IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Maison SHALOM yerekanye ingaruka z’ingingo zafatiwe ico kigo

Maison SHALOM yerekanye ingaruka z’ingingo zafatiwe ico kigo

samedi 21 Munyonyo 2015, par egide

Ikigo Maison Shalom kimenyesha ko bivuye ku ngingo y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’ukwugara ububiko bw’amafaranga (Fermeture de compte) bw’ico kigo, ingaruka zibonekeza ku banyagihugu bahora bafashwa n’ico kigo, impfuvyi hamwe na bantahonikora.

Mu gihe umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika aheruka gufata ingingo y’ukwugara ububiko bw’amafaranga y’ikigo Maison Shalom, ico kigo cibutsa ko batanguye imirimo kuva mu mwaka w’1993, mu mirimo bitayeho kurusha iyindi akaba ari kugarukira abana batagira ikibaraba, hamwe n’impfuvyi za Sida n’iz’intambara.

Mw’itangazo basohoye, muri ico kigo bamenyesha kandi ko bashize imbere gushiraho ubuzi, aho bakavuga ko ubuzi bwamaho 270 (emplois permanents) bwabonetse, ubuzi burenga amajana atatu butamaho (emplois temporaires) buraboneka, hamwe n’amafaranga agera ku miriyoni zitandatu z’amarundi zahora zinjira mu kigega ca Reta biciye mu makori yatangwa n’ikigo Maison Shalom.

Muri ico kigo bavuga ko amashure mato mato n’ayisumbuye yubatswe, ibitaro, amakoperative, amashirahamwe y’ukuziganya (microfinance) hamwe n’amashirahamwe y’abarimyi n’abadandaza bato bato. Maison Shalom yibutsa ko ibikorwa vy’ico kigo vyamye bishimisha Reta y’Uburundi, ari navyo vyatumye uwatanguje ico kigo, Maragarita BARANKITSE ahabwa agashimwe n’umukuru w’igihugu.

JPEG - 77.1 ko
Maragarita Barankitse, arongoye ikigo Maison Shalom

Ico kigo kikibutsa ko mu myaka irenga 20 bamaze bakora, imigambi nyamukuru bashira imbere ari ugufasha abatishoboye ata kuraba ubwoko, intara, amamuko, imyaka canke idini.

Kuva aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi afatiye ingingo y’ukwugara ububiko bw’amafaranga y’ico kigo, muri Maison Shalom bamenyesha ko ibikorwa vyabo bisa n’ivyahagaze, bakamenyesha ko ingaruka zica zishikira abanyagihugu n’abatishoboye bahora bafashwa n’ico kigo.

Muri Maison Shalom basaba umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ko yohagarika iyo ngingo, kugira ibikorwa vy’ico kigo bibandanye ata ntambamyi. Reta y’Uburundi nayo yasabwe ko yoshikiriza ijambo ry’ihumure ku mutekano w’abakozi b’ikigo Maison Shalom.


IGIHE

Messages

  • Kwica ababyeyi kugira ngo imfubyi ni imfashanyo biboneke!

  • EWE MUVYEYI,NTIWIHEBURE,IZO NIZO NZIRA IMANA YAHISEMWO KUBICISHAMWO.UMUNSI URIZINA MUZISHURWA.NATWE ABANYAGIHUGU TWIVURIZA MURI REMA TURAGANDAYE NA CANECANE ABAKENYEZI.

  • none uwo niwo muti wikibazo? ahubwo murasubije inyuma abanyagihugu bafashwa niryo shirahamwe.

  • mana dufashe maisom shalom ntiyugare kuko turagowe tugiye kuba bande?ariko uhoraho aratubona kand ntiyatwibagiye

  • mana dufashe maisom shalom ntiyugagwe kuko turagowe tugiye kuba bande?ariko uhoraho aratubona kand ntiyatwibagiye

  • Yewe Mama, ihore Se w’imfuvyi arabona ico gikorwa. Iyo ntambara si gwawe.

  • Humura Niko Bimeze Nimwihangane Imana Irababona

  • Mwabonye ko mwatunze mwiyemeza konona igihugu mubicishije ngo muri maison sharom uyo mukecuru nareke kubesha kuko reta ntiyari kwiyadukiza ngo yugare ikigo itabonye imigambi igayitse yariko irakorwa .yibuke ivyo yavugiye muri Canada.

  • Nibarabe bugurur kuko ubu nkaho iryo vuriro rari abanyagihug barabuze uk bagira natw abanyeshur twumiwe ivyirwa birahagaze

  • ntakigenda wahahamiye amaronko kandi ivyo wakoze vyose nubusa gusa. peace

  • Ntacotwohindura twebwe abanababantu nkuko urubaza Imana yaciriye Eva atamwana wumuntu ashobora kugira icahindicahinduye, uwo Maggy niwafise icashobora gukora wenyene n’Imana mushoboravyose, ndababaze mbega Maggy mugihe muriwe yoba umurwanizi w’Imana nabantu yobayaramwinjiyemwo ngwamubere igikoresho cokugiriranabi uwomurundiwese arimugihugu cuburundi mwibaza kovyoroshe wewe mwana wumuntu kumuhindura ? Ndabasavye abaziko gusenga arikwo gushobora guhindura ivyananiranye musengere uyumumama kuko urabonakomengo siwa Maggy twahoratubona mbere yumwaka wa 2014 abaziko mwinomisi harico ashobora kubafasha muritonda harinigihe mwosanga agafranga kokugura ibirwanisho bimaze imise bihekura uburundi nabarundi abifisemwo uruhara iyumuntu yakoze ivyiza munyuma agahinduka igisizimwe utamwirinze araguhitana ntakibuza uwoyigeze gufasha shima ivyoyagukoreye hanyuma usabe Imana yongere ikurungikire uyundi agufashe kukw’Imana ifise abikoresha beshi.

  • Jewe na mavuga yuko ababogabo kwatavyabo, ntamuntu afise ibiharuro mumutwe yo hagarika ibikorwa vyo gufasha abanyagihugi ico ntivyumvikana,kandi bikaba vyatezimbere igihugu. ukonibaza ikije mumutwe nico bacora batarinze nukuciyumvira. noneho nicobiyemeje cogusambura, guhera 96 ibitaro namashure vyaraha guye, bashitse kubutegetsi abantu batagirukobangana barahaguye ntutibagiye isoko nkuru ya Bujumbura ya turiwe,bakurikijeko amaradiyo,tutibagiye ni mivyimba ya bantu yirirwa iratorwa mugisagara ca Buja, nahandi nukuri icobazi nukwisamburirako nki mpene.

  • ARABESHA SI UMUVYEYI NI NKA YAMIHARI Y ABIHEVYI IRERA ABANA DEPUIS LE BAS ÄGE BAKURA BAKABA ARIBO BAMARA INGANDA. UBWO MURIBUKA URUHARA YAGIZE UWO MUKECURU MU MIGUMUKO? ATANGA AMAHERA Y IBIYOVYABWENGE AHA ABANA YITWA NGO YARAREZE? ASUMA INDYA ZOGUHA ABAGWANYA LETA? LETA ISHIRAKO ACCORD KUGIRA MAGGY ARONKE IMFASHANYO. MBE MURIBAGIRA IZO MFASHANYO MAGI ARONKA KO ARI IZ IGIHUGU? NI MUREME IZO NYUBAKWA RUSANGI ZIZOBANDANYA ZIKORA KUKO NI IZA LETA BASHA NARYA MAHOTERI YOSE DESORMAIS ça sera pour Leta. Le personnel sera transferé àLeta. YARAHIMVYE ICO.......

  • Vyukuri Iyo Ngingo Yogufata Ama Compte Ya Maison Shalom Irababaje Cane. Leta Ifitaniye Ikibazo Na Marguerite Ntaho Bihuriye N Ikigo Maison Shalom.Ni Habe Gutandukanya Ibintu.Leta Igabanye Ingingo Zishavu.Hama Yumvirize Impanuro Ihabwa Bizokiza Igihugu.

  • MBEGA ABUBAHUTSE GUTURIRA ISOKO NKURU YA BUJUMBURA BOSONERA IKI ? MAISON SHALOM YAFASHA IGIHUGU NTIYAFASHA MAGY. KANDI WEWE ABO BANA SABO YAKUYE MU NDA YIWE. AHUBWO MWOMUTERA INTEGE KUKO YAHORA AKORA IGIKORWA C, IMANA. NONE IZO MPFUVYI YAHORA AFASHA MUZOZITWARA KU KIRIMBA KWA NKURUNZIZA ? EMWE MBONA UBWENGE BABAHERANYE ! IMANA IBAKIZE KABISA !

  • uyu mutamakazi yazize akanwake naho ubyo gufunga imitungo ye azage murwanda abaze uko vyagendekeye umuherwe Rujugiro nabandi barwanya reta ya Kagame bahunze igihugu,(imitungo yabo yose yabaye iya leta) niyompamvu atari vyiza kwivanga muri politic wari usanzwe widandariza.

  • Uwo mutamakazi iyo amenya ko akora akazi ka charité ntiyari kuza arivanga muri POLITIQUE. Ariko gutuka umukuru w’igihugu ngo C’est un désequibiré mantal (ni KUVUGA NGO NKURUNZIZA AFISE UBWENGE BUCURAMYE) wumva uyo mutamakazi adakabije, ntasoni agira, ivyo iyo abivuga kuri KAGAME UBU aba amaze GUPFA, ahubwo sinzi ico CANADA irindiriye ngo imurungike i BURUNDI. akwiye gusaba imbabazi kuko YARASARISHIJE YONGERA YIKURA AGASHAMBARA. TUVYITA UBUSUTWA

  • None bahannnyeMaggy, canke bahanye impfumvyi nabanyagihugu.Maggy umuntu yari yarihungiye atarakiri no mu burundi. Ico bomenya coco Maggy ntangorane azogira ngo bugaye ivyo bikorwa vyiwe guko ntabukene azogira ngo abure ivyo azorya. Yarahunganye amahera akwiye kandi ndazi ko atari afise compte I Burundi gusa gusa. Leta nayo nyene iri mu bahomba turetse abarundi canecane abanyaruyigi. Ikindi naco bariko bigwiriza abansi guko siniyumvira nka barya banyeshure canke abakozi bashizwe mwibarabara ko bazovuga neza ubwo butegetsi. Bamwe bashobora no gucika les robelles.

  • UWUTEMA URWIWE BAMUTIZA UMUHORO. MBEGA LETA IRIKO YICA IZO MPFUVYI NGO MAGGY NI WE AZOZIBABARA ? YARI YAFASHIJE AHO AGEZA ! IMANA IZOMWABIKA IGITSIBO C UBWIZA BWAYO. NONE ABASHOMERI BABAYE BENSHI, MAGGY NI WE AZOHOMBA? HARI N IGIHE HOBA IYINDI REBELLION. ARIKO NTIBAZOSHAVURIRA MAGGY. MURUNDIKAZI YARKOREYE IGIHUGU NUKO ATAWINA AKAHEZE !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.