IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba: Umukuru wa zone yarishwe n’abantu bataramenyekana

Makamba: Umukuru wa zone yarishwe n’abantu bataramenyekana

mercredi 16 Nyakanga 2015

Umukuru wa Zone Kibago iri mu ntara ya Makamba azwi kw’izina rya Bigirimana,yishwe n’abantu bataramenyekana ku rugo rwiwe ruri ku mutumba Rubimba.

Amakuru ava ngaho mu Kibago,amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro zo kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Nyakanga,aho umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bamurasira ku muhana iwe.

Bigirimana yari asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Makamba.

Mu bajejwe umutekano aho i Makamba,bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye aboba bakoze ubwo bwicanyi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.