IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyindi nama ihuza abarongoye ibinyamakuru n’abavugizi bo muri Reta (...)

Iyindi nama ihuza abarongoye ibinyamakuru n’abavugizi bo muri Reta irategekanijwe

mercredi 9 Mukakaro 2014

Mu ntumbero yo guheraheza ibibazo bitari vyatorewe inyishu muri rya koraniro ryahuza abavugizi batandukanye bo muri Reta hamwe n’abarongoye ibinyamakuru, kuri uno wa gatanu harategekanijwe iyindi nama izoba inyuma y’iyabaye kuri uno wa kabiri.

Ikigo CNC (Conseil National de la Communication) cifadikanije n’ubunyamabanga bukuru bwa Reta batunganije, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Mukakaro 2014, uruganda rwo gushira hamwe ivyavuye mu mubonano w’abavugizi b‘ibisata bitandukanye vya Reta hamwe n’abasanzwe barongoye ibimenyeshamakuru. Kubw’umukuru w’ikigo CNC, Richard Giramahoro, intumbero y’amanama mwene ayo, n’ukurondera gutora imikenyuro (stratégies) ibereye mu nzira yo kwongereza ibikorwa vyiza.

JPEG - 31 ko
Richard GIRAMAHORO, umukuru w’ikigo CNC

Imigenderanire ikwiye kuba hagati y’umumenyeshamakuru hamwe n’uwujejwe gutanga inkuru hagati y’umumenyeshamakuru n’abamwumviriza, hagati y’umumenyeshamakuru hamwe n’ababakurira, ivyo bikaba arivyo vyizwe muri iyo nama. Ubu igisigaye akaba ari ugushira mu ngiro ivyo bavuganye, nk’uko Richard Giramahoro, umukuru w’ikigo CNC abishikiriza.
Muvyo ikigo CNC gikwiye gukora, harimwo guhanura canke guhana ata nkunzi kugira aba n’abandi bashobore gutera imbere mu mwuga wo kumenyeshamakuru.
Kimwe mu vyasabwe muri urwo ruganda, n’uko abamenyeshamakuru bokwongera kwitaho gutanga inkuru ku mpande zose, hanyuma abavugizi nabo bakemera kuza baratanga amakuru batarinze kuraba ikinyamakuru kibituye canke umurongo ngenderwako (ligne éditoriale) w’ico kinyamakuru.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.