IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunyarwanda Jacques Bihozagara apfungiwe mw’igendereza ry’Uburundi

Umunyarwanda Jacques Bihozagara apfungiwe mw’igendereza ry’Uburundi

mardi 8 Kigarama 2015

Jacques Bihozagara yahoze ari umushikiranganji mu gihugu c’Urwanda ari mu minwe y’ibiro vy’igendereza mu Burundi.

Amakuru dukesha itorokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP,amenyesha ko umwe mu bategetsi b’igendereza mu Burundi yemeje ko Bihozagara Jacques yahagaritswe yikekwa kuba akorera igendereza ry’igihugu c’Urwanda.

Ayomakuru y’ihagarikwa rya Jacques Bihozagara yemejwe kandi n’umunyamabanga wa mbere mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi Fidele Munyeshyaka.Yavuze ko bazi ko yahagaritswe ariko gushika ubu batazi impamvu.

Umutegetsi mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu yamenyeshejeko batewe amakenga n’ihagarikwa rya Jacques Bihozagara nkuko vyama ku wundi munyarwanda wese ahagaritswe.

Yavuze ko kuva akukurutse,Jacques Bihozagara yahora yama agira ingendo mu Burundi aje mu mirimo yiwe .

Kuva umugambwe CNDD FDD utoye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo yitoze gusubira kurongora Uburundi,abanyarwanda batari bake barahagaritswe bongera barungikwa mu gihugu c’Urwanda.

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda yagiye iratituka,Uburundi bwagiriza Urwanda kuba ruri inyuma y’imirwi itera Uburundi,


IGIHE

Messages

  • Ubutegesi bwitwa ko ari bwa Nkurunziza akanyeshamba ntikarabaheramwo. Bikunyugwa kandi nuguha akazi abatabishoboye.
    Muzokwama mugwa murudubi gushika ryari ?
    Canke ushobora gusanga arimivumo y’Imana.

  • ntivyorosh kuba mu burundi, hasigaye ko Imana ariyo yikorera.

  • Ni Bamureke Yitemberere Kuva Kera Na Rindi Uburundi Bwamye Ari Nyabagendwa Kiretse Bihinduwe Na Peter Nkurunziza.

  • None abo banyarwanda ntibizwi ko binyegeje inyuma y’abarwanya uburundi!None yari aje gukora iki?

  • Nakubitwe inembo hanyuma acirigwe urubanza rumukwiriye Kagome aheze amenye ko rutitaha ufatiye kumajambo Kagomr aherutse kuvuga ntidukeneye umunyarwanda yogira ingrndo izarizizose ngaha!!!"""""

  • Nibamubohe. Yishe abahutu benshi mu Rda.

  • hewe nda babwire inyamanza yanvunze cane yiha magarira agaca namwe abanya gwanda mugire ico mwubaha mwari muje muburundi guhunga banya umute kano mutumwe nakagame ugworuzingo rupima ikiso 1ngohama gwazo sho bora uburu ndi rindiramura mwa bizingo vyabanyagwanda.

  • Izi nyeshamba president Buyoya na Dometien bahaye igihugu baradukwegeye,abarundi tutaziviriye hasi ziratumara.

  • Mbega Leta itanzi ico irakora bavuye kuri Louis Michel bageze kuri
    Jacque Bihozagara Imwemere gutanga ubutegetsi politique irabagoye abize bose mubagize impunzi mumakingu musigaranye Nyamitwe na Gasto mbega Burundi urahonye

  • humura urwanda nta murundi ruzigera rugirira nabi kuko rurazi neza imibanire y ibihugu aho murengera kubanyagihugu mufunga uko mwishakiye ngo aho rero mwakoze politique buracya bugacyana ayandi ugwanda gwakiriye ndadaye ariga arakora , urwanda rwakiriye adolphe ariga na abandi benshi muzi nubu rwakiriye abandi b abahutu canke abatutsi rwakira bose abantu barapfa ariko igihugu kigumaho bagenzi ugwand rurazi agaciro k igihugu kibanyi, urwanda rwabatangiye amahera muri EAC kabe ingani umuhutu umuvura ijisho bwaca akarigukanurira none ga sha tubeho gute tuzibako n ababirigi twigw dutuka bwakey digidigi n iwabo ati pi gusaba, no kwisigura , union europeen twashinja ko amahera yari yaratugeneye iya abagwanyi ngaho bwakeye baturihiye iticket dusubire kwisigura turabe ko badutezurira naho twababwiye nabi ehhh burundi turavahe tukaja hee

  • humura ugwanda nta murundi ruzigera rugirira nabi kuko rurazi neza imibanire y ibihugu aho murengera kubanyagihugu mufunga uko mwishakiye ngo aho rero mwakoze politique buracya bugacyana ayandi ugwanda gwakiriye ndadaye ariga arakora , urwanda rwakiriye adolphe ariga na abandi benshi muzi nubu rwakiriye abandi b abahutu canke abatutsi rwakira bose abantu barapfa ariko igihugu kigumaho bagenzi ugwand rurazi agaciro k igihugu kibanyi, urwanda rwabatangiye amahera muri EAC kabe ingani umuhutu umuvura ijisho bwaca akarigukanurira none ga sha tubeho gute tuzibako n ababirigi twigw dutuka bwakey digidigi n iwabo ati pi gusaba, no kwisigura , union europeen twashinja ko amahera yari yaratugeneye iya abagwanyi ngaho bwakeye baturihiye iticket dusubire kwisigura turabe ko badutezurira naho twababwiye nabi ehhh burundi turavahe tukaja hee

  • humura ugwanda nta murundi ruzigera rugirira nabi kuko rurazi neza imibanire y ibihugu aho murengera kubanyagihugu mufunga uko mwishakiye ngo aho rero mwakoze politique buracya bugacyana ayandi ugwanda gwakiriye ndadaye ariga arakora , urwanda rwakiriye adolphe ariga na abandi benshi muzi nubu rwakiriye abandi b abahutu canke abatutsi rwakira bose abantu barapfa ariko igihugu kigumaho bagenzi ugwand rurazi agaciro k igihugu kibanyi, urwanda rwabatangiye amahera muri EAC kabe ingani umuhutu umuvura ijisho bwaca akarigukanurira none ga sha tubeho gute tuzibako n ababirigi twigw dutuka bwakey digidigi n iwabo ati pi gusaba, no kwisigura , union europeen twashinja ko amahera yari yaratugeneye iya abagwanyi ngaho bwakeye baturihiye iticket dusubire kwisigura turabe ko badutezurira naho twababwiye nabi ehhh burundi turavahe tukaja hee

  • IPEREREZA ryacu turarishigikiye IMANA ibane Naryo Irikoreshe ibitangaza mukore neza basha mwisunga ukuri izo ntonyotsi z’urwanda ziza zirikinga inyuma y’ikibi n’binyoma muzereke ko ata Ntambwe zizoduterana UBURUNDI ntabwo buri munsi yurwanda bihana imbibe nivyubahane

  • Please bavandimwe babarundi, ntamuntu uz’Imana kandi wize akamenya ko kubananeza aribyo byagaciro kandi ko gukunda amahoro ukanayaharanira aribyo bizatuma dutera imbere. Abarundi na Banyarwanda turabavandimwe, nkuko abarundi bari murwanda ntamuntu ubahohotera namwe birakwiye ko mutohohotera umunyarwanda. kuko ibibazo vyabarundi bitatewe nabanyarwanda. sibo batumye abarundi bangya mumihanda ngo baramagana H.E PETER, ivyabanyapolitike babarundi babeshera abanyarwanda sibyo nahato. kuko ntanyungu nantoyi urwanda rufite mumutekano muke muburundi.

  • Ni bamubohe pe yanje gukora iki

  • None uyo munyarwanda yaraje gukora iki mu Burundi? ntanumwe atazi ko Uburundi n’urwanda batagifise imigenderane mwiza. Urwanda rwa Kagame ararutukishije basiiiii!!!Abo banyarwanda ntitubakeneye mu Burundi kuko benshi muribo n’abicanyi utanguriye kuri Kagame

  • Kubera iki umu DD iyo arwaye yihutira kuja kwa muganga! Mbe uko gutinya gupfa ukica abandi!ubujuju rero ni ubwo! kwipfuza ko uwundi amererwa nabi gushika kumwica, ni ubujuju buri inyuma y’ibindi vyose. abahitiye batumwa kwica ubu bararemvye, bicwa n’ababatumye; qui tue par l’epee perira par l’epee. Ntushire agati muryinyo ngo nuko uno munsi musabira urupfu abandi, ikinogo c’iwawe kiguma casamye kandi kizokumira!

  • mbe wewe uvuga ko atabanyarwanda ukeneye ubivuga nkande? ufisivyiyumviro bishaje. ubu turashobora kuba mubihugu bigize akarere kubuseruko

  • Abo banya Rwanda bafadikanije na Kagame barihenda caaane mukuguma bitiranya UBURUNDI na CONGO,bibaza ko rwitaha kurya kwo muri Congo,M23 muburundi Bwanyaburunga kandi Bwamata n,ubuki ntishoboka,nibateshwe bate,Gitwagwa na BAGABO bijunja n,ijambo.

  • Ibi vyerekana incompetence mu nzego z’igendereza z ’u Burundi kuko ntibazi kugendereza badafunze?!! Ehe nawe ujabuka umupaka uri umunyarwanda ukumva bakugejeje mu gasho ngo uri umusumwi w’urusaku utazi nuko bikorwa hahahahaaaaa on aura tout vu nukuri!!

  • abarundi aho mwihenze gufunga uwo mutama wacu ntimwihende ngo mumukoreho ikintu,ahoho twamanuka ndakurahiye aho mwahereye nakanyaro kanyu,tutabapiga,mumurekure vuba nabwangu.

  • jewe kubwiwanje mbonako stari umwanya wokuvuga amajambo menshi kuko ntaco bihindura. kimwe gusa kuba bamufashe bishobokako hari amakuru yiwe bafise bakeneye kumenya ko ari ayukuri canke ibinyoma kuko Niko kazi kabo.

    hanyuma bafashe umunyagwanda nkuko bofata uwariwe wese bafise ico bashaka kumutohozako nyamba atakimwangira azarekugwa ubujambojambo siwo muti

    ahubwo ubutungane bwurwanda nubutungane bwo muburundi nibikorane kugirange umuco uboneke hisunzwe amategeko ntavogegwa.

    hanyuma abantu mutanga ivyiyunviro mukwiye gushiramwo ubwenge bwisnshi mugatanga iciyunviro cubaka kandi ataho mwegamiye. murakoze

  • Abanyarwanda iyo baba abandi bokwitonze. Kahise katubwira ko intambara zose zabaye hagati y’Urwanda n’Uburundi , abanyarwanda ntibigeze baronka amahirwe yo gutsinda abarundi. Baribuka ayobaboneye mukirundo arinaco zatumye hitwa mukirundo kubere umurundo wibiziga vyabanyarwanda. baribuka ukuntu babuze SHINGE NARUGERO bagasubira murwanda biruka. Barazi ko baje kudutera tugaca tubirukako tugaca tubatwara n’intara ya BUGESERA? Barazi ayobaboneye muri CONGO bahuye na ZULOU ikabavugutira umuti gusika aho hari n’umusozi abobanyarwanda nyene basize bise izina ngo ni " RUMARANGABO" ? Hahahahahaaaaaaaa. Ingabo zacu zirangwa n’ubwitonzi , ubukerebutsi, ubunyarutsi n’inguvu nkakurya kwintare. nakare bambaye inkofero icafyeko umutwe w’intare. Uwuzorukarisha ruzomumwa

  • jewe kubwiwanje mbonako stari umwanya wokuvuga amajambo menshi kuko ntaco bihindura. kimwe gusa kuba bamufashe bishobokako hari amakuru yiwe bafise bakeneye kumenya ko ari ayukuri canke ibinyoma kuko Niko kazi kabo.

    hanyuma bafashe umunyagwanda nkuko bofata uwariwe wese bafise ico bashaka kumutohozako nyamba atakimwangira azarekugwa ubujambojambo siwo muti

    ahubwo ubutungane bwurwanda nubutungane bwo muburundi nibikorane kugirange umuco uboneke hisunzwe amategeko ntavogegwa.

    hanyuma abantu mutanga ivyiyunviro mukwiye gushiramwo ubwenge bwisnshi mugatanga iciyunviro cubaka kandi ataho mwegamiye. murakoze

  • Hh uburundi kweri ese mwumva mwaba mugihugu cyanyu gusa? Cyane ko mutanihagije njye mbona intambara mwifuza nurwanda itabahira mean I bomber an octane ko ntanigisiririkare mugira nukubahondagura mugaseba mubona abanyarwanda bicecekeye mukagirango muturusha imbaraga she? Nubundi ngo ingunguru irimo ubusa niyo isakuza

  • Kubatwarahagaritse umunya Rwanda ninkuko ubururundi bwohagarika uwariwo wose ,ukwiganza kwabanya Rwanda aho bari hose ntabwo buzigera butera ubwoba abarundi. .rero murabe mugendere make kuko Uburundi subwo gukinishja bufise abagabo sabana.Mugeragezemugire ivyo mushaka ariko ntamahoro namwe muzopfa muronse mugihugu canke canke ahari umunya Rwanda wese kw’isi.

  • @ Kavakure

    Harya ngo u Rwanda rwakiriye Ndadaye na Adolphe mbe ko wabagira ko u Burundi bwakiriye abanyagwanda kuva muri 1959, ushaka kuvuga ko ari u Rwanda rwagiriye neza Abarundi gusa. Ngo umuhutu umuvura amaso akayagukanurira, umututsi nawe umuvura amavunja ati ngo twiruke. Aho urazi abantu bagiye bafatigwa ngaha mu Burundi bagasubizwa mu Rwanda none bakaba baheze muma prison ariko bo bakiriye abashaka gukora kudeta nabafasha abahungabanya umutekano mu gihugu cacu none ntibabaduha ngo bakubitwe intahe mu gahanga, mbe ubundi baza gukor’iki mu gihugu gikenye ko birata ngo bafise igihugu gitey’imbere ni bagume mu bukire bwabo batureker’ubukenye bwacu. Mwirirwa muririmba ngw’abategetsi bu Rwanda bazan’iyiterambere, ngo mu Burundi ntacakozwe nonje baza kuhashak’iki?

  • Iki gihugu ntabashingantahe kikigira mbe bagiye hehe gayemwe? Ndumva uRwanda ntiruhubuka kandi ntabwo rwirirwa rubwejagura nibareke izo mbwebwe sans maturite ni diplomacy zirirwe zihuma naho abanyarwanda tubihorere dukomeze dj kore

  • Aha, nyamara umubanyi ni we muryango.

  • Yooo abarundi murababaaaaaje, nimwe mukwiye gusengerwa kurusha abandi bantu bose. Igihugu kijya kujya munama kigasaba i yicket koko??! koko? None ngo ntabandi bantu mukeneye mugihigu cyanyu. Abarundi ibintu bari gukora ubu inye. Abana babo nibo baza byishyura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.