IGIHE

Messages

  • Mwirambure mwebwe murazi icigihugu cikikiye bisigura ndikumwenamwe.

  • Aho mubona mwikwiye muri vyose? reka kwiteranya na Makungu. na Babanyi. Banza muhanurane mwebwe nyene!!!

  • MBE KUTABWIRA IMBONERAKURE GUSUBIZA INKOTA MUGUBATI!HANYUMA ABAHUNZE BABONE GUHUNGUKA!

  • MWEBWE NIMUCE AYOMAHERA MURIKO MURAKORERA AHASIGAYE MUREK KWITA MUVYAMAKUNGU ARIKO IMANA NTISINZIRIYE

  • bose twarabamenye ni banijimbere.

  • Abanyavyaha muragowe mbega kuvuga ngwimpunzi zihunguke zankoho ziri mumbonerakure zavuyeyo? Canke mukeneye abo mwica ubu kuvaho mwiciye ntiharagerako muruhuka ivyo mugirira abandi namwe bizobagarukako canke bibe kubana banyu ahubwo amakungu narabe ukuntu yokunguruza impunzi zije kure yuburundi kuko natwe harageze ko duta tukomoka mutaratwica

  • Ababantu bavuzeko impunzi nzohunguka ntibabivuze kuberabazanka, barazikunda kandi mugihe zohitamwo kwigumira mubuhungiro ababantu ntantambara bazobagirako murabatega.

  • Asamira hiyo mbe ico gihugu cafuye twoza gukoriki ata nubuzi mufise muduha. We kuhebwa niyo reta urikugwinyuma tweho twisumamo tuzoja kwande ko namasoko mwayahejeje muyaturira. Iyo turi nugucunga imiduga bituriha nkayo uhembwa wa muja we kukwezi hama ngo tugaruke. Ubake igihugu muhamagare abagwizatunga maze ubuzi buboneke tuzotaha.

  • Asamira hiyo mbe ico gihugu cafuye twoza gukoriki ata nubuzi mufise muduha. We kuhebwa niyo reta urikugwinyuma tweho twisumamo tuzoja kwande ko namasoko mwayahejeje muyaturira. Iyo turi nugucunga imiduga bituriha nkayo uhembwa wa muja we kukwezi hama ngo tugaruke. Ubake igihugu muhamagare abagwizatunga maze ubuzi buboneke tuzotaha.

  • gwat ibihugu bibahenda none wewe ushaka kutubwirako hari ibihugu biza mu burundi kubwirabantu bahunge igihugu cabo? sha sonza wigumye ureke kubeshera ibihugu vyabandi ahubwo ww ntiwiyubashe iyondayawe irahava igutesha ubushinkantahe bwawe

  • mwogarukana amahoro abahunze igihugu ntimwobanza kubinginga gutahuka .wibaza kuba ndabusavye ngo niho uba ukunda igihugu gusumvya abandi

  • Aboku Igibe, kubanarinanditse mbwira uwoyiyise Never Ko abivira mu Rwanda bakigarukira Burundi bariho nkabanarinamuhaye akarorero kumurwieitwa Peace

  • Mbese ikikinyamakuru ibibintu cadukanye nibiki? mbekirazi uwokiriko kirakorera ibi? Jewe ubwambere nanditse ibintu ndabibwira uwiyise Never yavuzeko atamurundi yovamu Rwanda rwahunguke atahe burundi ariko ncandamuha akarorero kumurwi witwa Peace and Love kowatashe, ivyonarinavyanditse mururimi rwicongereza. icobakoza barakase ivyonanditse vyose ariko bacabarekeraho utujambo narinanditse tuvugango: @ Never, Peace. jewe narinanditse ngo: @ Never, Peace and Love is already back in burundi from Rwanda............... Ariko bamaze gukuraho ivyonanditse bagasigaza ngo: Never, Peace. barankoreye nabicane kuko utwotujambo tubiri gusa dusigurango: Ntamahoro azigerabaho. Narasubiye ndandika ndababaza icatumwe bareka kurekura iciyumviro canje noneho nzaguheza mvuganti yombabampoyeko navyanditse mucongereza, ayomajambo avugango yomba mwasekubirekura kubera vyanditse mucongreza mwaciye muyakatako. njewe nkibaza ivyobintunanditse mukabikupa vyaribibi gusumba ivyuyumuntu yitwa Never yariyanditse? canke mwampoyeko mvuzeko hariho abahungutse kandi mudashaka uwuvuga kohariho abahunguka ubonako nuyumurwi wabaririmvyi Peace and Love wiviriye Rwanda ukitahira Burundi mwarahiye kubitubwira kobigarukiye kandimuziko twaherutse mutubwirako barikobabicabigacika mu Rwanda mukuririmbira mububare (mubunwero) Nonegayemwe bigezeyaho mutagishaka kuvuga benewanyu basubiye mugihugu camavukiro!?

  • AMAHORO ASUMBA IBIDUKIJE GUSHIMA NINYUNGU KUMUNTU. BIKABA UMUNEZERO KU MANA MBEGA INTEKO MPOZAMAKUNGU ZOJE GUFASHA UBURUNDI IKI ABO BASABA INTEKO NIBAMWE BATEREKWA IBIKOGWA . REKA MURIVYOSE DUSHIMIRE IMANA. ITUGEJEJE UBU.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.