IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Liberat Mpfumukeko yibukijwe ibikorwa bimurindiriye mu bunyamabanga bwa (...)

Liberat Mpfumukeko yibukijwe ibikorwa bimurindiriye mu bunyamabanga bwa EAC

vendredi 19 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, akaba n’umuyobozi w’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, Dr John Pombe Magufuli, yasavye Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru w’uwo muryango, gufasha ibihugu biwugize kwitaho ibibazo vy’abanyagihugu, ndetse umuryango wa EAC ukirinda ikoreshwa ry’amafaranga atari ngombwa.

Mu kiganiro umukuru w’igihugu Magufuli yagiranye na Liberat Mpfumukeko, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 18 Myandagaro mu biro vyiwe i Dar Es Salaam, yamugaragarije bimwe mu bibazo bigikomereye uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko, birimwo amazi meza, ibikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu, nk’amahinguriro ashobora gutanga ubuzi n’uguteza imbere ubutunzi bw’ibihugu.

Umukuru w’igihugu Magufuli yamubwiye ko bizoba vyiza kurusha, nihagera aho abayobozi nshingwabikorwa ba EAC bashira inguvu mu kumenya ko ibihugu vyose bigize uwo muryango vyitaho cane gukemura ibibazo abanyagihugu bafise. Yamumenyesheje ko ivyo nivyashobora gukorwa, abayobozi ba EAC bakagerageza kandi kugabanya ikoreshwa ry’amafaranga mu buryo butari ubwa ngombwa, uwo muryango uzogera kuri vyinshi.

Magufuli yashimye Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa EAC, ku migambi ifadika igamije gushira mu ngiro imigambi y’uwo muryango, harimwo kworohereza abanyamitahe hamwe n’ugukurikirana ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya EAC.

Liberat Mpfumukeko yarashimye iyo ntererano y’umukuru w’igihugu Magufuli, ndetse amwizeza kuzokora ibishoboka vyose ku nyungu z’Abanyagihugu bo muri Afrika y’ubuseruko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.