IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Umunyeshure yahanishijwe umunyororo w’imyaka indwi n’amezi (...)

Muramvya : Umunyeshure yahanishijwe umunyororo w’imyaka indwi n’amezi 6

mercredi 1er Ruheshi 2016, par egide

Sentare nkuru y’igihugu ya Muramvya yashashe mu ntahe y’icese mu manza z’ikibiriraho acira urubanza rw’umunyororo w’imyaka indwi umunyeshure yagirijwe ko yashatse kugandagura umuyobozi ajejwe ivyigwa kw’ishure ryigisha ubuvuzi rya Muramvya.

Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muramvya, ari nawe avuga ko yagize amatohoza kuri ico caha yagirije NDAYIZEYE Prosper umunyeshure yiga mu mwaka wa kane kw’ishure ryigisha ubuvuzi rya Muramvya ko yahatswe kugandagura umuyobozi ajejwe ivyigwa kuri iryo shure amusogose imbugita.

Umunyeshure NDAYIZEYE Prosper yagirijwe kandi kuba yari yateguye kwica uwo muyobozi kuko n’imbugita yakoresheje yari yayikotesheje amafaranga igihumbi. Uwo munyeshure yaremeye ivyo yagirizwa imbere y’abacamanza, asigura ariko ko iyo mbugita yari yayiteguriye kwiyahura wenyene, kuko atari yatahuye ingene yayobewe mu cigwa gitangwa n’uwo muyobozi ajejwe ivyigwa yasogoswe imbugita.

Sentare yafashe ingingo y’ugucira igihano c’umunyororo w’imyaka 7 n’amezi atandatu ku munyeshure NDAYIZEYE Prosper. Ikibazo c’indishi y’akababaro sentare yabaye irakibandirako kuko uwakomerekejwe akiriko arivuza, akaba kandi atarisabira iyo ndishi.


IGIHE

Messages

  • mbe yemwe tuvahe tukajahe?twagirango ugwaruka gwo gwofashije igihugu kuva mungorane none ruriko rurasongera isibe?yemwe yemwe nimugabanye amashavu mushire imbere kuja inama ningingo.

  • EMW IBARA RYARAGUY! URUMVA AKOKAMARAMAZA! ABANTU BASIGAY BARABAY INYAMASWA! NAHANW AHUBWO MWAMUCIRIY IMYAKA MIK YARAKWIY NKA 15ANS

  • ICOMBONA.ICOGIHANO.NIGITO.YARI.NKIMYAKA.25

  • ICOMBONA.ICOGIHANO.NIGITO.YARI.NKIMYAKA.25

  • Ivyo uwo munyesheri yagize kuruhande rumwe ntibitangaje uravye ubunyamaswa bushingiye kubwicanyi nirindi hohotera ryagateka kazinamuntu bigirwa mugihugu cacu c’uburundi kandi bikagirwa nabantu bitwa ngo barongoye igihugu kandi ivyobakabigira kumugaragaro atacamira urumvako rwarwaruka akarorero keza ruzogatorahe baca umuganingo wiba uhetse ukaba uriko wigisha uwuhetse kandi ngo umwera uvibukuru ugakwira igihugu burya uravye amahano arikubera mugihugu cacu atuma abarundi behebura ninarirya atabutungane kuri bose buhari ivyobica bituma abarundi basigara babayeho nkabihevyi kuko ntibakigira kiremesha abobaremesheje nibo baterura idarapo mubukozi bwikibi ico nosaba abacamanza bacu nuko bokwikubita agashi bagakora akazi kabo nkabanyamwuga ahagushaka kunezereza umuntu canke umurwi wabantu kuko ityo sityo bango mwemeye ataraho nakataraza karimunyuma ubunaho muzoza mubona abobantu biciwe ababo bakabura ikibatunganiriza bahagura batangure kwihora kandi ico kizoba arinkimwaro kubacamaza bigihugu cacu

  • JEWE KO BANTEMYE NAROPESHEJE HISTOIRE KO NTISHE MWARIMU IYO NTABWO ARINDERO YOKONGEYE KWIGA AKAMENYA VYOSE BIBAYE 00%

  • Emwe ibararirama icombona yarakwiriye nkimyaka 30ans icogihanokweri nigito.Nukuri nkuyo yarakwiriye igihano cogupha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.