IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leonidas HATUNGIMANA : Ivyo bavuga si ibintu vyokorwa n’inzego (...)

Leonidas HATUNGIMANA : Ivyo bavuga si ibintu vyokorwa n’inzego z’umutekano

mercredi 4 Munyonyo 2015, par egide

Léonidas HATUNGIMANA yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi aranegura amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe na Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi. Kubw’uwo yahoze avugira umukuru w’igihugu, ayo majambo yunyura umutekano wari usanzwe wifashe nabi.

Inyuma y’aho umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Reveriyano NDIKURIYO amenyeshereje ko hasigaye ko uruhusha ruboneka kugira umugambi KORA ushirwe mu ngiro, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwu wa mbere, yarahaye abajejwe umutekano uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura. Ubwo burenganzira bakaba bazoba babufise kuva kw’igenekerezo rya munani Munyonyo 2015.

JPEG - 241.1 ko
Léonidas HATUNGIMANA yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Léonidas HATUNGIMANA amenyesha ko iryo jambo rya Petero NKURUNZIZA ryaje ryiyongera kuryo Reveriyano NDIKURIYO yari yashikirije, aho yavuga ko amaparasera (Parcelles) agiye kuboneka, inzego z’umutekano nizaronka uburenganzira bw’ugushira mu ngiro umugambi KORA. Kubwa Léonidas HATUNGIMANA, ayo majambo yunyura umutekano wari usanzwe wifashe nabi, agasaba amakungu gufasha kugira ntihabe ihonyabwoko mu Burundi.

Nk’uko bishikirizwa n’uwo yahoze avugira umukuru w’igihugu, ivyasabwe n’abo bategetsi babiri si ivyokorwa n’inzego z’umutekano zamize akabuye k’abagabo, akabona ko iyo migambi ishobora gushirwa mu ngiro n’abandi, nk’abahoze ku rugamba canke imbonerakure za CNDD FDD.

Kuri abo bose, Léonidas HATUNGIMANA abahanura ko bokwirinda kurwa mu mutego w’ugukora amaraso ya benewabo, kuko ivyo vyaha atari ibikorwa mu nyuma bigaheranwa.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizoba zifise uburenganzira bwose bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.

Petero NKURUNZIZA yagize ati « Ni akamo kanyuma tubateye, mubihebe bicitwa vuba ku neza yanyu. Atari uko muzosigara mwicuza ico mwabigiriyemwo. Mumenye neza ko umuhanuzi mubi angana umurozi, kandi ko uwutema urwiwe bamutiza umuhoro. »


IGIHE

Messages

  • Niki Kinyamakuru Muraraba Neza Ntimube Nyaruhirira Wa2 Kuko Mu Nkuru Mutanga Uzisomye Uc,ubona Iyo Bihengamye Bijana Mwikebuke

  • uwutema urwiwe bamutizumuhoro kandi umuhanuzi mubi angana umurozi ntakubesha kurimwo.none kuberiki kagame bamwemereye?museveni bakamwemerera?denis sasoungweso bakamwemerere?ariko muburundi hariho ibintu vy’amoko vyinyegeje nibareke atware tube mumahoro

  • Nyaruka Tumutuze Yatumanyakumarabiwe Barundimugabe Kuwambere Inkoniyongoma Nkurumbi Atumare

  • Emera muwunwe naho urura mwahenze abantu mubizeza komugiye gufata igihugu none mutanguye kujugumira babwire babisubize nimwe mwabibahaye bisheninzara mubarorera bajinga mwe muraga pu

  • NKURUNZIZA NA REVERIYANO mubarebe neza batoba bafitanye umugambi umwe wo gushikiriza SATANI amaraso yabarundi ngo bagume bitwarire igihugu nkuko bimaze kwemezwa nabasenga imana y ukuri ko NKURUNZIZA PIERRE afitanye amasezerano na Satani yo kumuha amaraso akaguma atwara aho rero barundi mugabe na REVERIYANO WONSANGA yamukurikiye murayo mabi .Mushingantahe Leonidas ivyo uvuze nukuri nkukurima

  • yabawewereonidasi,yabareverie,yabanuwonkurunziza,icomwipuzanimwemukizi,nimudusengerenimbamudukunda,amahoroasasagaremuburundimuzobamukoze

  • Reka Turintarindire Nibazako Yabasavye Gukoresha Ibikoresho Bigezweho Atari Ukumara Abenegihugu

  • EEE!!!! MURABA MWUNVA ! UMUHORO UZOHERA CANE CANE KUNTUNVA ZIGUNGIRAKO!

  • Léonidas tukubwizukuri mubazobishira mungiro jew karorero nduwambere rero twariturindiriy akamo kakizigenza ubutugiy kubafyonyora ubusho bw’uzuye ntaho dufis tubaraza nabandi tugiy kubakiresha nkazanka madudu barimire abaturage kandi cerulle niw nyempara nimba mukunda abanwanyi banyu bahanure babisubiz bicitwa vuba kuneza yimiryango yabo murakoze kunvira akamo kumukuru wigihugu c’uburundi.

  • Léonidas tukubwizukuri mubazobishira mungiro jew karorero nduwambere rero twariturindiriy akamo kakizigenza ubutugiy kubafyonyora ubusho bw’uzuye ntaho dufis tubaraza nabandi tugiy kubakiresha nkazanka madudu barimire abaturage kandi cerulle niw nyempara nimba mukunda abanwanyi banyu bahanure babisubiz bicitwa vuba kuneza yimiryango yabo murakoze kunvira akamo kumukuru wigihugu c’uburundi.

  • UYOTURAMUZI KWARIGIHEMU ARIKO NTANTAMBWE BAZODUTERANA BURAKEYE. BURAKEYE TUBACAKIRE KANDI INKONA NTIYARUZWA BARABAHENZE MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA

  • EWE LEONIDAS NIWIRIRE WIRYAMIRE NGAHO MU BUBIRIGI HANYUMA UBE URAVUGA AYAMUHE? MBEGA UMUKURU WIGIHUGU AHANUYE ABANTU GUSUBIZA IBIRWANISHO MWABAHAYE ABA AVUZE NABI?

  • Ubuse Umukuru w’Igihugu yavuze nabi he?? murashaka c ngo avuge ko abafise ibigwanisho babigumana????? Sha, Abargundi weeee. mwese ni amaco y’inda gusa
    nta rukundo rw’Igihugu mbabonamo, ahubwo muri guhenda abenegihugu ngo basenye igihugu cyabo. Inzego z’Umutekano c zireke kwambura abafite ibirwanisho??? Leonidas amata yamuvuye mu kanwa none umva ibyo avuga. Barundi ntihagire ubahenda, ni munyungu zabo gusa kandi bibereye i Mahanga. Mukunde igihugu cyanyu n’ababatwara. murebe u rwanda, amahoro tuganjemo nuko dufasha ubuyobozi kubumbatira umutekano w’abantu n’ibyabo. kandi ikintu kijyanye n’amako, mugihebe, mukizinukwe niba mushaka kubaka uburundi bwiza. Nta murundi uruta undi cyangwa ngo amurushe uburenganzira ku gihugu cye. Blessings to Burundi and Burundians.

  • we Léonidas maramarira kumuzosi, wewe kuri nyakwubahwa nkurunziza, uri kadongo pe.....umva wewe warehemutse ikindi kandi uzoyvicuza kuko urimubagoyve gutigihu mumanga, rero ivyo wariwifurije abarundi birakaguhumira.....wamukadogowe. urabona ngo karadedemba?? shaa ee muzogume hiyo...

  • Ikijuju Fidelite ko atavuga n’abandi bashaka kugira amagogwa yacu amoko?!...uyu ni umututsi???...ni umunyarwanda se?!...ni umunyamerika cangwa umubiligi ushaka kugarura colonialisme?!

  • we Léonidas maramarira kumuzosi, wewe kuri nyakwubahwa nkurunziza, uri kadongo pe.....umva wewe warehemutse ikindi kandi uzoyvicuza kuko urimubagoyve gutigihu mumanga, rero ivyo wariwifurije abarundi birakaguhumira.....wamukadogowe. urabona ngo karadedemba?? shaa ee muzogume hiyo...

  • Jew ndumusirikare ,ntayomabwa nzokora nzohitamwo guhamvya abandi mwishamba,kandi rro igisirikare kigiye kwigabura kabiri ndakurahiye

  • Iconosaba Abajejwe Umutekano Ntibahendwe Ngo Bazokore Amaraso Yabenewabo Bibuke Kwarimvuka Burundi Kuko Iryojambo Ngo KORA Nugukora Kuburyo Atawutavuga Rumwena Reta Asigara

  • icompa IMANA ikumva ayo tugowe abarundi icotunezera nuko mwoshira hamwe mukumvikana mukarondera amahoro.

  • icompa IMANA ikumva ayo tugowe abarundi icotunezera nuko mwoshira hamwe mukumvikana mukarondera amahoro.

  • N’ukuri,n’uguseng’Imana.N’abo bahungiye hanze y’igihugu baze mubiganiro.None kw’smatora yaheze,bagomba kudusubiza muntambara?

  • Umva mushingantahe"uhishira umurozi akakumaraho urubyaro.Muzabaze abanyarwanda cyene muri nord uko Uko ABACENGEZI batsinzwe n"umuti inkotanyi zabavugutiye!!!!! Barundi mureke guhoha. mureke kujenjeka .kandi mureke ibibazo by’ubwoko barabashuka . Ibyo birura byahunze igihugu biriko birabagambanira.

  • Hatungimana Leonidas uvuze ukuri, ingorane nuko ubwira impumyi zahumye ku maso no mu mumwuka, nihehe byabaye koko, aho umukuru w’Igihugu ahamagarira abantu guhonya bene wabo ngo nibaheza abobagororera amatongo, barundi barundikazi ncuti z’uburundi. Ni muharuguruke musenge, muteshe ikibi, ntimwicane, reka kumena amaraso, arahuma, mureke kwihora mureke kumenja uburuhiro muzokumva habaye ibiganiro ariko bamwe muje mumunyororo, nta Peter azosoza mandat yihaye ibyahanuwe kuriwe bitarasohora.

  • KOMERA KOMERA MUTAMA LEONIDACE KUKO MWANSE KUBA ABAJA BA NKURUMBI NAKARWI KIWE KANDI MWAKORESHEJE UBUKEREBUTSI BWINSHI MUKWANKA GUSHIGIKIRA PETER MWAYO MAJAMBO AHAMAGARIRA IMBONERAKURE GUKORA IHONYABWOKO KWABO BOSE BIYAMIRIZA 3EME MANDAT MUTAMA MURI ABASHINGANTAHE BIJUNJA N’IJAMBO HAMA IZO MBONERAKURE ZIZOTANGARA NIYO NATIONS UNIES IZOBA IHEJEJE KWEMEZA YUKO ZAKOZE IHONYABWOKO ZIZOCA ZIPFA ZANGARA NKA GAHINI KURYA KWINTERAHAMWE ZO MU RWANDA ZISHAJE ZANGARA A BON ENTENDEUR SALUT.

  • ni ah-Imana izi gukinga impanuka.

  • Burya Abarundi nimbura bugirir,avugivyotma tba mumahoro ngwagiramar abantu.ivyera babigir ivyirabura.komeza mutama PETER umugambi wokutzaniramahoro.LEONIDAS icompa ugacururubweng,ukagaruka murugo.kuko warukwiy amabanga y ubuvugizi pe.nubwomutumvkana nanyenicubahiro,wagiyutamuteterej.

  • mbe akanga nde uwo musega nkurumbi wewe kwatayishubije igihe yahunga bamuciriye urwo gupfa yateze mines?naze tuzomugira uko twagize adolphe ivyagabisha navyo agende abibgire nyina.

  • Nyabuna Semerera Kagame afashe abarundi bareke guhona. Tureke kurorera amaraso aseseka y’ibiremwa nka twe.
    Semerera semerera bantu mu mushikira, abarandi baratikiye. Erega barya mubona ibiziga ni bake cane kubariko bicwa bahambwa hirya no hino mu binogo bikikuje igisagara ca Bujumbura. uko bwije imisi yose bica abantu, bakabahamba dans les fosses communes.
    Turasavye mufashe inganda zireke gutikira, nayo ngo génocide ntize ibe, ahubwo isigaye kurangira.

  • Wenizeyimana urinubwenge canke we koyiberey iburaya harico bimutwaye naho mwohera namwe nimwizere ibitagiramvura muribitambo vyabo kandi muzicuza nyuma rimdira

  • Nkurumbi niwice wimare agashavu mugabo umenye ko ntabwicanyi uzokora ushikire abahutu bishwe 93 canke ushikire abatutsi bishwe mu Rwanda mugabo ntibaheze,ntawuhonya ubwoko ntayo muzoshirana wamukoma we nkurumbi.

  • NAGIRA NSABE AMAKUNGU,ISHIRAHAMWE DYA BURAYA,ISHIRAHAMWE MPUZA AMAKUNGU ONU,NA RETA ZUBUMWE ZA AMERICA,NISHIRAHAMWE DYUBUMWE BWA AFRIQUA,HAMWE NABENE WACU BARI MUBUHUNGIRA.GERAGEZA MUDUFASHE MWEBWE MUREMEYE ABARUNDI TUBE IMBOHE ZUMUGABO UMWE YAGIZE IGIHUGU NKITONGO SE YAMURAZE?MUGOMBA MUZOZE INGANDA ZARATIKIYE?TURABASAVYE DUSHIMITSE MUNYARUKE AMARASO NTASESEKE LE 8 MURAGABE HARASHOBORA KUBA IKINTU.NYAKUBAHWA LEONIDAS URAKOZE WAVUGA NUKO BATUMVA.

  • We fidelite ndakugirinama baca umugani ngo uvumwa na benshi ugateba ugatota je ndi mukuru kandi nabonye vyinshi ndavye ivyiyumviro bigusohokamo biragaragara ko uri umuhutu extremiste ariko bivanze n ubujuju bwinshi rero abantu nkamwe bapfa nk imbwa. Uyu musi uravuga ayamuhe ndakwifurizz kugarura akenge ukaraba kure kuko i ihe biha ibindi.

  • Guhonya Abantu Mbe Ashaka Yiyumvire Ko Azotugira Kumwe Kwakera Ahubwo Nahagarike Uwo Mugambi Ugayitse Kubera Ntaho Uzamushikana.Igihugu Siciwe Nicabarundi Bose.

  • DUHIMBUNDA AGENDE NKAMUKIWE IYOMBWA NYAGUCIKAMAGARA NIBATAYATANZIKUZIMU

  • Ivyowobisuramwohamwe,worengutswa

  • Emwe wari uhanuye ariko mbona wapi atakigenda. Reka turabe nta mwami yima munduru

  • nibareke kuko imana ibonavyose

  • Ndaneguye iyo ngendo yu mukuru wigihugu Petero Nkurunziza,hamwe na Reveriyano Ndikuriyo. Nibisubireko bazebaravuga amajambo yu baka nayubundi bigiye kubagora mumisi yimbere ni mba nzobankiri mumubiri muzoba mubwira ivyabo ukobizoba bimeze.Nayigisirikari Cigihu ukondakizi nimba rikokikiri,ntigishobora kwi ruka kwiyarira mubantu ngo gikekagure nkuko igi porice kiriko kirakora hamwe nazambonerakure. None Koreveriyano ahayavuga ko ibibanza vyabanyagisara kwazobitera mwandi, mbe ya bay"Imana? haba nintete, gurucira mukaso rugahitana nyoko. ni mbagombibibaza vyo mugisagara akwabanje gusesa amaraso, nagende adandaze rirya tongo ryi gatwe azekurondera ikibanza ahomugisagara,atarize gusesa amaraso.

  • umutigito w’isake ntuyibuza kunya aho yicaye . nkurunziza ariko avuga ayanyuma pe.

    namba ari abatutsi bateye ingorane nahere kuri nyina wiwe namba atamuhungishije nk’umugore imbere yuko acira amajambo y’umuriro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.