IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Abanyagihugu basabwa kudahahamurwa n’utuzu twa surwumwe twubatswe (...)

Kirundo : Abanyagihugu basabwa kudahahamurwa n’utuzu twa surwumwe twubatswe mw’ishamba

jeudi 8 Rusama 2014

Inyuma y’aho bivugiwe ko muri komine ya Bwambarangwe hariko harimbwa ibinogo vyo kuzotamwo abantu, musitanteri w’iyo komine arabibeshuza, ndetse akamenyesha ko ari utuzu twa surwumwe.

Jean Marie Muhirwa musitanteri wa komine ya Bwambarangwe, avuga ko ivyo binogo vyimbwe na paruwase, inyuma y’aho patiri mukuru aboneye ko abanyagihugu bitabarira mu bitara, bikonona ibidukikije, ndetse n’amagara y’abanyagihugu agashobora kuhononekarira, ariko guca hafatwa ingingo yo kwimba ibinogo vy’utuzu twa surwumwe, mu ntumbero yo kworohereza abanyagihugu, n’abahita bose bashobore kuronka aho boza barikurira umusonga.

Jean Marie Muhirwa rero, agatangazwa n’ivyavuzwe ko ivyo binogo vyariko vyimbwa mu ntumbero yo kuzobihambamwo Ibipinga. Abandanya amenyesha ko abanyagihugu bo muri komine arongoye babanye neza, ndetse ubu hari n’amashirahamwe y’inkino ahurikiyemwo urwaruka rwo mu migambwe yose, mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro, no gukuramwo ubwoba bamwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • uvuze neza kuko ubeshuje basesankuyoze (abobagizi banabi) banka ubutegetegetsi bwitorewe nabanyagihugu

  • Birateye amakenga kubaka utuzu twa sugumwe mwishamba, n’i Bujumbura hari ikirimba butahari!ko abitabariraho baba bariko batabira!aka kagabo kiyise wari karemanga neza ko katowe 100%?none ko jewe ntarimwo be na bana biwanje!kagabo ntuze usubire kumvugira utabinsavye!Nimba uvuga uko kuko urincabwenge,ntawundi abukura(uriwenye).

  • Ntamakenga arimwo isuku ntirikenerwa i Bujumbura gusa mubimenye mubimenyere iconico kiberekana ko mukirinyuma yamajambere, kandiwosanga bamwe mubavyikanga bireberako kukuntu baribavyimvye mumwaka wa 93? Oya hariho abagizibanabi banka abenegihugu ngokubera batabatoye canke ngobatatore abobashaka mumatora yomuri 2010! rindira nomuri 2015 babasubire kubiyama kugeza ahomuzobanza kumenya democratie icarico.

  • Nubu uworabaneza ntihabuze abarimuritwo tuzu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.