IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Laurent Kavakure : Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubutariyano (...)

Laurent Kavakure : Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubutariyano ntiyatosekaye

mardi 3 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire hamwe no gufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu bamenyesha ko imigenderanire yifashe neza hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu c’Ubutariyano gisanzwe giturukamwo ba babikira batatu bagandagurwa bunyamaswa kuri paruwasi yo mu Kamenge.

Umushikiranganji Laurent Kavakure arongoye ubwo bushikiranganji avuga ko bitohagarika umutima abarundi kuko atari ibintu bigira ingaruka ku migenderanire y’igihugu n’ikindi kuko no mu bihugu bindi ubugizi bwa nabi n’ubwicanyi nk’ubwo usanga buhari, ikiba gikenewe gusa n’uko ubutungane bukora ibishoboka vyose ababikoze bakamenyekana nk’uko abandanya abishikiriza. Ku kibazo naco cerekeye ko ubuserukizi bw’igihugu c’Ubutariyano mu Burundi bwoba bwarugaye, umushikiranganji Laurent kavakure arabeshuza akavuga ko Uburundi bwari bwasavye Ubutariyano bwohindura gusa uwubuserukira mu Burundi, kuko imigenderanire itari myiza hagati y’ubushikiranganji burongowe na Laurent Kavakure n’uwo yahora aserukiye Ubutaliyano (consul).

Umushikiranganji Laurent Kavakure aremeza kandi ko imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi itigeze itosekara biturutse kuri vya biziga vyatorwa mu ruzi Rweru abarundi n’abanyaranda bakabitanako. Akavuga ko amanama atandukanye yabaye mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo mu gushiraho umurwi ujejwe amatohoza kugira abagandaguwe bamenyekane abaribo.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure akaba abishikirije mu gihe kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 3 Ruhuhuma, ubwo bushikiranganji bwari buramutse bushikiriza ivyo bwaranguye muri uno mwaka w’2014. Ubwo bushikiranganji bukaba bwarashoboye guteza imbere ibisata bitandukanye nk’ikijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, igisata co kumenyeshamakuru, igisata c’abarundi baba hanze (Diaspora), hamwe n’ubuserukizi bw’Uburundi mu makungu, amasezerano atari make yateweko igikumu.

Umushikiranganji Laurent Kavakure amenyesha ko bashoboye gutunganya amanama atari make nk’indwi yahariwe abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, indwi yahariwe abarundi baba hanze, iyugururwa ry’ubuserukizi bw’Uburundi mu makungu, ugukahiriza ubwenge abakozi b’ubwo bushikiranganji n’ibindi bitari bike.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.