IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Abakozi ba CNTB batewe amabuye abaporisi barorera

Makamba : Abakozi ba CNTB batewe amabuye abaporisi barorera

dimanche 8 Ntwarante 2015

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo CNTB, amenyesha ko abakora muri uyo murwi batewe amabuye, abaporisi bakirabira hirya.

Mu kiganiro Serapiyo Bambonanire yahaye abamenyeshamakuru mu mpera z’ino ndwi turiko turasozera, akaba yavuze ko abanyagihugu bo mu ntara ya Makamba bateye amabuye abakozi ba CNTB, aho bari bagiye gushira mu ngiro zimwe mu manza, ariko bagaterwa amabuye, ndetse bakanarasa, abaporisi bagiye babaherekeje, bakirabira hirya. Avuga ko batohoje, basanze baherekejwe n’abaporisi b’aho hantu nyene.

Uwo asanzwe arongoye uwo murwi, akavuga ko, iyo ngendo ikwiye guterwa ivyatsi, na cane cane ko abateye amabuye vyanse n’uko bafatwa. Muri ico kiganiro nyene, mukamenya Serapiyo Bambonanire yifatiye mu gahanga buramatari w’intara ya Makamba, hamwe na bamwe mu bashingamateka batowe muri iyo ntara bo mu mugambwe CNDD FDD, ko bariko bitwaza kubura amajwi kubera zimwe mu ngingo z’uwo murwi.


IGIHE

Messages

  • Musenyeri Serapiyo , ntiwofata umwanya nagato ukazinga ayo ma dossiers ya CNTB ,ugasubira kuzingurura Bibiliya ukiyibutsa ico wemereye Imana . Ko ivyo wemereye abarundi kubanwanisha vyakunaniye , ubuze iki kugira tugufashe , ahandiho uzomaramara imbere yabo barundi uriko ucira imanza za ngondagonde . Bica bidutera amakenga twebwe twari tuziko , umusenyeri ari umuntu atanonosoye gusa bibiriya mukuyifata kumutwe , mais kuyitahura .Ari ikindi naco catumye uja mwiseminari mais bitari muri wewe ivyo kw’’ihebera Imana , navyone birashoboka ntawobiguhora mais tugusavye uhindure ube umushingantahe koko, ntucire imanza abantu uraziko Imana yabitubujije , ariko ubafashe kumvikana , basabikanye kubera ayo matongo namatungo urazi ko atarivyo bizodushikana ku Mana. Nimba usoma ivyo abantu tukwandikira , mugusozera nagira ndagusabe udusigurire mwijambo RIMWE . Igicumuro n’’iki ? iciza n’’iki ? Ikibi n’’iki?

  • Turakejeje abanyagihugu bo muntara ya Makamba kwiteka baraye bihaye , mukwiyamiriza ako kagwi kibisuma n’abambuzi karongowe nuwo mufarizayo SErapiyo , Nimubiyamirize abo banyoni baza gucanishamwo abose rimwe. Irambire kandi mubandanye mugwaniriza uwo mwasi hamwe....

  • umusi nasanze imisa iriko irasomwa n’uwo serapiyo, nzoca nsubiza akarenge inyuma kuko inyigisho ziwe ntaco zokwungura umutima wanje.

    Catholique nirabe neza mategeko ya Droit Canon ko atamufata iheze imuhane iyishimikije kuko yarayihemukiye yongera ahemukira abakristu.

  • Mbega abarundi iyo bava bakagera bakozwe mu manyanga gusa!Serapiyo burya akora neza cane!Kuko baramwitura hanyuma akaruca ukwavyumva!Makamba rero yishwe na za leta zabagamba zanyaga umunyagihugu zigaha uwundi! Uwuhawe nawe agaca ararama ngo carafashwe! Nkuwo muhutu(mugamba), buramatari we ntimubona ko atagira indero!

  • Umugani w’Ikirundi uti:"Agasozi kari amarere kahiye abagabo babona". Abapolisi sibo barundi! barashegeshwe nabo nyene!!

  • Ubu burundi bugizwe n’ibigwarudubi gusa kuko na serapiyo nawe n’ikigwarudubi nk’abandi bose. CNTB twari tuzi ko izoza ije kurenganura twebwe abahutu ariko siko twabisanze, ahubwo abahutu benshi nitwe tubihomberamwo. None iyi ntwaro mwumva yica nde igakiza nde? Nico gituma rero dutegerezwa kwiyunga n’abatutsi hama tugatuza izo mbwa z’abategezi barangwa n’inda zabo zimeze nk’imiduri, birirwa basahura igihugu ngo bagaca bahindukira bakaturyanisha ngo bariko baradutunganiriza mu vyacu. Burya uwobaza prezida uko twaraye n’uko twaramutse yobimenya? uwomubaza ingorane duhura nazo yozimenya? Uwo mubisha ngo ni serapiyo ivyacu abizi gute? Ariko atunganiriza twebwe canke ariko atunganiriza uwo muda wiwe? Sha, nimurindire tuzobiraba....natwe ntitwicaye

  • Ukobigendakwose nkukotwakabivuze ntamubtunumwe yanyazwe utwiwe azogenda atadusubijwe mugihe hazonami Burundi hakirangwa democratie kuko democratie ihabarindi kwitorera ababarongora abarundinabo mukabamumaze kubonako nubwowibafatira inkoho kwizosi ntibarota bareka kuzohunda amajwi CNDDFDD nagombakubabwirareroko candd fdd ntiyazanywe nogukingira ikibaba uyu cankuriya, ariko canecane tuvuze uvyuyumurwi CTBE ntiwashiriweho ngukingire abanabariya waburikumugambwe urikubutegetsi waburi ubuhange kabuki ukabufise ikintu citwako caricuyundimuntu utegerezwa kugisubiza nyeneco.

  • neza na neza aba bantu ba ba dd bamaze kuba addicted mu kwica baragowe erega bataronse uwo bararira ntibuca emwe hari nuwaje gutembera ino kure i Ottawa muri Canada nyamba yari yaraye adasinziriye adakoze ibara neza neza agenda mu kirabo cabarundi ahantu booose bari paisible atawubahuka no kwegera uwundi erega arinamura aja kwaka igiti ca brochette une dame atazi une burundaise ahejeje kurya imwe kuri ico giti aca arinamura agasose kinyama agasiga ku gitugu cuyo mudame emwe ababiravye barumirwa abanyamahanga utanga ariko babirabure baca babaza la dame bati none uwo muntu murazinanye ari ahubwo nubwambera ndamubona batatu baca barahaguruka bati iyi ni agression idasanzwe ngo ntiyotujana tutamuhamagariye 911 emwe yavuye aho bamuhungisha yanka ngo none niki ngo harico ngize !!!!!! bati ahubwo temaguza ukiri mwiza ko naho ahandi ho wava aha bakuboshe emwe nubu ndacatwenga uwo muntu yari incuti ya Adophe nshimirimana ha ha ha ha baca bati mureke azogwa imbere !

  • neza na neza aba bantu ba ba dd bamaze kuba addicted mu kwica baragowe erega bataronse uwo bararira ntibuca emwe hari nuwaje gutembera ino kure i Ottawa muri Canada nyamba yari yaraye adasinziriye adakoze ibara neza neza agenda mu kirabo cabarundi ahantu booose bari paisible atawubahuka no kwegera uwundi erega arinamura aja kwaka igiti ca brochette une dame atazi une burundaise ahejeje kurya imwe kuri ico giti aca arinamura agasose kinyama agasiga ku gitugu cuyo mudame emwe ababiravye barumirwa abanyamahanga utanga ariko babirabure baca babaza la dame bati none uwo muntu murazinanye ari ahubwo nubwambera ndamubona batatu baca barahaguruka bati iyi ni agression idasanzwe ngo ntiyotujana tutamuhamagariye 911 emwe yavuye aho bamuhungisha yanka ngo none niki ngo harico ngize !!!!!! bati ahubwo temaguza ukiri mwiza ko naho ahandi ho wava aha bakuboshe emwe nubu ndacatwenga uwo muntu yari incuti ya Adophe nshimirimana ha ha ha ha baca bati mureke azogwa imbere !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.