IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Léonard NYANGOMA : « Uburundi bwashatse guhuma amaso Ban Ki Moon (...)

Léonard NYANGOMA : « Uburundi bwashatse guhuma amaso Ban Ki Moon »

samedi 20 Ruhuhuma 2016, par egide

Uguhagarika imitahe mpuzamakungu yarondera bamwe mu banyeporitike, bamwe mu bari mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na bamwe mu bamenyeshamakuru, ni umutego wa Reta y’Uburundi w’ukurondera guhuma amaso Ban Ki Moon hamwe n’abakuru b’ibihugu batanu biteguriye kugendera Uburundi mu minsi ya vuba. Léonard NYANGOMA, umukuru w’urunani CNARED amenyesha ko Reta y’Uburundi yashatse kwerekana ko ifise ugushaka kw’ugutorera inyishu ibibazo, kandi atariko biri.

Nk’uko bivugwa n’umukuru w’urunani CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de Droit au Burundi), iyo ngingo yafashwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’uguhagarika imitahe 15 yarondera abarundi batandukanye bahungiye mu mahanga, igamije gusamaza ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya riheruka kugabisha ko ibindi bihano bishobora gufatirwa Uburundi hamwe n’Abandi bategetsi bafise uruhara mu bibera mu Burundi.

« Ukwo ni ugusamaza, kuko muri uwo mwanya nyene iyo ngingo yafashwe, igiporisi hamwe n’imbonerakure babandanya ahubwo bakaba bakomeje ibikorwa vy’uguhagarika abanyagihugu ataco bagirizwa, mu nyuma bagatorwa ibiziga bagandaguwe.», Léonard NYANGOMA arongoye CNARED akavuga ko iyo ngingo igamije gucanishamwo abagize urunani CNARED, hamwe n’ukwirengagiza ibiganiro vyotunganirizwa mu mahanga.

JPEG - 110.6 ko
Léonard NYANGOMA, umukuru w’urunani CNARED

Kubwa Léonard NYANGOMA aramutswa CNARED, iyo ngingo ya Valentin BAGORIKUNDA umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, yafashwe gihutihuti, bigatangaza mbere ingene yashizemwo n’umushingamateka Oscar Ndayiziga, aheruka kwitaba Imana kw’igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2016.

Urunani CNARED rumenyesha ko umuti nyawo w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi ari uko imitahe yose irondeza abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA yokurwaho, ubutegetsi bw’i Bujumbura nabwo bwemere kuganira na CNARED yose, hamwe n’imirwi yose imaze kumenyesha ko yafashe ibirwanisho vy’ukurwanya ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Tubibutse ko kuri uwu wa gatanu, Valentin BAGORIKUNDA umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yafashe ingingo y’uguhagarika imitahe 15 yarondeza abarundi batandukanye bahungiye mu mahanga.

Abakuweko imitahe mpuzamakungu ni :

NKURUNZIZA Aimé, umushingamateka yahora arongoye umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya poritike, akaba ari mu bagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu

NKURUNZIZA Justine arongoye ishirahamwe COSOME

BARAMPAMA Marine yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

BIREHA Audace

SEBUDANDI Christophe

NSABIYUMVA Evariste

KANYANGE Géneviève yahora arongoye igisata c’abakenyezi mu mugambwe CNDD FDD (Abakenyererarugamba)

NDAYIZIGA Oscar, umushingamateka, akaba yahoze arongoye intara ya Muramvya (aheruka kwitaba Imana)

RUFYIKIRI Gervais yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

NTAVYOHANYUMA Piyo yahora ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

MABOBORI Catherine yahora ari umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

NDAYISENGA Félix

CIMPAYE Pancrace, umuvugizi w’urunani CNARED

NYANGOMA Léonard, umukuru w’urunani CNARED

KABURAHE Antoine, umumenyeshamakuru arongoye ikinyamakuru IWACU


IGIHE

Messages

  • mbiyombwa yama mugashati kamwe nkingogwa uwomuhimbiri arafise ibintuyoza asigurira ubutegetsi bwibujumbura? iyombwa ihendwa nabatutsi nyakumeneka urahenda abatutsi bakuyoboka nayabahutu turinubwenge.

  • mutahe muze mubiganiro bihuza abarundi kuko abarundi bose barangana imbere y’amategeko.

  • none ko nyangoma avuga menshi yibazako arinde yomuha ijwi ryiwe!azorinda apfa adatwaye uburundi n’abarundi,mbega aho avuga oscar nawe yishwe na zambonerakure yirirwa araririmba?ikigugu.com

  • Komera mutama nyangoma abarundi Bose bumutima kandi dukunda amahoro turi inyuma yawe imigambi yanyu iratomeye kanatsinda nimwe mwafashe iyambere mugutanguza urugamba rwademokarasi Hama izombubusi ziza zivyiyitirira none raba aho zitugejeje turagutakambiye mutama nabo mufatanije mukoreshe inguvu zose mudukureko nkurumbi nako karwi kiwe bataratumara muzoba mukoze

  • Nyangoma ubutungane bwu Burundi wewe ntubwigisha ukobukwiye gukora ekayemwe ntanumwe yemerewe kubwigisha ukomukora. Burya rero twebwe abantu tuzi isesangura iyumuntu avuze turaheza tukamubonamwo ivyoyokora mugihe yoja kubutegetsi. Ehendabereke Nyangoma ntazikubutungane bwuburundi bwigenga wewe aziko kugira yemere ngo kubutungane bwu Burundi bwigenga ngobundakwiye kubabufise burau vyabwo Burundi , abonako yokwemera kobwigenga aruko bureau vyabwo biri Rwanda canke mu Bubiligi. Kandi nyene nkuko nakomeje kubivugako, urevye imvugo ya Nyangima abonekanako mugihe yobari kubutegetsi bwohejuru yokwivanga muvyubutungane kuko iyabivuga nwimengo nikintucoroshe kwo reta yokoresha ubutungane.

  • NYANGOMA, REKAKUJA MURIVYISHI BIGOYE KUBONERA IVYEMEZO AHUBWO TUBWIRE AMAKOSHA UBUTUNGANE BWU BURUNDI BUKOREYE ABOBANTU 15 BAKURIWEHO IMITAHE MPUZAMAKUNGU YARIYARABASHIRIWEHO.

  • Ico Kigwarudubi Ngo Ninyangoma Zurahendwa Ubona Nimba Utabonako Ibintu Vyahindutse.

  • mbe muhuza warerewe he??uti Honorable nyangoma yama mwi shati imwe??baza uyu yanditse iyi nkuru.ni photo ya kera man.nayo gutwara uritonda petero yize gukubita amagendera yaradutwaye,mbe uwize Mathematique nawe???

  • Nyangoma uziko abobasazibibujumbura murarusha ubwenge aho ngo ntutahe ibujumbura baronkeivyobabesha Isi mbesha Abasazi

  • ivyarivyovyose ,kugira igihugu gihinduke ,abantu nibo nabanza guhinduka muvyiyumviro,she namwe nkabantu bariko baraterera ivyiyumviro vyabo babanje kuburira isoni aba nandi, kuba nyango yoba yamawishati imw nuburenganzirabwiwe ,kandi singombwa ngo ubimutuk!!! reka ukoyambay,reka kuraba ivyo afis,rekakuraba ubwoko avamwo, cank intara,mbere nishengero ,umviriza iciyumviro ciw hanyuma umutunganirize ago Ku murwanya cank ukamufata nkumwansi waw, abarundi turacari inyuma cane,she nkuyu ethienne cokimwe na Ernestre cokimw nabandi bahutu bagihendwa nabagenzibabo mu kugira solidarite negative,abantu nkabo no mubatutsi biriyo ,Jew ngiranti umwansi subwoko ubu cank buriya ,umwansi nuwo wese aza ahonyanga amategeko nacane cane ago abantu bababafundikiye hamwe kugirango inyungu zigihugu nabene gihugu zikingirw,akanatako agakwegera abenegihugu muntambara ,inzara, gutesha abana amashure nibindi bibi vyishe ukoriwes naho yoba ari mubwoko runaka ,biba bigaragako nubwobwoko uvuga ko uvugira kandi utumy ntuba unabukunda,abarundi twirind invugo zicanishomwe,tubeshwanya ngwigihugu kiragiy kwabanaka ,nabonyen ntaho bokijana , micabarundi twes ubwoko bwose
    igikenew Niki: mes chers freres burundais liberons- nous de l’esclavage mental,car personne me peut nous libere sauf nous memes

  • @None ntakiyunviro watanga utavuze ugwanda? Kuki utaraba ivyuburundi gusa?

  • nyangomantiyoburamakenga,retanisigurirebenegihu.icatumye.iyomitah’ivanwahokandintihokwezwa,abo.sibobenibibazobonyene.poritikenumukinokand’abantubagumabafa.retaniyerek’amakunguk’ibifisekumwete,ivyerekanirenomungabokukonizozafash’umuhetowogutembagaza.ubutegetsi,imitah’iveho.ntihenzemubakuweko.imitahesibobenekubitera

  • wowe WIYITA MUHUZA ULI ICYIGORYI URAGASWERA NYOKO. WOWE WASANGA UHORA MWI KALISO IMWE YAKUNUKIYEHO. NKI YA NYOKO NAWE YARAMUBOREYE KO.

  • Nimure Inzira Yorohereza Base Kuko Twishakira Amahoro Ntimurondere Inyunguzabamwemwe.

  • we nyangoma ziba....wewe urimubagirije abahutu ko bariko barakora ihonyabwoko muburundi, ubu isiyose yo iramaze kumenyako abarundi bumutima bariko barakora ihonyabwoko muburundi...mwaratugurishije. kandi wewe waramazekuba mayibobo wiburayi, cnared yagushize imbere kugirango uzoze urabereke ahobaca nkamayibobo. nicogituma wirirwa udurubanya uburundi kuberuziko utazobugarukamwo wewe hamwe nico cacimpaye pagras.....twarabahinyuyesha. mwembwe ntakidi mushoboye atarikwiyererera hiyo iburayi mutunye ngo murindiriye amagaburanyema..nimusubize ameru mwisaho!!!!.toka mwemayibobo.........

  • akogahungu kiyita gahuza ubwo karafise ibintu aho kishima? Nyangoma yo shobora kugutunga numurya wa nyu wose ubuzima bwanyu bwose.

  • Nyangomanahorekukontabwenke, Afise,yokabaye abufisentiyariguhendwanimbwazabatutsi

  • @zeo, urwanda ntakosha rwankoreye uwankoreye ikosha buwuri prezida waryo Kagame kandi urazojurikirana mbereyuko yifatira mugahanga H.E umukuru wigihugu canje Nkurunziza nubwo narinsanzweziko yanyiciye umukuru wigihugu canje Ntaryamira narinaramwihoreye mvugati nihagera tuzohurira mubutungane, nonerero igituma icomvuzecose nkomeza kuvuga Kagame niwe yasotoye uramubaza icatumwe ansotora uzocuheza ugaruke twiyagure wewe ntacodupfa nurwanda ntacodupfa muzemurimenyereza kandi gutandukanya umukuruwigihugu canyu nu Rwanda. Ivyonibintu bibiri bitandukanye izina ryubukuru bwigihugu rirahinduka , ariko izina ryigihugu nkahose rigumariryarindi.

  • MBEGA IYO NYARANGA NYANGOMA KWIGUM ITERANYA YIBAZAYUK ITAZOPFA NGW IBIBAZWE??

  • UWoyiyita Muhuza Ni Bwebwe Ntabwege Afise Ntanubwokurahura Wew Nyagoma Uramunzi? Wantozow Bawubaha Gusa Nicondagusavye,nyagoma Numushigantahe Abushitse

  • YARAVYIZE,HANYUMA YIGA IBIHARURO BIKAMUNANIRA KWIGISHA! NA FDD YARAMUNANIYE GUTWARA YISHINGA KUTUMARIRA INTAGOHEKA Z’INCABWENGE NGO NTIZIVUKA I BURURI,ASHOBOYE IKI UWO MUBONA! ICODUHA NYENE AKAGARUKA MU BURUNDI TWOVYIMENYERA.

  • @ None kagame yagukoreye irihe kosa, usibye umutima mubi, wowe wahuriyehe na kagame?

  • We ujejwe iki? Kutanga amategeko wicaye hiyo. Hora sha guko nabo watumye baheze bishkana gko atajambo! !?

  • Ewe Nyangoma Warabuze Efo Naruguru Nkikirira Habiri ,bakugiriye Ikigongwe None Uriko Uvuga Ayamuhe None Bakoze Nabi Ko bakugiriye Ikigongwe? Ubu Wibaza Ko Uzotorwa Kubera Ayomajambo Mabi uvuga Ntiwibaza Ko Ukwo Ukoranabi Niko Abanyagihugu Bakwanka Kubera Babakurikirana Kumusi Kumusi None Wumva Uzobatwara Aatakwemera Ndaguhanu MPanura Nabandi Nimureke Akajagari Mwitegurire Amatora Akurikira Turiteguye Kubacira Urubanza

  • Nyangoma Nanume Twaramuhinyuye Naveho

  • mbewewe nomumahanga ura cambaye yashati nye wavanyiburundi

  • Mamapetero,,,amararasoya,barundi Azaguhumire ,hamwe,?

  • ARIKO MWEBWE BEN’IKI KINYAMAKURU KUBER’IKI MWEMERA MUGASHIRAKO IBISHEGU ABANTU BANDITSE?NAGOMBA NDABASABE MWIKEBUKE.NAMWE MUTUKANA URUBANZA RW’IMANA MUZORUHUNGIRA HEHE?

  • ikiganiro ca perezida buyoya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.