IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyaru : Abanyarwanda bashaka kwinjira mu Burundi basubizwa (...)

Kanyaru : Abanyarwanda bashaka kwinjira mu Burundi basubizwa inyuma

jeudi 8 Gitugutu 2015, par egide

Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane nta munyarwanda n’umwe yemerewe kwinjira mu gihugu c’Uburundi. Abinjira baciye ku mupaka Uburundi buhana n’Urwanda uri ku Kanyaru bakaba basubizwa inyuma.

Bamwe mubari mu miduga yunguruza abantu bamenyesha ko abanyarwanda bari muri iyo miduga batemerewe kwinjira mu Burundi kuri uwu wa kane, ku mvo batamenyeshejwe.
Abaporisi benshi bari bazibiye, imiduga hamwe n’amapikipiki vyunguruza abantu bikaba vyahagarikwa, abarimwo bagategerezwa kwururuka, bagasakwa, bakerekana n’ibibaranga. Nta munyarwanda n’umwe yemerewe kwinjira mu Burundi, ariko abanyarwanda bava mu Burundi baja mu Rwanda bakemererwa kurengana ata kibazo.

Umubano hagati y’Urwanda ukaba ugenda utituka, kuva aho Reta y’Uburundi yagirije igihugu c’Urwanda ko gifise uruhara mw’ihungabana ry’umutekano mu Burundi, mbere ubutegetsi bw’i Bujumbura bukagiriza ubwa Kigali ko buhaye indaro bukongera bugakoresha imyimenyerezo ya gisirikare imirwi iriko yitegurira guhungabanya umutekano w’Uburundi.

Ukwo kwankira abanyarwanda ko binjira mu Burundi vyabaye inyuma y’umunsi umwe gusa Reta y’Uburundi ifashe ingingo y’ukwirukana (Personna non gratta) ku gataka k’Uburundi Desiré Nyaruhirira, umuhanuzi mukuru mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ikaba isa nk’iyatanguye gutosekara kuva aho Petero NKURUNZIZA afatiye ingingo yo gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuwa 26 Ndamukiza 2015.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mbega ugwanda narwo rwofata ingingo bakugara umupaka wabo nibande bohomba kombona abarundi kugirengo baje kurangura ibuganda baca mu Rwanda.

    Abarundi canecane ubutegetsi butemewe namategeko mwarabuze ihero ryimiti

  • Nyakubahwa kagame,urabona akogasuzuguro kiryambwa nkurunziza!!!tanga itegeko twinjire muburundi guhanimbwa

  • Shiriraaaaaa sure yes we cane muratubwirakohageze twikorere ibikorwa. Dutegerezwa vyasebikunze guhorera aba Congoman bahondaguwe nabanyarwanda baribahungiye Congo bakicwa hakabura kivugira nibikoko kandivyishwe bigira kivugira handese abantu milion zirenga 6!!!.

  • ivyo muburundi nu gwanda biratangaje je ichombona chokogwa umu jyango wa frica wo sukamo mabisi hakirikare amazi a tararenga ingombe

  • ivyo muburundi nu gwanda biratangaje je ichombona chokogwa umu jyango wa frica wo sukamo mabisi hakirikare amazi a tararenga ingombe

  • Ico nohanura abajejwemutekano mu Burundi nuko boreka gukoreshwa nabi na Peter kuko bucahava ariko bobazoguma bakora ndabasavye ntimwiteranye kubabanyi bacu babanyarwanda

  • nibabazibire.ntihagirenumwe.asubirakwinjira.mubitegurenibaza.muzobamese.muberekeko.atarokongo

  • Natekana tuzamufatisha amaboko atekerazako kubuza kwinjira ariwo muti!narindire!

  • abobaporisi kakwiye agashimwe nabari mugihugu hagati ariko atemera reta twatoye muhuye kubita ajiwabo

  • Abo baswa se ibyo barimo ubwo barabizi. Abarundi nibijuju

  • Murabe maso bahungu naho hakurya harinkoma Mbi twame twibuka ivyoKagame yakoreye Congo ahohakurya. Rero ntagire ngo ni harya ubu nuburundi azohahongikera ijigo.

  • none ababuza abanyarwanda kujabuka baza muburundi ni kuruhande rw’urwanda canke nikuruhande rwuburundi? abo bakurubakuru nibakemure ibibazo bafitanye banyarucari batagwa mumpirera.

  • nonese uwo niwo muti wikibazo babonye? barabura kubanza kurangura ibiganiro ?bagahitamo kubuza imigenderanire hagati yabanyigihugu ubwabo!

  • nonese uwo niwo muti wikibazo babonye? barabura kubanza kurangura ibiganiro ?bagahitamo kubuza imigenderanire hagati yabanyigihugu ubwabo!

  • iyo ningingo nziza kuko bituma amagrenade abanyevyashara nabanditutazi bomugwana binjiza agabanuka kwinjira.
    iyu ngingo igumyeho ukwezi kumwe grenade zogabanuka

  • Bomore kubutaka bwacu izo nyenzi

  • Oya Vraima AKo Nagasuzuguro,baturire Volcano Kwel?Nyakubahwa Kagame Zibira Naw NTihagre Umurund ASubra Kwinjra Mughugu Cawe,plus Namamodka Yose AZana ITerambre Muburundi Nacanecane Abaja Kuragra Za Ougnda,kenya,nabirya Biduga Bizana IGtoro Vyose Turab Kwatariw AHomba.Abanz ABur Ikori.Peter ARagayany NDake.

  • Ubuyobozi bwa leta yuburundi bwa twitse ibiro bya volcano mbona bushobora gufata u Rwanda

  • U Burundi hari igihe bibaza ko ari nka USA. hahahaaa, ntaco turusha CONGO, nta naho duhuriye nayo, dushatse rero twirinde gusotora abavandimwe b’i rwanda kuko ntituzi nimba intambara twoshoza twoyitsinda, na congo niyo yabanje kubashotora ibika interahamwe, ivyakwirikiye murabizi!!

  • nivyiza nibabandanye babereka umubano nkuwigihere nkurumbi nibijuju bakorana bibaza ngo barahambaye ntibazi ayo mobutu na havyarimana kagame yabakoreye imbere yabo nkurumbi ni nkagasurira narindire gato azobona icarico RPF.

  • Eeeeeeee!yemweyemwe muburundi nidanje sinumv’ukuntu idrapo yacu iguma irijuru kandi kumusi kumusi hatorwa ibiza 10canke bir nga, ngirango numviriz amaku mugabo amakurushaka sinumva amakurunumva ntahobitandukaniy namatangaz yokubika

  • Ahubwo bari baratevye,mbe hoho vyagenze gute ngo inyenzi zitwuzurire mu gihugu ata muhutu aja kuba mu rwanda,abo si abantu bo gutunga mu gihugu nibatahe i wabo baje kuryana entre bo.Ntimwibagire ya minuko y’abanyamulenge,izo mbwebwe zirasesemye.

  • Kuvangura abantu ufatiye ku gihugu canke intara bavukamwo ni ivangura rihanwa n’amategeko mpuzamakungu. Nkurunziza ni arukarishe ruzomumwa. Ubu hoho ngo na compagnie Volcano y’abanyarwanda ngo baraye bayituriye ntawuzi ko bidafitaniye isano. Ngo na Ambassadeur wa Belgique leta ya Nkurunziza yamwatse uruhusha rwo guserukira Ububiligi no kuba mu Burundi.
    Nzoba mbona izo ntambara za diplomatie ko Nkurunziza azozitsinda. Mbega i mandat !!!

  • namaze kubona ko ikibazo kili muburundi atali politique ahubwo nubintu bitatu1.ubujiji 2 . ubusambo 3. guta umutwe. ntimushakire ahandi

  • Abobabuzwakwinjili,nibubahilizeiryotegeko,bobobazamuburundigukoliki?babonaatamutekano?cankebobabazanweniki,kubasubizinyumanukuzikingilizoncutizacuntigwemumpolelo,bagahatilakona,gwintabaligwa,yabalinukwamaso...

  • abarundi nimba arabagabo nibafunge imipaka ntihagire uwinjira cyagwa usohoka maze turebe uhomba ali abanyarwanda cyagwa abarundi. ndifuza ko babikora . nzineza ko alibo bavuza induru ko bali basazwe bafite ibibazo noneho basara burundu . nibapime babikore . nimwe mwasaba ibiganiro mbere.

  • @yohani petero
    Peter mureke agerageze,kandi azozitsinda mumaramare,ayo ma diplomacies yareke izo nyenzi nizituvire mu gihugu zaratwivye ziratwica mu gusubira i wabo,habananiye amakoli ya kagame abarembeje muhinda mugaruka iwacu,tembagara musubire i rwanda n’abanyamulenge babakulikireyo kuko congo nabo si rwabo,izo za volcano on peut s’en passer bandes de mafiosi genda mugirane nko muri somali kuko niko muremye,ibinywamaraso,ayo maruru muvuza ni ayiki?
    Muza gutambikiza mu gihugu cacu mukaturenza amajwi,turavyanse subira i wanyu abarundi bariyo nabo mubarungike si vous voulez

  • Jewe sindamenya ko Eac ikibaho canke yafuswe!

  • Uwagusize mu iterambere aba yagusize muri byose.agatsiko kayoboye uburundi gashaka ko ikibazo kateje mu burundi gihindura isura kikaba icy’akarere,ariko uwo mutego twe ntitwawugwamo abanyarwanda duciye akenge mukumenya uko twitwara mu bibazo binakomeye kurusha ako ka bamwe mu barundi bagitekereza nk’abo mu 1959.naho ibyo kurwana byo ndakeka ko iyo mu bivuga muba muri guha ururimi umunyenga kuko fdd imbere ya RDF ari ubusa butabonwa n’ijisho.imibare iroroshye.murasiye isasu ku kanyaru 5h du matin RDF yarasira iryanyuma i bujumbura bitarenze 8h du matin.ni ukuvuga ko mu masaha atatu gusa imirimo yaba yongeye gukorwa mu gisagara ukuri kwamye nk’uko mubivuga.ngaho muzagerageze!

  • @miweto
    iyi myidogo y’inyenzi hano si iyabantu bafise ubutunzi mu gihugu cabo,ivy’ingwano navyo kubaga abagore n’abana muri congo inyama mukanikira ku gasozi ,irya natwe twoyishobora.Ntawe mukanga i burundi.
    Mbe ko muvuza amaruru nimwugare namwe imipaka ,murindiriye iki?Impunzi muzigumirize ni zenewanyu.

  • ariko fidélité ndasavye bazogushire muri guiness record yumuntu wa mbere azi kudahwa Hahahaha nimba Uri umugabo cank umugore let me tell u that u Are an idiot and stupid i ve ever read in this world..g pitié de toi...Wait and see time will tell

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.