IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Umuyoboke wa RWASA Agathon yarekuwe

Matana : Umuyoboke wa RWASA Agathon yarekuwe

vendredi 24 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Bernard GATORE, umukuru w’umugambwe FNL uyoboka umushingamateka RWASA Agathon muri komine ya Matana yarekuwe, inyuma y’umunsi umwe yari amaze mu gasho.

Uwo mukuru w’umugambwe FNL ya Rwasa Agathon muri komine Matana, intara ya Bururi yari apfungiwe mu gasho k’igiporisi c’i Matana kuva kuri uwu wa gatatu. Yatawe muri yompi inyuma y’aho bari bahejeje kumusaka, ariko akaba ataco bamusanganye.

Tubibutse ko kuri uwu wa kane muri iyo ntara nyene, abana b’abanyeshure babiri bari bitwaje inkoho bateze umutego ku miduga ibiri yo mu bwoko bwa FUSO, muri zone Vyuya, komine Mugamba intara ya Bururi. Abanyagihugu begereye ahabereye uwo mutego bamenyesha ko iyo miduga yategerewe wari itwaye ibidandazwa bigizwe n’imyumbati yari imanukanwe mu gisagara ca Bujumbura. Abo banyeshure bitwaje inkoho basahuye iyo miduga amafaranga ataramenyekana igitigiri.

Buramatari w’intara ya Bururi, Christian NKURUNZIZA yamenyesheje ko umwe muri abo banyeshure babiri yafashwe, akaba yiga mu mwaka wa gatanu w’amashure mato mato. Uwo bari kumwe yiga mu mwaka w’indwi akaba yarasize abajejwe umutekano.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko inyuma y’uwo mutego wabaye kuri uwu wa kane, hafashwe inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov irimwo amasasu abiri.

Abajejwe intwaro muri komine Mugamba bamenyesha ko bikeka ko abo banyeshure bakoze uwo mutego boba bakorana n’umusirikare yahora mu gisirikare c’Uburundi aheruka gufatwa, akaba avyiyemerera ko ariwe yategura imitego yose yabereye kuri iryo barabara imbere y’uko afatwa.

Uwo mutego wabaye kuri uwu wa kane ubaye uwugira kane ukozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho kuri iryo barabara.


IGIHE

Messages

  • EMW MUDAHAGURUKIY IVYOBINTU IBARA RYAGUY AHO UMUNYESHUR YIGA MUMWAKA WA GATANU NA SEPTIEME BATEGA UMUTEGO KUWO! NGIRA KWISIYOS BIBA MUBIHUGU BIK ICONIKIMENYETSO CEREKANAKO IGIHUGU KIGWAY KANDI CANE

  • Ngereranije uwomwana wumunyeshure ashobora kuba afise imyaka yamavuko irihagati ya 11 na 13
    Abazobihanirwa abakoresha amabi abana nkabo babebarimba bigera murabaza umugabo yitwa Bosco wumunyamurenge wu mucongomani yarakoresheje abana nkabo atamunego yewe biranagerigihe ahabwa amapete mugisirikare ca congo abumusirikare wigihugu akomeye twese twaritwabonye ko gukoresha abana amabi bimuviriyemwo unugisha.
    Ariko igihe kigeze yarahanantutse kugerubu bureau vyiwe biri Lahely Buholand mukasho! Gukoramabi mwiyimyaka tugezemwo uwuzobikora ntibizokwijana, nubwowoja mubishikirano bakaguha ikibanza ciza bizotegerezwa kuzunguruka ubazwe amabi wakoze maze baguhananture bagukure iyowarigeze mubushorishori bagushire hasi mugasho, dukorerero ivyiza kuko nivyotuzosanga imbere nitwabaduhisemwo gukora ibibi navyo tuzobisanga imbere kuko tuzovyanka kandiwarerekanyeko arivyo ukunda.
    Abobana bariko barakoreshwa amabi maze babagabo barimubihugu Bubiligi nomurwanda bumvababikoze bakaduza urutoke bavugango babanabacu bakoze akazi rindira ejohazoza bazobagirize mwumirwe!!!.

  • ABO BAMENJA NI BATESHWE BATE KUKO NTAGACE NAGATOYA KU BURUNDI BAZOPFA BAFASHE.

  • Nkuko Bisnzwe Fash Ab Abo Bahend Abo Bana Bahanw Kuko Aban Dukeneye Kubaho

  • Nuko,abajejwe,umutekanobogeragezagukurikirana,izonkozizibibikugirango,iyokomine,ironke,amahoronumutekanomurakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.