IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ivyigwa kuri Lycée du Saint Esprit vyahagaze ku mvo z’umutekano

Ivyigwa kuri Lycée du Saint Esprit vyahagaze ku mvo z’umutekano

lundi 25 Ndamukiza 2016, par egide

Ubuyobozi bw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda bwamenyesheje ko ivyigwa bihagaritswe kuri uwu wa mbere, ku mvo z’umutekano w’abanyeshure hamwe n’abarezi bo kuri iryo shure riri mu Gihosha, hafi y’ahabereye igitero cahitanye ubuzima bwa Général Athanase KARARUZA.

Ico kibanza kirimwo iryo shure gikikujwe n’abasirikare benshi kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’urupfu rw’iyo ntwazangangabo y’igisirikare c’Uburundi, yagandaguwe hamwe n’umupfasoni wiwe hamwe n’umwana wiwe w’umukobwa.

Imodoka y’igisirikare c’Uburundi niyo yaje gukura muri ico kibanza imodoka yarimwo Général Athanase KARARUZA, ikaba yononekaye cane kubera amasasu yarashwe, hamwe n’igisasu ca Roquette yatewe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.