IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’abakozi bo munzu AGFM risaba Leta ko yorifata mu (...)

Ishirahamwe ry’abakozi bo munzu AGFM risaba Leta ko yorifata mu mugongo

vendredi 1er Munyonyo 2013

Uwurongoye ishirahamwe ry’abakozi bo mu nzu (Association des Garcons et Filles de Menage”AGFM”) amenyesha iryariryo. Avuga ko ryavutse mu mwaka w’2001, ryemererwa gukora n’itegeko nshikiranganji ryo kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2002, rifise inomero 530/27.

Iciyumviro co gutanguza iryo shirahamwe cavuye ku kuntu yabona abakozi bo mu nzu bafatwa n’abakoresha babo, kuko nawenyene yakora ako kazi. Avuga ko vyamubabaza cane iyo umukozi wo mu nzu afashwe nk’umuja, uraho bakora ntibahembwe, bakubitwa canke bagapfungwa atacamira, bagafatwa ku nguvu n’abakoresha babo, eka n’ayandi mabi. Amenyesha ko kubaho kwa « AGFM » kwaje no gufasha abakoresha kuko bituma bamenya iyo baronderera umukozi agize nabi kuko nabo nyene bakora amakosa menshi, nko kwiba, kutubaha, gushurashuza ku nguvu abana ba bakoresha babo, kwonona ibikoresho vyo mu nzu eka n’ibindi.

Iryo shirahamwe ryagiyeho rifise intumbero zitari nke ku biraba abakozi:

- kubigisha indimi zikoreshwa mu karere Uburundi burimwo,
-kumenya ubuzima bw’abakozi bo mu nzu,
- gushiraho amategeko abagenga,
- guharanira agateka k’abana bakoreshwa ibikorwa bibarengeye,
-kubigisha kuziganya amahera bahembwa,
- kubigisha akazi kuko benshi baba batazi ico baje gukora n’ibindi…

Ku bakoresha naho:

- kubaronsa abakozi bazi ico bakora,
- umukozi wese kuba afise umwambaro w ‘akazi,
- gufita aho barondera abakozi,
- kumenya iyo umukozi arondererwa, n’ibindi

Hakizimana agitanguza iryo shirahamwe ntiyorohewe kuko yaramaze gupfungwa incuro zirenga 8, yagirizwa kugumura abantu, narirya hari mu gihe c’amagume. Ico gihe abakoresha babona ko agomba kubatwara abakozi. Ivyo bamaze kurangura muri iryo shirahamwe, yatumenyesheje ko bamaze kuburanira abakozi batari bake, baramaze kwegeranya uburyo baja gusuhuza abakozi bo mu nzu bangana 204 bari mu munyororo, ishirahamwe rirafise amashami mu ntara zitandatu zo mu Burundi. Rikaba rifise abanywanyi bashika, 3760 bafise amakarata abaranga.

Inyuma yaho bamaze igihe badakora, amenyesha ko bagiye gusubira ku mirimo, bakazoca bashiraho inzego nshingwantwaro, batange udukarata ku banywanyi batadufise no kubakoreshereza umyambaro, gushiraho integuro y’amategeko abagenga, gufashanya na Leta n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu, gutuza amabi akorerwa abana, n’ibindi.

Arangiza asaba Leta ko yobafata mu mugongo mu kworoherezwa mu mirimo yabo, asaba kandi abasanzwe bafasha Uburundi canke uwundi mugiraneza, kubaronsa ibikoresho vy’aho bakorera no kubaterera mu nyigisho zohabwa abakozi bo mu nzu. Asaba kandi abanyeshirahamwe, guhamagara abasigaye inyuma nabo baje mu bandi kuko ubugirigiri bugira babiri.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Uyu mugabo Hakizimana yashinze ishirahamwe ry’abakozi bo mu nzu (Association des Garcons et Filles de Menage†AGFM†), akwiye gufatwa mu mugongo kandi bimwe biboneka. Igikorwa yakoze kugir’ashinge iryo shirahamwe, si abantu bose bahuta bagir’ico ciyumviro. Niko l’Etat yaratevye kumufasha arico gituma abarundi twoja hamwe tukamuvugira. Ni kimwe na kirya kigo c’abafasha abarwayi. Ayo mashirahamwe, yarakwiye gushigikirwa nka Maison Shalom ya Maggy mu Ruyigi. Atari uko bamwe bakuze abandi bakaba abana, nta tandukaniro n’imwe jewe mbona. Peut-etre aussi la sympathie.

  • Ishirahamwe ryose iyo rivutse rifise intumbero nziza ntiribura ico ryunganira mw’iterambere no mu mibano.Nkiri shirahamwe ry’bakozi bo mu nzu nk’uko dukunze kubita, ryogabanya ubusuma , ubushomeri ,ubwicanyi n’ayandi mabi.
    Igikenewe n’uko abarirongoye bofasha kugira bigishe abo bakozi gutunganya neza akazi kabo , kubamenya amateka n’amategeko abagenga.Ivyo vyose ntivyoshoboka badafashwe mu mugongo nareta baje kwunganira .

  • ndashaka Kwinjira Mwishirahamwe Bisaba Iki Kugira Umuntu Yinjire Ikindi Naco Ndashomereye Mumfashe Mundos Akaz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.