IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Ishengero Bethany ryatewe igisasu ntezwaminwe

Musaga: Ishengero Bethany ryatewe igisasu ntezwaminwe

jeudi 27 Munyonyo 2014

Ubigizi bwa nabi butandukanye bubandanya kwibonekeza mu mihingo itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, aho ishengero Bethany ryaraye ritewe igisasu ntezwaminwe, umuntu umwe arapfa.

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu 26 Munyonyo 2014, nk’igihe c’isaha imwe n’inusu y’ijoro (19h30) abantu bitwaje ibigwanisho barateye igisasu ntezwaminwe (grenade) kw’ishengero rya Bethany mu Kinanira muri komine Musaga. Abakirisu bo muri iryo shengero bariko barasenga, baja bumva igisasu giturika, bagwa igihumura. Ico gisasu kikaba cahitanye umwana w’umunyeshure yariko arataha congera gikomeretsa abakirisu batatu bari muri urwo rushengero.

Aho twashika aharaye habereye ibara, abari ngaho basa n’abari batangaye cane. Abayaze n’ikimenyeshamakuru IGIHE baremeza ko ico gisasu catewe n’abantu bataramenyekana, aho bamwe bemeza ko abo bantu bahejeje gukora iryo bara baciye batwagwa n’imodoka muri zimwe zunguruza abantu (Taxi voiture) ariko atanumwe bigeza bamenyamwo. N’ubwo biri uko, bamwe mui rabo twayaze barikeka ko ico gitero coba gifitaniye isano n’icuka kibi kimaze iminsi cibonekeza hagati yabarongozi bo kurusengero Bethany.

Mukamenya kw’abo bakomeretse ubu bariko baravurigwa mu bitaro bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura.


Alida Sabiteka

Messages

  • Nimba abaron gozi bari mumishwano iyo sengero niyugarwe bataramarana kuko ninkindandazwa, isengero

  • abo bantu bazomenyekana murabo bariko baransenga ntaberekwa barimwo harihagoye yakaba araba silamu bo baterekwa.

  • yemwe ntakindi gisigaye atarukwiyegereza imana rwose kuko ivyanditwe vyo mugihe ciherazo bimaze kugwira ,bantu nimwihanivyaha mukizwe

  • nshats kwishura hussein na avite.mbega hussein igih intumwa mouhamed ya gikorwa ca allah ntiyahuye nibibazo vyinshi ?mbega abo bo bakorera Yesu kristo niyamutumye vyogenda gute? ndakwinginz mpa inyishu"avite nawe mbega shetani yogwanya abiwe?baryarero ntabgo isi na satan babakunz kuko s’ababo nagato.mbega hategwa uwukomeye canke umunyantegenke??nyishura avite .bene data wewe na hussein mukwiye gukiza kuko igih kiragiy.merci bcp i love all

  • Nivyaba arivyo ko harimwo abo basenga boba baravyubahutse, Abinyegeza inyuma ya Bibiliya bagakora amabi nkayo baragowe: Uwahishuriwe vyinshi, azobazwa vyinshi imbere y’Imana.

  • Barundi benewacu, ndagira nongere kubabarira ko ibibintu aba CNDD bagize vyo kurekurira INTERAHAMWE na FDRL kwinjira mu Burundi bava Kiliba ondes , bizotugirako ingaruka mbi kubarundi twese, turasaba Leta guhagarika izonkozizibibi. None mwibaza ko iyirukana ry’abanyarwanda muburundi risigura iki? Turaziko muriko mwanka ko bamenya ivyabo. Twarabahinyuye

  • Hubgo Abobagore Mwambitse Ibara Bobitwarira!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.