IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Umusore yagandaguye umuvyeyi wiwe

Kayanza : Umusore yagandaguye umuvyeyi wiwe

samedi 11 Nzero 2014

Umuntu umwe yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuwa kane rishira iryo kuwa gatanu ku musozi Buhengeri, komine Gatara, intara ya Kayanza. Abakekwako ubwo bwicanyi baramaze gufatwa ubu bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi.

Amakuru ava ku musozi Buhengeri, kandi akemezwa na Musitanteri wa komine Gatara amenyesha ko hari ku munsi wa kane nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, aho Ernest Kwizera w’imyaka 19, aherekejwe na babiri mu babanyi biwe, binjira mu nzu ya Bangirinama Siméon w’imyaka 51, umuvyeyi wa Ernest Kwizera. baciye barengera kuri uwo mutama baramutema bakorsheje umupanga, baramwica.

Nk’uko bibandanya bishikirizwa na Mamerte Nduwimana, musitanteri wa komine Gatara, amatati y’amatongo yoba ariyo ntanduruko y’ubwo bwicanyi bwabereye muri iyo komine. Musitanteri Mamerte Nduwimana amenyesha ko hari haheze iminsi mike gusa Ernest Kwizera, umwana wa gatangatu mu muryango asavye se wiwe ko yomuha itongo kugira ashobore gutunganya ubugeni bwiwe, ariko rero uwo se wiwe akaba yari yaramwankiye, amumenyesha ko yorindira abandi bana uko ari icenda bose hamwe boba bahari kugira bagabure bose hamwe iryo tongo.

Tubamenyeshe ko Ernest Kwizera n’abandi babiri bagirizwa kuba barafadikanije mu kwica uwo mutama bamaze gufatwa, bakaba bapfungiwe mu gasho ka Komine Gatara, mu kurindira amatohoza y’inyamiramabi.


Egide Nduwimana

Messages

  • None n’abana ntibakigera imitwe base wabo ubwicanyi bwabapfa imigambwe, abicanyi bwabapfa amafranga,amatongo..... buzotugezahehe twebwe abarundi? uwomusore nabo bafatanije bakwiye guhanwa bimwe vyakarorero. umuvyeyi naho yoba yakwimye ntiwoca umugirira nabi. ubutungane nibukore.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.