IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Buconyori yashinguranywe iteka

Musenyeri Buconyori yashinguranywe iteka

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Mu Ngagara kw’Ishengero rya Methodiste Libre, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2013, musenyeri Eliya Buconyori, yahora ari umukuru wa Kaminuza Espoir d’Afrique yashinguranwe iteka.

JPEG - 42.5 ko

Ibirori vyatanguriye ku bitaro vyitiriwe umwami Khared mu Kamenge kw’isaha imwe n’iminota mirongo itatu, aho abantu isinzi bari baje kumusezera irya nyuma. Harangwa umubabaro n’amarira. Inyuma y’aho baciye baja mu Ngagara kw’ishengero Methodiste Libre ahabereye igisabisho co kumushikiriza Imana.

Abanyecubahiro batandukanye nibo bari bitavye ivyo birori. Twobabwira umupfasoni w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza, uwahoze ari umukuru w’igihugu umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya, Umuhuza w’abarundi Mohammed Rukara, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, uwaserukiye Leta y’Uburundi, uwaserukiye umukuru w’inama nkenguzamateka, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi Pascal Nyabenda, umwepiskopi Evariste Ngoyagoye, abaserukiye ayandi madini, umukuru w’abagenzi b’ishure kaminuza Espoir d’Afrique bo muri Leta zunze ubumwe za Amerika Msg Dr Gerald Bates, abakuru b’ayandi makaminuza, n’abandi bantu isinzi barimwo abakristu bo kuri iryo shengero, abanyagihugu bo muri komine Ngagara, abanyeshure, n’abandi…

JPEG - 47.9 ko

Mu majambo yagiye arashikirizwa n’abanyecubahiro batandukanye, bose bagarutse ku bikorwa vy’iterambere ryaba iry’igihugu canke iry’imitima vyaranguwe na Musenyeri Eliya Buconyori. Bose bahurije ku kuvuga ko Uburundi buhomvye umugabo w’ijunja n’ijambo, kandi ko azokwama ari intibagiranwa. Abenshi bokwibaza bati Musenyeri Eliya Buconyori yoba ari nde?

Eliya Buconyori yavutse mu mwaka w’1952, ku musozi Bikingi, komine Nyarusange, intara ya Gitega. Ahejeje amashure yisumbuye I Mweya, yabandanije amashure ya kaminuza mu gihugu ca Kenya aho yaronka urupapuro rw’impamyabusobozi. Yarabandanije amashure yiwe muri Leta zunze ubumwe za Amerika, ahakura urupapuro rw’umutsindo “Doctorat” kuri kaminuza yitwa Trinity International University yo muri ico gihugu nyene.

Gushika umusi yitaba Imana giturumbuka igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013 (ku pasika), Musenyeri Eliya Buconyori niwe yararongoye inama nkuru y’ishengero Methodiste kw’isi yose.

JPEG - 39.2 ko

Kuva mu mwaka w’1980 gushika mu mwaka w’2004, nyakwigendera yakoze nk’umumenyeshamana muri Afrika y’ubuseruko cane cane muri Kenya aho yatanguje ama paroisse menshi. Mu mwaka w’2000, niho bamugena ngo abe umwepiskopi w’ishengero Methodiste mu Burundi no muri Kenya. Mu buzima bwiwe bw’umukozi w’Imana, yarabaye umuyobozi w’ishure ryigisha ivy’Imana ry’I Mweya, umunyamabanga mukuru w’igisata karaba ivy’indero kandi niwe yatanguje insamirizi “Voix d’Espoir” ari nawe yayiserukira imbere y’amategeko.

Mu migambi yindi y’iterambere, yarubatse amavuriro muri komine Rutunga, Muyebe, Nkondo, Burenza, Bugembe, hamwe n’ibitaro bishasha “Clinique Van Norman n’ibitaro vy’i Kibuye.

Mu gihugu ca Kenya, niwe yatanguje ishure ritoya ryitwa “Espoir International”, ari naryo abana b’impunzi bigako bavuye muri Congo, mu Rwanda, no mu Burundi.

Kubw’umwitwarariko yarafitiye igihugu ciwe, vyamutumye aterera no mu mugambi w’amahoro, aho ari mu bitavye ibiganiro vy’i Arusha kuko yari no mu murwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano. Ku myaka mirongo itandatu n’umwe, Musenyeri Eliya Buconyori asize umupfasoni wiwe, Joy Butoyi bubakanye mu mwaka w’1974, n’abana bane:abahungu batatu n’umukobwa umwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • ndi n’umubabaro mwinshi kwumva Musenyeri Buconyori yaritavye Imana. Mu kirundi barayamaze bati intore ntiramba. Ndahojeje umuryano wa Musenyeri Buconyori, incuti n’abagenzi biwe bose. Igihugu kirabuze umushingantahe w’ukuri. Tukwama tumwibukira kuvyiza yakoreye abarundi n’abarundikazi.Nizeye ko iragi asize rizobandanya. Imana imwakire neza mu bwami bwayo.

    Jean B Ndayizigiye
    Seeds For Communities Of Peace
    USA

  • Ibih nkibi ntivyoroshe et surtout kumuryango wumuhisi
    ariko nukuja murabaremesha uko biri kwose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.