IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jacob Zuma aragabisha abakuru b’ibihugu bagenzi we bashaka kwiyongeza (...)

Jacob Zuma aragabisha abakuru b’ibihugu bagenzi we bashaka kwiyongeza ibiringo

mercredi 10 Ruheshi 2015

Mu nama y’ubutunzi mpuzamakungu kuri Afrika, Jacob Zuma umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo na Kwesi Amissah-Arthur icegera c’umukuru w’igihugu wa Ghana, bashikirije ko abakuru b’ibihugu bagerageza kwiyongeza ikiringo kigira gatatu muri Afrika, bakwiye gufatirwa ingingo z’ukutihanganirwa.

Muri iyo nama, Jacob Zuma yavuze ko ibiringo bibiri vy’imyaka cumi bikwiye, uwo kwibaza ko ari bito ari ingorane. Muri iyo nama icegera c’umukuru w’igihugu wa Ghana, afatiye ku biriko bibera mu Burundi, Kwesi Amissah-Arthur agira ati :’’Ico kibazo gitegerezwa kuvugirwa mu nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika mu ndwi iza, i Johannesburg’’. Abandanya avuga ko mu bihugu bihurikiye muri CEDEAO vyashizeho iryo tegeko ry’ukutarenza nabo nyene ibiringo bibiri, gutyo bikaba inyishu y’umutekano ku bihugu vyabo.

Ku bwa Jacob Zuma umukuru w’igihugu c’Afrika y’Epfo rero, inyuma y’intwaro z’agacinyizo zagiye zibonekeza inyuma y’ukwikukira kw’ibihugu bimwe bimwe , abanyagihugu b’Afrika ubu bakaba batemerera abakuru b’ibihugu vyabo bashaka kubatwara batisunze intwaro rusangi, canke bobatwara uko bashatse.

Atanga akarorero aho mu Burundi, igihugu cari kimaze imyaka cumi mu mahoro, ariko kuva aho Petero Nkurunziza ashakiye kwitoza ubwa gatatu, ndetse akerekana ko we, amaze gutwara ikiringo kimwe gusa, abanyagihugu nabo bamwagiriza bibiri, ivyo vyatumye haduka indyane, imyiyerekano iraba, iyo nayo yanahitanye abantu ndetse haba n’abashatse kumukura ku butegetsi ku nguvu biranka.

Abo bategetsi bose babona ko ibiganiro ku kibazo ca poritike mu Burundi bikwiye, gutyo indyane zigahagarara.


IGIHE

Messages

  • none amakungu ntiyodukurak uyo mugabo ashaka 3eme manda tukaronk amahoro komeze mumudukureko

  • Uraba wumva pierre niww ubwigw, vyukuri urarambiy isi en gnral(UBURUNDI en particulier)!!raba wisoze ivyo wakoze birahagij!!amaavoka watey ntiyeze, pdt 10ans wubats amashure arik abana bari munzu, raba usezere turarush!!
    Mbabajw n’umwanya nataye nkorera umugambw none usize uwutataguye,

  • Nyakubahwa JACOB nimukomere asha mumufatire ingingo zimuhana ashaka kudusubiza kuri kabajende. Abarundi turarushe ivyakora vyose yumve ko ari mwicupa kuko icupa bagusizemwo nturonka naho uhemera abo bose bari kumwe mwitegure kubazwa amabi mwakoze.

  • aho bigeze nkurunziza mumureke atware none ko muguma mu runwa runwa amanama adahera muca imigani ibiganiro bidahera mu mwiza mu kanwa ntaho mutaniye naza nama 1994 mu gwanda zirwaga ziba mu makungu bababwira ko abantu bashize bakavuga ko bapfa amatongo igihe mwaririmbiye ikiringo ageze aho yitoza muvuga inama ya EAC bose bishakira ikiringo ca gatatu ngira museveni we ashaka ikiringo ca 10 none vyiza peter niba yabananiye reka adutware none mugira iki amanama atakamaro jewe ndarushe aho bigeze natware

  • Worya bike ukaryama kare. Habaye imbwa yaciye kuruzi ifise inyama mu kanywa, iriko iragendagendera kumigogo ijabuka igize gutya ibona iyindi mbwa mu mazi ifise inyams, ariko cari igitutu cayo naho itabimenye. Yaciye yigira inama kwaka iyo yindi inyama ifise. Yasamye ngo ifate, ikubita imunywa mu mazi, yanyama yari mukanwa ica ikorokerayo nayo ikorokera muruzi, iba iraruvogeramwo. Ndavuga simvura. Akataretse kaba gasema! Uwuri n’ugutwi niyumve!

  • Turasavye ko bokora ibishoboka vyose kugira hagaruke umutekano kugira ntiharwe ibara mu Burundi kuko igihugu kirageramiwe.

  • Uvyiyumviriye Wosanga Nkurunziza Baramuroze. Agitangura,gutwara,twagira,n Umukizwa,munyuma,dusanga Siwe! Ubu,harihageze,ko Yihana Akisabira Imbabazi Kuko Uhoraho,yamana Imbabazi.Igihugu,cogira, Amahoro Natwe Tukaba Amahoro.

  • Uvyiyumviriye Wosanga Nkurunziza Baramuroze. Agitangura,gutwara,twagira,n Umukizwa,munyuma,dusanga Siwe! Ubu,harihageze,ko Yihana Akisabira Imbabazi Kuko Uhoraho,yamana Imbabazi.Igihugu,cogira, Amahoro Natwe Tukaba Amahoro.

  • Uvyiyumviriye Wosanga Nkurunziza Baramuroze. Agitangura,gutwara,twagira,n Umukizwa,munyuma,dusanga Siwe! Ubu,harihageze,ko Yihana Akisabira Imbabazi Kuko Uhoraho,yamana Imbabazi.Igihugu,cogira, Amahoro Natwe Tukaba Amahoro.

  • Nimugafatire ingingo igakwiriye ako kagabo kigira kananirabahinga ngo ni Peter nkurunziza

  • uwomugabo,arikonipasiteri.cankenisatani?ndabaza!uwonumurozi kandiaragwaye

  • Uburundi bwaranyegewe kweri!
    Hari hakwiye mu vyukuri ibiganiro hagati ya Nkurunziza na barya bose bamuboneye izuba babarizwa ubu muri Senat. Ndavuga Bagaza, Buyoya, Ntibantunganya na Ndayizeye. Ico gisoda n’igipolisi ca Cndd-Fdd yitwaza nico kizomuhumira.

  • Erega Ingorane N,uko Amakungu Ariyo Yifuriza Amahoro Abarundi Ariko Uwundiwe Yifuza Kubahonya Agasigarana N,akagwi Kiwe K,abicanyi.Icoatamenya N,uko Abarundi Baheze Ariwe Azoba Ashikiriwe

  • Emwe Farawo Yabandanije Gukomantazumutima Hasigayeko Imana Imukorerako.

  • ikibwirwa nicunva icerekwa nikibona azohava amera nka idiamini dada wa uganda yabuze uwumuha indaro.

  • NSANZE MUTAGIRA UBWENGE! AKO KARWI MUVUGA K’ABICANYI NGO KA NKURUNZIZA MWARAKABONY MUTABESHA? NASHAKA NDABABWIRE KO HAMWE IVYO MUVUGA VYOBA MWESE MWOCA MWOMOKA KUKO S.E PIERRE NKURUNZIZA ASHIGIKIWE N’ABENEGIHUGU ISINZI KAND B’IBIHANGANGE! MWADUCOKOYE KERA IMANA IRADUFASHA TURIHANGANA MUGA HAR’IGIHE IMANA IZOBAKURAKO AMABOKO. NTANZIRA N’IMWE ISHIKA ATARI AMATORA NAHO UMENGO NTAMATWI MUFISE! NKURUNZIZA NI AHANGAME NSANZE MUTAGIRA UBWENGE! AKO KARWI MUVUGA K’ABICANYI NGO KA NKURUNZIZA MWARAKABONY MUTABESHA? NASHAKA NDABABWIRE KO HAMWE IVYO MUVUGA VYOBA MWESE MWOCA MWOMOKA KUKO S.E PIERRE NKURUNZIZA ASHIGIKIWE N’ABENEGIHUGU ISINZI KAND B’IBIHANGANGE! MWADUCOKOYE KERA IMANA IRADUFASHA TURIHANGANA MUGA HAR’IGIHE IMANA IZOBAKURAKO AMABOKO. NTANZIRA N’IMWE ISHIKA ATARI AMATORA NAHO UMENGO NTAMATWI MUFISE! NKURUNZIZA NI AHANGAME KUNGOMA!

  • intwaro iraborera mes chers burundais!ndibaza ko yipfuza kuzopfa nka mobutu yabuz n’uwumuhamba

  • NKURUNZIZA must step down so that Burundian can have peace.

  • Genda wavuganeza mutama hubwo uhoraho abafashe mubumvishe kk nkabose nivyobifuza kwiyongra.

  • Uwutosora ifuku yamizayo akatsi!mubandanye muhanura ariko aho bigeze ntavyo yumva ntawuzi ko ashaka kumera nk’ugutwi kw’intama kwumva guhiye!

  • nimukebure ndibazako mwebwe yobuvira murakagir ubushinkantahe iman izirabaha ubushinkantahe bwokuvugishukuri

  • Uwahagarikiw ningwe aravoma,kndi uwahaw n’Imana yiyta umuhnga mbe kobiyta ibihngange,libiya ubu havurw’amki?ntabagbo dusigarnye baknda afrika,ibiturir,inda ndend,nivyo biraturnga.tuzkwama dutez’amashi ahok8ronderra ivyodutzimbere.ewe afrika we uriw nabaw!!ariko ruriy uburundi rutabibagiye.

  • Ze Murahanura Ba Nyakwubahwa Mwe Mwamaze Kumenya "Demotie"ico ARi Co.Muje Murasemerera Muri Izo Zidasanzwe Zibahuza.Mukomere Kw’ibanga Nakare Ngo"umugabo Agirwa N’abagabo".

  • Ntangazwa cane nabo bari inyuma ya Nkurunziza bavuga ngo Imana Imana izobafasha ngo bararenga kuva muri kahise, mbe Imana ninyamabi nkamwe, kuki mutibaza impamvu Isi yose habura numwe ari inyuma ya Peter? Hama mukitwaza amoko gusa kugira mubone majorite, muhenda abanyagihugu batobato. Ivyo Imana iravyanka cane. Mureke ubuhimbiri mukunde igihugu hama igihugu gitekane gitere imbere.

  • Nimwerekano aho muhagaze vyukuri mureke discours politique. Mwaradufashije mukugarukana amahoro kandi iyoba atari boulimie yateye nkurunziza twari tubaye mu mahoro none adusubije mu ntambara.Mufatire ibihano ntihagire igihugu nakimwe ajamwo. Indege zikunda kugira escale mu bihugu vyanyu,mufatire ingingo

  • Jewe nibaza ko Peter yoba afise plan yo kuzimanganya umugambwe wiwe CNDD/FDD kuko turavye ukuntu aguma adadaza kandi amakungu yose yaramuhagurukiye n´iyo yotorwa ku nguvu ntiyotegeka ngo bikunde neza. Iyo yemera agaheba iyo mandat, CNDD/FDD n´ubundi yotsinze amatora avec un autre président kandi ukaguma ari n´umugambwe ukomeye.
    Ariko kubera kudadaza, abamurwanya ntawuzi ico bazocako kugira atsindwe kandi ingaruka kuri we no kuri famille politique yiwe zoca ziba nyinshi kandi mbi gusumba. Biraboneka neza ko adakunda son parti canke igihugu hamwe n´abo yita ko basangiye ubwoko ntabo akunda na gato. Ou bien arikunda cane akavuga ati "après moi le deluge" canke afise plan yo gusambura afatanije mu mpisho n´abo yita ko ari abansi ahubwo ahenda abo yita ko bari kumwe. Ni ukuraba neza. Ni kimwe muri ivyo.

  • umuntu yihweje ibiba muri afirika vyari bikwiyeko bose baba imboneza.ariko muburundi twese twacitse impumyi.nkuru ngo manda moja.reta ye mandat moja,abandi batarikumwe mandat mbiri.mwumva atari yesu avuga ko 1 1=1 ntawundi kiretse piter nabiwe. yemwe nimba dukunda igihugu dukurikize amategeko.hama zuma nawe nashigikirwe .abigira ngo bakundwa nabanyagihugu bamenyeko amata acafuzwa nakantu gato cane na peter ngira yokwiga kuvyo amaze kubona akava ibuzemu akaja ibuntu maze akugurura amaso akabona.

  • aÅ•abagabisha ka nde .namenye ibimureba ndabona ashaka kwihira umupolisi wa Àfrica

  • uvyanka uvyemera! ukindugaramye wubamye wicara! amatora azoba meza cane!!! jewe numvirije ivyiyumviro vyabadashigikiye intwaro ihari ndabagereranya n’UTUBEBA MUSHUSHWE twanka abantu kandi aribo badutunze tubayeho kubwabo. mwanka mwemera amatora azoba kandi tuzotora nkurunziza

  • hew ukazokumva nakamoto kayomatora urikuhayagiza uzovuguti beneburundi ntibavyaye basheshumwoyo

  • ewerenovatowe niwigerawumva nakamotokayomatora uhayagiza uzocuvuguti abarundintibavyaye basheshumwavu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.