IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Murwi : Abarwanyi batanu baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Murwi : Abarwanyi batanu baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

mercredi 31 Kigarama 2014

Abantu batandatu bagizwe n’abarwanyi batanu hamwe n’umunyagihugu umwe nibo baguye mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri muri komine Murwi, intara ya Cibitoke. Ababonye abo barwanyi bamenyesha ko bamwe muribo bari bambaye impuzu za gisirikare zo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo, mu Rwesero muri komine Murwi, intara ya Cibitoke, harumvikanye amasasu menshi. Yari abarwanyi bataramenyekana bari bateye, ariko igisirikare c’Uburundi kirabazibira. Muri izo ngwano zamaze nk’amasaha atanu, abantu batandatu bagizwe n’abarwanyi batanu hamwe n’umunyagihugu umwe nibo bahasize ubuzima hamwe n’umusirikare umwe w’igihugu bivugwa ko yakomeretse. Abo barwanyi bakaba baciye bashwiragira mu misozi ya Nyamabuye, Mugimbi na Mahanzi, mu gisirikare c’Uburundi bakamenyesha ko bakibakurikirana.

JPEG - 536.2 ko
Umwe mu barwanyi baguye muri ico gitero (Photo : RPA)

N’aho abo barwanyi bataramenyekana, bamwe mubashoboye kubabona bamenyesha ko hari muribo abari bambaye impuza za gisirikare zo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
.


Egide Nduwimana

Messages

  • iyo wosanga ari montage ya dd kugira yice abantu cankugasamga nabanyoro binca murubwo buryo ngo nabarwanyi,kuko no mu kabezi barishe umusirikare wa fnl kurubwoburyo kuvuga impuzu nibisanzwe ntibaje bazizanye ntibaherukayo,kwambika umuntu impuzu

  • Ingabo zigihugu cacu komera hasha kandi mukomeze muhagarira amahoro izo njavyi zereke yuko murabagabo Koko mubikwiye twebwe abanyagihugu turinyuma yanyu ababasevya ntaco bazogerako twebwe abarundi twararambiwe na war every days (la Guerre ) komera komera komera kumuheto nakizigeza president wacu nkurunziza izina niryo muntu ni nkurunziza yabarundi kotumufise

  • sivyubu urikijuju nkabanditse iyinkuru kuko ntakuntu yokwandika ngo abagwanyi baguye mugitero cabitwaje ibigwanisho none abitwaje ibigwanisho nibande?abagwanyi nibandi???

  • Ahubwo’bishebake’nibadutumeko’twese tumanuke.turiteguriye’kugwany’umwasi’ah’azoturukahose’tubonakure.ntimukorako.

  • Mr. Sivyubu, Bareke , S’abahutu bica abandi Bahutu, barabizinanyemwo.

  • NAJE NDIBAZA KUKI BASHIRAMWO NI IMBONERAKURE !!!MBE NTA FORCES DE DEFENSES ET SECURITE DUFISE????BITEYE AMAKENGA.MBE KO TUGIYE MU MATORA ABO BARWANA BARONDERA IKI???HAAA TUBITEGE AMASO..UBWO SI KUGIRA BICE ABA TEMOINS GENATS NABO BOSE BADASHAKA MU MATORA >???ABA DD BAKORA MENSHI NTAWOSHOKA AVYEMERA>>>HARI UTUBAZO TWINSHI BAHA ....

  • Wewe sivyubu, niwumva abarundi avugango akataretse Ko kabagasema rindira nejohariho abarenzabo bazogaramikwa nkukubonye uwoyashize amahahara hejuru, ubworero worema ejoho bazokwereka abobafashe kugirabagukuremwo utwotujamwo udambikanya uvuga ngonabanyororo.

  • koretay’uburundi yam’ihakana ko atabagwanyi barimugihugu?nonabobazananyehe?abanyagihugu twarushe.Mana garukir’igihugu cu Burundi waduhaye.Uduhe abategetsi binvuga kuri.Abaravye bazobona vyinshi kandi bongere bumve vyinshi .IMANA ikibahaye kuramba .

  • Ndakengurukiye Ingabo Zacu Kuko Hari Akagwi Muburundi Kipfuza Gukamisha Amaraso Bamwe Bamwe Bama Bavuga Ko Bipfuza Kugumuka Nukubaraba Neza Kwataribo Bipfuza Guca Muriyonzira Ariko Bazokubitwa Nkuko Babaye Komera FDN Kurugamba Nayo Izongabo Zacu Zikorera Mucibitoke komeza Kurikanura Nkuko Mwarikanuye,muratanze Akarorero Keza Ntibabazi Na Shabe Yarakubiswe Iriruka Mwokangwa Nizo Mbundege,komera Kurugamba Imana Irakunda Igihugu Cacu Ntishaka Ko Amadayimoni Yinjira Mugihugu Cacu.

  • NAVUZE KO IVYA BA DD BITEYE AMAKENGA NTAWOVYEMERA UKO ATARI IKIJUJU EREGA BASHAKA GUTSINDA AMATORA ATARABA!!!!!

  • TURAKOMEJE GUSHIMIRA IKINYAMAKURU IGIHE GIKOMEJE KWITAHO KUZAKIRAHAGARIKA IVYIYUMVIRO VYOGUTUKANA KURUBUGARWACO .

  • @sivyubu ntanikwe ubeshomwo nirementanyo

  • Uworero ngoyashaka arasane ngompa abaye Colonel nka Adolph Nshimirimana? Birya ntibizosubira abazokomeza kubigerageza ntakibuza ivyakaka vyabasonda buburundi birabasya ntakibuza. ariko murantohoreza ntizibe zarintumwa za vyavyihebe Al Shabbab kukobose igisirikare cigihugucacu ntawogitinya.

  • Abihevyi ni benshi kuva igihugu gitangura indwano. None nk’umuntu yibaza ko hari ico ashobora gushika ko ngo n’uko afise ingoho ntiyihenda bikomeye?
    Turacagowekabisa!

  • igihe??????????????????!??????!!!;;;;;!;!!!;;!;!!!!!;!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!¡!!!¡!!!!¡

  • EMWE NONE ABOBARWANYI NABARUNDI?CANKE NABAKONGOMANI BARI BADUTEYE EMWE BABUZE AHO BAMENERA INGABO ZUBURUNDI ZIZOBAVUGUTIRA UMUTI.

  • ahaaaa!tuqakenyeye uburundi tumere nka somalia! intambara ntihere!nugusenga nayahandi uburundi bwinjiranywe pepe!

  • iyi foto plz Bashingantahe ntabwo yemewe muri ETHIQUE ET DEONTOLOGIE, mukosore, muyihindure.

  • Turabashimiye basoda bacu mukomere kumurego.twosaba ukuntu twoja duterea abasoda bacu bari kurugamba bakaronkaiungurwa zikwiye mushirehoadicated bank account yo gufasha mubiribwabasoda bacu bigihugu kurugamba murakoze .nkwubahwa Baratuza,izina niryo munt,tuzaizo nkozi zikibi

  • ewe sivyubu akuzuye ntikamurikwa FDN Yacu Ntiyoroshe Na Al Shabab Yarataye Irahunga Yokangwa Nizo Mbundege Haaa Izongabo Zo Mucibitoke Turazizeye Ko Kurugamba Ari Intatangwa Ahubwo Bari Baje Kwicuniro. Uburundi Nigihugu Kititaha Kirimwo Abagabo Ariko Nimwiyumvire Birukanye Al Shabab Muri Somalia Abo Nabo Ninko Kurotsa Nkakaraya Gahoze,nta Madayimoni Twipfuza Muburundi Ndashimiye Uwitwa Cheri Ivyo Yavuze Nukuri.

  • @ Dodo, ntugirikibazo tubarinyu inzirazose zishoboka turetse nako kigoro wavuze kokuminuza wavuze turagabirije gukora ivyobotubwira vyose, arikubu icodukora nisazi tubonye iguyekunzu yumubanyi agaterefone karuhukira mumakambi yibi polisi nibisirikare vyigihugu cacu cu Burundi, erega tumazimisi twitegurira ibintunkibi, akarorero nivyavuzwe nivyihebe Al Shabbab hakigerekaho amajambo yiterabwoba akunze kuvurwa bamwe mubanye politike babarundi.

  • dans les droits international kirazira kwic umurwanyi uwariw wese wamaz kumufatisha amaboko nn ivy igisisikar cuburund cakoz ndabishimy kub cabakurikiranye ndabigay kub cishe abo bafashe ikibazo nibaza umukuru wigihugu yama asemerera ngo ingab zuburund ni barutumwako kugarura amahoro mubihugu vyohanse nikuk mukurwany uyo murwi barinzeko gutumako imbonerakur nab demobilise hamw nabanyagihugu?izonkoho bakoresheje bazikuyehe?

  • @ Fire, komeza worganize nabandi ubarungike ndakubwirako utazomenya nicabakubise ndaziko ahomwakarwanirije imbonerakure ko kwarugushaka abomurikomurandurumbanya ntibizobagore gucengera mugihugu nkukovyarivyoroshe muntambara zahitiye zamoko ahumuhutu yabona abahutu barikobaracengera akabita incutizumuryango canke abatutsi babona abatutsi bagiye kurimbika imbaga tukabonako arizoncutizacu, ndakubwirako abasirikare bigihugu cacu twebwe turetse gusa kuba abasirikare bigihugu gusa ariko kubahinkuru batwakirana yompi, wee!

  • NIMWEMERE TUBABWIRE UKURI KURIBI VYABABANTU BAKOZE ACCIDENT BAKISUKA KUZUKI ZIFISE IMBOYI ZIKAZE ARIBO BASIRIKARE BU .BURUNDI. KURIKIRANA NEZA UKOVYAGENZE: KUMUSI WAMBERE WITARIKI 29/12/14 KUMASAHA YUMUGOROBA NIHOHABONEKA ABANTU BESHI BAFISE IBIRWANISHO VYOMUBWOKO BUTANDUKANYE HARIMWO NABAMBAYE IMPUZU ZISA NIZABASIRIKARE BIGIHUGU KIBANYI CA CONGO MUZINEZA KOTUBANYENEZA IMYAKAMYISHI. UWOMURWIWABOBANTU BAZABARACISHAMWO BARIRIMBA ZANDIRIMBO ZIRIRIMBWA MUMASENGERO Y’IMANA ATANDUKANYE ARIKO UKOBANYAGIGUGU BAKOMEZA KUBABONA NIKO AMATELEPHONE YATSISTITIKANA CANKE YANGONGANIRA KUBAJEJWE UMUTEKANO WUBURUNDI NABARUNDI MUGABO NUBWO ABASHINZWUMUTEKANO BARIBAMAZE KUBIMENYA BAGATANGURA NOKUBAGOTA ABANYAGIHUGU BAGUMA BONGEREKANA MUGUHAMAGARA ABAJEJWE UMUTEKANO IJORORYOSE RICARISHIRA KUMUSI WAKABIRI BAGIYEKURUHUKA GUHAMAGARA ARUKWO BUMVISE KURUWO WAKABIRI ABASIRIKARE BATANGUYE GUKOSORA UWOMURWI WARIWABATSITAYEKO.

    MURIKWAKUVUGISHUKURIRERO KUGERUBU UWOMURWI WIHENZE UGATSITARA KUBASODA BIGIHUGU KURUWOMUSINYENE WAKABIRI HACIYEHICWAMWO ABASHIKA 34 BUWOMURWI IMANA IZOBAHE IKIBAZA YAGENEYE ABAMEZENKABO, KURUWOMUSINYENE MURUKWOGUTSITARATWAVUZE KWUWOMURWI WARAHITANYE UMUSIRIKARE WIGIHUGU CACU UMWE (1) IMANA IWAKIRE KUKO YARIKO ARAHARANIRAKO AMARUNDI NUBURUNDI NABANDIBOSE BABUBAMWO BABAHONEZA ATAWARDYAWANGURA. ARUKUBU KUBERA HARIHO BAMWE BATARASHOBORA KUMENYEKANA BASANZWEBAFISE URUHARA MURIVYOVYABAZA KWISUKA KUGISIRICARE CIGIHUGU BARAKOMEJE GUHAMAGARA ITANGAZAMAKURU MPUZAMAHANGA BARIBWIBWIRA NGO NTIHAPFUYE UMUSIRIKARE UMWE NGOHAPFUYE 5 BIGIHUGU, UMWEMUBAMENYESHAMAKURU YARABAJIJENGO NONE ABOBATEYE KOHAVURWAKO BAPFISHIJE ABASHIKA 34 VYOBARIVYO? BISHUWEKO ARIVYOBAPFUYE NGOMBERE BASHOBORA NOKURENGA NGOKUKO ABASIRIKARE BA LETA BASANABARIYE AKARUNGU NGONUBUBABIRUTSEKO NGOKANDIBURYA ABABASIRIKARE BUBURUNDI IYOBATEWE BASHOBORAKWICABESHI ARIKO BAGATANGAZA BAKE NGUBONYE ABABASIRIKARE BUBURUNDI MUMAHORO WOGIRA NABANTUBEZA NGWARIKO BARINZEBUMVA UMUNTU AFISE IKIRWANISHO BACABAMERA NKABASAZI NGOMBERE JEWE MFISAMAKENGA KO BASHOBORA KURUHUKIRA KONGO BABIRUKANGAKO ABOBATISHE. HANYUMARERO ICOMWOMENYA NUKO MWENABA BATERA BABABABIKOZEKERA INTAMBAMYI YAKOMEJE KUBA LETA YAKONGO NIGISODACAYO VYAKOMEJE GUKORANA CANE NA LETA YU BURUNDI NIGISODACAYO MUGUFASHANYA GUCUNGERA IMIPAKA KUGEZANAHO WASANGA ABASIRIKARE BA KONGO BISANGA NGAHA BUJUMBURA ABABARUNDI NABO BAKISANGA MURI KONGO, BURYARERO IYUBURUNDI NA KONGO BADATESHWA UMUTWE NAYOMAKUNGU VYARABONEKANAKO BARIBIYEMEJE KURWANYA AKAJAGARI HAGATI YIMIPAKA YABO ARIKO NABASANZWE BASHIGIKIYE KO MWENUTWOTURWI TWOTERIMBERE BARABIGIRAMWO URUHARA KANDUSHATSE KUBAMENYA NTIVYOKUGORA AKARORERO MUMISIHEZE HARIHO ABARARABADASINZIRIYE KUBERA IMIKORANIREMYIZA IRIHAGATI YABASHINZWE IMITEKANO YIBIHUGU VYU BURUNDI NA CONGO MWIBUKEKO CONGO YAHEVYE IKAVUGAKO IBIZINANYEKO NA LETA YU BURUNDI. NDAKOMEZA KUBARONDERA AMAKURU YURUVANGAVANGE

  • Mbe pacifique Nininahazweko yahora arokomboka ubu wamunwawwe wazivye ko atavuga ko sebuja Sinduhije yabeshe utunyeshure ngo tuje kurwana none tuhasize ubuzima!!!!ahubwo narungikeutundi tuzoribwenbisiga umukondouabe hejuru hahahhahahahahahahahahahah.emwe turabumaze bwatatanye turi kugenda dufata aho twinyegeje mumyonga urufura rwaje mukanwa kubera inzara tugaca tukereka inzira kahise kunyuramwo yamahoro kifuza.hhahhaha

  • twaje ndagushimiye kumakuru udushikirije: mbega wotumenyera umwe aharanira agateka kabanyororo nabapfuye kwari numuhinga muvyo kuzura ibiziga uratubonera kukibuga. HAHA

  • HAHAHAHAHA IVYASHITSEKO MUNAMA YA KAMPALA BIRAHAYE BISHIRWA MUNGIRO GUTERA INTAMBARA. NDIZEYE ABO MURI AMUSOME UMUTEKANO BAZOWUGARURA.

  • HIHIHIHIHI NGODUSHAKA KWIYAMIRIZA CNI GUSHIKA TUYEGUYE NONE CNI IKORERA IMABAYI??????????????? IMVUGO ZIMBURA KIMAZI

  • ahubwo nukuraba aka gacerere notre gouvernema irimwo ntawuzi irementanya ririko nrirategurwa

  • Kubera Iki Baca Bica Abo Barwanyi Aho Kubanza Kubaza Abarib?Haaa.Biri Namahinyu.Muzobamwumva

  • yewe yewe....uwasigaye aca ahunga uburundi....barapfuye....barapfa ...bongera barapfa koko...sinduhije ahenda patrick nabiwe...kwari kubumvisha ko ... urubuga rwintambara ari paradiso...niyiture kubavyeyi yahekuje yongere asabe ikigongwe....

  • TWEBW TUZI AHO INTABARA YATUGJJ.TURATEY IVYATSI UWO WES AFIS AGATIMA KO KUDUSUBIZA MU NTAMBARA.

  • Nibaza ko barikubaz igituma bateye cank barabiwe nubutegetsi nanje bugez ahuntu

  • haha ugutwi kwimpene kwubmva kwokeje. uwuzotangura intambara....... nyenicubahro yarababwiye ntibumva. uwabatumye turamusha aduhabwe tumukorereko

  • mbega burya wunva ngo namajambo gusa izombonerakur nabo bademobilise kwarimihimbiri itazi nukwamazi asa.harikindi bashoboy?ntibibagir yuko nabonyene batubohey amaboko imugongo bahaciy!kimwe gusa umutama wacu turinyuma SHIRUBWOBA UKURI NUBUNTU BIGUM BIKURANGA.nahobagomba kwiba amatora imana yaramaz kutwrka kurusho uyumwaka rutuvako.mbg ishamba bazosubira kurimenyra?amada yuzuy ubu umng igihugu nitongo ryabase.natw ubukene butwishe.ntaco ejo sikera ejo nubu.twarush mana dukurek urusyo kwizosi.murakoz.

  • mbega burya wunva ngo namajambo gusa izombonerakur nabo bademobilise kwarimihimbiri itazi nukwamazi asa.harikindi bashoboy?ntibibagir yuko nabonyene batubohey amaboko imugongo bahaciy!kimwe gusa umutama wacu turinyuma SHIRUBWOBA UKURI NUBUNTU BIGUM BIKURANGA.nahobagomba kwiba amatora imana yaramaz kutwrka kurusho uyumwaka rutuvako.mbg ishamba bazosubira kurimenyra?amada yuzuy ubu umng igihugu nitongo ryabase.natw ubukene butwishe.ntaco ejo sikera ejo nubu.twarush mana dukurek urusyo kwizosi.murakoz.

  • mbega burya wunva ngo namajambo gusa izombonerakur nabo bademobilise kwarimihimbiri itazi nukwamazi asa.harikindi bashoboy?ntibibagir yuko nabonyene batubohey amaboko imugongo bahaciy!kimwe gusa umutama wacu turinyuma SHIRUBWOBA UKURI NUBUNTU BIGUM BIKURANGA.nahobagomba kwiba amatora imana yaramaz kutwrka kurusho uyumwaka rutuvako.mbg ishamba bazosubira kurimenyra?amada yuzuy ubu umng igihugu nitongo ryabase.natw ubukene butwishe.ntaco ejo sikera ejo nubu.twarush mana dukurek urusyo kwizosi.murakoz.

  • abobarwanyintibaribakwiyekwicwa.kuvamuri20040twarituziumurwanyiamanitseamaboko kwatacwayicwa murarabeintumbero.

  • benewacu,nukuri nimba ari abasinduhije cank uwundi muntuwese akina poritik,mbabajw nururwaruka rukiriruto rutaribwabe(mûr)muri poritik ruhasiga ubuzima.mbegakotugwana ubu tukiri nka 8million,ahotugerera kuri 20million hoho bizocuriki?

  • Icari kubaciza abobagwanyi mwarikubabata mukababaza uwabatumye uwariwe, guko Abarundi bararushe nintambara nkuko biri mumasezerano yi Arusha Burundi bwacu rekadutere imbere nkibindi bihugu " mbega tweho tuzoreka gusegerereza ryari?

  • Icari kubaciza abobagwanyi mwarikubabata mukababaza uwabatumye uwariwe, guko Abarundi bararushe nintambara nkuko biri mumasezerano yi Arusha Burundi bwacu rekadutere imbere nkibindi bihugu " mbega tweho tuzoreka gusegerereza ryari?

  • BARAPFANTAKABUZAKUKOIGISIRIKAREKIRITEGUYE

  • ABANTU BACIYUNVIRA INGWANO NTADEMOKARASIBASHAKA IMANA IBAHARIRE

  • UBWOBWICANYI TURASAVYE ABABIKORA BAGEZAHO KUKO IMANA IZOBIBAZA

  • UBWOBWICANYI TURASAVYE ABABIKORA BAGEZAHO KUKO IMANA IZOBIBAZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.