IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Inda yakorowe ku mezi umunani yagirijwe abantu batatu

Matana : Inda yakorowe ku mezi umunani yagirijwe abantu batatu

vendredi 24 Nzero 2014

Umuforoma wo ku bitaro bito vy’i Matana vyitwa Vyizigiro yafashije umunyeshure wo kw’ishure ry’i Nyagihotora ubu ari mu minwe y’inyamiramabi gukorora inda, co kimwe n’umusore yagirizwa kuba ariwe yamutwaje bari mu minwe y’inyamiramabi, aho bariko barabazwa ibijanye n’iyicwa ry’ico kibondo.

Amakuru ava aho i Matana akavuga ko iyo nda yakorowe yari igeze ku mezi umunani, ndetse umwana akaba yaciye avuka apfuye. Uyo mwigeme nawe yagize ivyo akaba yaciye agira ingorane kuko amagara yiwe atamworoheye ahejeje kwibaruka, ubu akaba acunzwe n’abaporisi aho ariko aravurirwa kwa muganga.

Abafashije uyo mwana gukorora iyo nda harimwo umuhungu yagirizwa kuba ari se w’umwana, akaba kandi ari nawe yamuherekeje kuri uyo muganga aroye kuyikorora, co kimwe n’umuganga bose bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi aho bariko barabazwa, kuri ico caha co kwica ubuzima bw’urwo ruyoya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.