IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi : Abantu bane nibo baraye baguye mu gitero

Karusi : Abantu bane nibo baraye baguye mu gitero

lundi 15 Mukakaro 2013

Abantu bane nibo baraye bagandaguwe mw’ijoro ry’ejo kuw’Imana rishira kuwa mbere mu gitero cakozwe n’abitwaje ibirwanisho bitaramenyekana ku musozi Muhweza, zone Buhinyuza, komine Buhiga mu ntara ya Karusi.

Muri iryo joro bagikora ico gitero batatu muri abo banyagihugu baciye bitaba Imana, uwugira kane akaba yitavye Imana ariko ajanwa kwa muganga. Ayo makuru aremezwa kandi na Richard Nzokirantevye, buramatari w’intara ya Karusi, akaba amenyesha ko abantu bane aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Tukiri muvy’umutekano, umuntu umwe niwe kandi yishwe akubiswe umupanga mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 13 Juillet 2013 muri komine Mabanda, intara ya Makamba. Nyene urugo vyabereyemwo, ari nawe yagandaguye uwo muntu yamenyesheje ko yariko yivuna umusuma yari yamuteye, ubu akaba ari mu gasho k’igipolisi muri komine Mabanda, ariko yumvirizwa n’inyamiramabi.

Ikiziga c’uwo yishwe yagirizwa ko ari umusuma ubu kiri mu buruhukiro kw’ivuriro ry’i Makamba mu kurindira ko ibipimo bikorwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.