Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 23 Kigarama
Itarike 23 Kigarama
mardi 23 Kigarama 2014
Igenekerezo rya 23 Kigarama ni umunsi ugira 357 w’mwaka w’2014. Hasigaye iminsi 8 kugira umwaka w’2014 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1847: Abd El-Kader, umwanditsi akaba n’umusirikare w’umurwanyi yakoze n’ivyaporitike, arashira ibirwanisho hasi. Umwe mubatanguje Reta ya Algérie.
- Abd El-Kader
1909: Albert wa 1 aba umwami w’Ububirigi.
- Albert wa 1
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1790: Jean-François Champollion, umuhinga mu nyandiko zo mu Misiri.
- Jean-François Champollion
1967: Carla Bruni, umuririmvyikazi w’umutariyano, ubu ari umutambukanyi wa Nicolas Sarkozy.
- Carla Bruni
1973: Gala Léon García, umukinyi wa Tennis akomoka muri Espagne.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
2004: P.V. Narasimha Rao, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubuhindi.
2007: Oscar Peterson, umucuraranzi w’inanga mu mudiho wa Jazz akomoka muri Canada.
Ibihimbazwa
. Mu Misiri: Umunsi mukuru w’intsinzi.
. Mu Buyapani: Umunsi wa yubire y’amavuko y’umwami Akihito.
. Muri Swede: Umunsi wa yubire y’amavuko y’umwamikazi Silvia.
INGABIRE Luc-Noël