Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 28 Kigarama
Itarike 28 Kigarama
jeudi 28 Kigarama 2017
Igenekerezo rya 28 Kigarama.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1917: Abagore baronswa uburenganzira bwo gutora.
2001: Pascal Lissouba, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Congo acirwa imyaka 30 y’ibikorwa biruhisha kubera yahemukiye igihugu yongera anyonyeza amatungo y’igihugu.
- Pascal Lissouba
2007: Haba amaziko ya Benazir Bhutto yari yishwe umunsi umwe imbere ahitwa Larkana.
2011: Muri Koreya y’Uburaruko haba amaziko y’uwari umukuru w’igihugu Kim Jong-il.
- Kim Jong-il
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1856: Woordow Wilson, uwabaye umukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika agira 18.
1924: Milton Obote, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubuganda.
- Milton Obote
1937: Jorge Nuno Pinto da Costa, umukuru w’umurwi w’umupira FC Porto. Akaba atawara uwo murwi kuva 1982.
1954: Denzel Washington, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
- Denzel Washington
1990: Marcos Alonso Mendoza, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Espagne.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1976: Freddie King, umucuraranzi w’igitari akaba n’umuririmvyi w’umunyamerika. Yaririmba umudiho wa Blues.
1999: Clayton Moore, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
- Clayton Moore
INGABIRE Luc-Noël