IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 22 Mukakaro

Itarike 22 Mukakaro

lundi 22 Mukakaro 2013

Igenekerezo rya 22 Mukakaro ni umunsi ugira 203 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 162 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1994: Yahya Jammeh afata ubutegetsi mu Gambie abanje gutambagaza ubutegetse bwari buhari.

JPEG - 37.7 ko
Yahya Jammeh

2010: Pranab Mukherjee atorwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubuhindi.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1804: Victor Schoelcher, umunyapolitike w’umufaransa.

JPEG - 11 ko
Victor Schoelcher

1867: Gustave Le Rouge, umwanditsi w’umufaransa.
1887: Gustav Ludwing Hertz,umuhinga muri physique w’umudagi. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muvya physique mu 1925.

JPEG - 3.3 ko
Gustav Ludwing Hertz

1890: Rose Ftzgerald Kennedy, umunyamerika wo mu muryango wa John F. Kennedy
1899: Sobhuza wa 2, umwami wa Swaziland.
1992: Selena Gomez, umkinyi w’amarerisi, umuririmvyikazi, umwanditsi w’umuziki, umuhinga muvy’inyambaro akaba n’uwikorera utwiwe w’umunyamerika.

JPEG - 6.5 ko
Selena Gomez

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1461: Charles w’7, umwami w’Ubufaransa.
1915: Sandford Fleming, umushakashatsi wo muri Canada afise amamuko muri Ecosse.

JPEG - 4.1 ko
Sandford Fleming

1932: Reginald Fessenden, umushakashatsi wo muri Canada ari ubatanguje ubushakashatsi bwo gukora i radiyo.

Ibihimbazwa

. Swaziland: Yubire y’amavuko y’uwabaye umwami w’ico gihugu Umwami Sobhuza.
. Umunsi w’igiharuro “pi” (22/7 kingana na π).


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.