IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Isidore Rufyikiri yagirizwa kunyonyeza ibihumbi 250 vy’amadorare

Isidore Rufyikiri yagirizwa kunyonyeza ibihumbi 250 vy’amadorare

dimanche 29 Kigarama 2013

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri yagirizwa na sentare igwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta kuba yaranyonyeje amafaranga agera ku bihumbi 250 vy’amadorare y’abanyamerika yari yagenewe ishirahamwe CEBAC (centre burundais d’arbitrage et de conciliation) asanzwe arongoye.

JPEG - 47 ko
Isidore Rufyikiri, umukuru rw’urwego rw’abashingwamanza rw’i Bujumbura

Sentare igwanya abarya ibiturire n’amatungo ya Reta, mw’itangazo yasohoye yagiriza umushingwamanza Isidore Rufyikiri kuba yaranyonyeje amafaranga agera ku bihumbi 250 y’amadorare y’abanyamerika. Ni ukuvuga amahera arenga imiriyoni 250 y’amarundi. Ayo akaba yari yagenewe ishirahamwe CEBAC rijejwe gutatura amatati y’urudandazwa bidaciye muri sentare ari nawe asanzwe arirongoye.

Umuvugizi wa sentare nkuru irwanya igiturire, Alphonsine Ndizeye, yagiriza Isidore Rufyikiri ko amaze kurengutswa incuro zibiri ariko ntiyitabe. Ku bwabo, ivyo vyerekana ko agomba guhisha ivyo yagirizwa. Alphonsine Ndizeye abandanya avuga ko uwo mushingwamanza yikatiye umushahara avanye muri ayo mahera atanahawe biciye mu masezerano n’abasanzwe baratanze ayo mahera kandi bidaciye mu nzira zisanzwe zitunganije n’amategeko mu kugisha inama abo basanzwe bafatanije mu kurongora iryo shirahamwe. Ikindi kandi yagirizwa, ni kuba yarimuye aho iryo shirahamwe ryari risanzwe rikorera mu nyubakwa za CFCIB (Chambre Fédérale de Commerce et d’Industrie du Burundi) aja gukorera aho bita Ku Mugumya ata n’umwe mubo bakorana abiciye n’ikanda, nk’uko bibandanya bivugwa na Alphonsine Ndizeye.

Uwo muvugizi wa Sentare avuga ko ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta busanzwe mbere aribwo bwari bwatanze iyo ngabire ko bwagabishije Isidore Rufyikiri ko yotanga insiguro ku vyerekeye itunganywa ry’ayo mafaranga atari aho naho we n’ishirahamwe asanzwe arongoye bategerezwa kuyasubiza mu maguru masha.

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya 17 Kigarama uno mwaka wa 2013, umushingwamanza Isidore Rufyikiri yari yabujijwe kurenga imbibe z’Uburundi ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura, igihe yagira aje mu nama y’abashingwamanza basanzwe bakoresha ururimi rw’igifaransa i Abidjan muri Cote d’Ivoire. Akaba yagirizwa ko ariko arakurikiranwa n’iyo sentare nyene igwanya igiturire. Rufyikiri rero akaba yarateye ivyatsi iyo ngendo yo kumutoteza, kuko avuga ko azizwa kuba ashira ku mugaragaro ibikorwa vy’uguhohotera abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega abatwara igihugu uwo batavuga rumwe ninyagupfa, none mubona dusenga iki ? nimureke guta umwanya muhendana jewe nibaza ko mutazi ivyo murimwo. uwohora imbwa gusutama yozimara zose.

  • Ewe bantu mutwara cndd.fdd muragowe sangwa uwo mutavuga rumwe aca yinjira mwibohero mbe mwibaza ko aho muri hatari abandi, mbe mwibaza ko muzokwama ho eternellement jewe nibaza ko mwosubiza agatima mpembero mukibaza mukamenya ko isi izunguruka, ko kandi amazi ashuha ntiyibagira ibumbeho, kora ivyiza kuko gukora ikibi ntanumwe vyereye mwarabonye ivyabaye mugwanda ahahiyo ntawarazi ko havyarimana yovuye kwisi kubera iki mwironderera imivumo. mwibaza ko ivyo muriko murakora bizogenda gusa ntimusye bwose umuntu yakoze amaraso naho yovuga ngonaramenye imana narakijijwe amenye ko azobibazwa aba mu frodebu aba umuporona ana msd eka umuntu wese yakoze amaraso tot ou tard ntivyijana agize imana agapfa. kora iciza.

  • Ukwonikwabarundi bameze (tumeze) umuntumubonye arikwarahanura abandi wogiranintungane arikomumutimawiwe atahobataniye nabandi, Jewe abahutu bomu Burundi nabatutsi bomu Burundi uwabavyaye numwe bosenicokimwe, Nuwonawe yarubahutse arakoribintu batabigiy’inama n’ingingo nabobasangije igikorwa!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!?????????????????

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.