IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Urubanza rw’abagirizwa gutuka umukuru w’igihugu rwashizwe mu (...)

Muramvya : Urubanza rw’abagirizwa gutuka umukuru w’igihugu rwashizwe mu mwiherero

lundi 27 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yashashe kuri uwu wa mbere muvyo bita "Chambre de conseil", mu rubanza rw’abanyeshure bagirizwa ko bononye isanamu (Photo) y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Sentare yumvirije abo banyeshure bose bapfungiwe mw’ibohero rya Muramvya, urubanza rwabo rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero.

Urwo rubanza rukaba ruzosomwa mu masaha mirongo ine n’umunani (48heures), kuva kuri uwu wa mbere.

Tubamenyeshe ko kuri uwu w’Imana abo banyeshure bari bahawe umwidegemvyo w’agateganyo, ariko bakaba bagumijwe mu munyororo kubera uwuserukira Reta muri urwo rubanza (Ministère Public) yaciye yunguruza. Amakuru atangwa n’umukuru w’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana, FENADEB (Fédération Nationale des Associations Engagées dans le Domaine de l’Enfance au Burundi) amenyesha ko hari n’abandi banyeshure babiri b’aho i Muramvya nyene batawe muri yompi bagirizwa ico caha nyene c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu. Abafashwe kuri uwu wa mbere ni uwuserukira abandi banyeshure (Doyen) kw’ishure ryisumbuye rya Muramvya, hamwe n’icegera ciwe.

Abo banyeshure bose uko ari batanu bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika akaba yaheruka kumenyesha ko yatanguje dosiye y’amatohoza ku banyeshure bo ku mashure yisumbuye atatu yo mu ntara ya Muramvya, bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Batandatu bakiri abana (Mineurs) muri cumi n’umwe bagirizwa ico caha, barahawe umwidegemvyo w’agateganyo, hasigara hapfunzwe batanu bakwije imyaka y’ugukurikiranwa n’ubutungane (Majeurs).

IGIHE

Messages

  • nimubarek ibitabo sikindi.

  • Ayo marorerwa mwirirwa murakorera urwaruka kandi arirwo burundi bwejo mumenyeko nguwanka agakura ngwabaga umutavu mbega gufutanganya ifoto birasumba abantu imbonerakure nigiporisi vya nkurumbi birirwa biragandagura kumutaga riva kwatawe turumva mwafashe ngo mucire urubanza nimurekure ivyobibondo bije kwiga
    Kuko ntaco mbona mubihora ngaho kuko iyoyaba mwokabaye abacamanza koko mwohereye kuri nkurunziza kuko gushikubu ntamunyavyaha ahari asumbawe muriki gihugu cacu

  • Ariko nakamaramaza kweri, ifoto ibaye ikibazo gikurura imanza nkizi, azifotoze iyindi camera zirahari.

  • . Barundi barundikazi, cunti z,ubirundi. Reka twubahe umukuru w,igihugu, n,inzego zose z,igihugu, nta munyeshure atubaha kizigenza , uwo naho yoheza amakaminuza ntaco yomarira igihugu . Imana yavuze ngo <abo nkunda ndabakangira> abo banyeshure bahanea vy,akarorero natwe twarize imbere yabo twarubaha Buyoya ndetse tukanatukwa tugahakwa kwicwa ariko turiga, none bafise amahoro yarondewe n,incungu banyakwigendera none bariko basesemwa, jew nize ubucamanza, bahane gutya,< ntibazongere kuronka ikibanza c,ishure kubutaka b,uburundi, bapfunge imyaka itari musi ya 30 ans> n,abandi bige kwubaha murakoze

  • . Barundi barundikazi, cunti z,ubirundi. Reka twubahe umukuru w,igihugu, n,inzego zose z,igihugu, nta munyeshure atubaha kizigenza , uwo naho yoheza amakaminuza ntaco yomarira igihugu . Imana yavuze ngo <abo nkunda ndabakangira> abo banyeshure bahanea vy,akarorero natwe twarize imbere yabo twarubaha Buyoya ndetse tukanatukwa tugahakwa kwicwa ariko turiga, none bafise amahoro yarondewe n,incungu banyakwigendera none bariko basesemwa, jew nize ubucamanza, bahane gutya,< ntibazongere kuronka ikibanza c,ishure kubutaka b,uburundi, bapfunge imyaka itari musi ya 30 ans> n,abandi bige kwubaha Baragaswera ba nyina, murakoze

  • Ariko muzemuranyihanganira nkunzekuvugana agashavukeshi nkaheba nkabesha kubera mbonako bitazoroha gukura CNDD fFDD kuko ivyodukoravyose womengo tubatuyiteye gukomera kandi mwakinogihe hoho turayimaramariye imbere birenze ukwemera mwaravyiboneye.

  • wewe uvuga ko ibitabo ataco bimaze waraciye no muwambere?atabitabo abana bokwiga gute?nibahanwe bongere bagure ibitabo bononye bemere icaha hama Sebarundi abagirire ikingongwe muga babanje kwemera ikosha.

  • Kudahanimba,kuwgizimisega,bahanewmihanukiriye,kuko,izegonizokwubaha,barameje,kuberako,bameje,jewendabasabiye,umumyororo,wiymaka,cuminitanu,kugiranabandi,bubahe,izego,murakoze

  • bareke ariko ntuzi ko abana bakunda gufyina. Ahubwo nukwishira hasi gwoose. iyo misi bamaze mugasho irakwiye nimba nukuri Peter abizi arabagirira ikigongwe, erega haraho wosanga iyo dodssier atayo azi. c est tellement petit

  • Nkurunziza afise izindi ngorane zigoye igihugu yo kurikirana gusumba ivyo abo bana bakoze. Ibi nivyo vyerekana ko ata democratie iri mu Burundi, kandi Nkurunziza ariko yishira wenyene hasi, kuja kunigana n´abanyeshure bari muw´umunani nawe ari président w´igihugu!!! n´akamaramaza!!!

  • Nukuri Jewe Kubwanje Mbona Bobarekura Bakabagirira Ikigongwe Kuko Mubanyeshure Beshi Habamwo Ababuza Amahoro Abandi Vyiza Bobagirira Imbabazi

  • Nukuri jewe atakindi bokorerwa nukubahasha kuko baramenje.

  • Nareke abobana kubahohotera, arazoza nzomu pfotore izindi nimba babuzwa amahoro niphoto. nzomufotora izikweye uburundi bwose bishobotse zimwe zizomanikwe kubiti vyo kumabarabara. ariko abobana abujije amahoro batekanigwe. Nayubucamanza ntibwari bukwiye kugumiza abobana mubusho, umwana numwana, nubwo yo ba afise imyaka 20 niyirenga.naravyaye ndabizi ukwabana bameze,umusumwe umwana wiwanje afise imyaka 16 nasanze ya fashe TV na compiyuta aratatagura rwariko ariga ivyubufundi,itsinga arahimbagura, kuvyo yari yakoze nari kumuhanisha, narihanganye nijira igarama yindi yo kurondera ibindi nahubuzima usanga buzivyeee. umuti sugufunga rero.

  • nibasakigopgwe bazobabarira perezida n mnt mwiza

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.