IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Justin WELBY ahamagarira impande zose mu biganiro

Musenyeri Justin WELBY ahamagarira impande zose mu biganiro

dimanche 6 Ntwarante 2016, par egide

Inyuma y’iminsi itatu yari amaze mu rugendo mu Burundi, Musenyeri Justin WELBY arongoye ishengero rya Anglicane kw’isi yose yasavye ko ibiganiro bihuza abarundi vyotunganwa vuba cane, impande zose zegwa n’ibibazo vy’Uburundi zigatumirwa, kugira Uburundi busubire kuronka amahoro.

Muri urwo rugendo yari amazemwo iminsi, Musenyeri Justin WELBY yaragendeye amwe mu makaritiye y’igisagara ca Bujumbura arangwamwo umutekano muke, ayo makaritiye yagendeye akaba ari Ngagara, Mutakura na Cibitoke.
Musenyeri Justin WELBY yasavye abarundi gusubiza hamwe.

JPEG - 272.4 ko
Musenyeri Justin WELBY arongoye ishengero rya Anglicane kw’isi yose

Ku bw’uwo mwungere w’ishengero Anglicane kw’isi yose, ibiganiro bidakumira nivyo vyonyene bizozanira umuti abarundi, mu bibazo barimwo, agasaba ko abarwanya Reta botumirwa muri ivyo biganiro.

Mu bategetsi batandukanye babonanye na Musenyeri Justin WELBY hakaba harimwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Bompi bakaba baganiriye ku kuri n’ugusubiza hamwe, nk’uko Musenyeri Justin WELBY yabibwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze kuri uwu wa gatandatu, imbere y’uko asozera urugendo yahoramwo mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Nkurumbi mubwire kabisa yitabe ibiganiro hakiri kare ataruko uburundi bugiye kuba Somali "UHORAHO NIWE CABONA"

  • bakozi b’imana, bandanya mwigisha ijambo ry’imana abo banyeporitike baduhenda ngo barize, baba abashaka ubutegetsi, canke ababuriko batazi gutunganya isi, twebwe banyarucari batobato akaba aritwe izontureka zihitana nikibabaje nabobahenda bakaja murizo ntureka niyo bashikiriye ubwo butegetsi ugasanga ntibabibutse ahubwo ukabona bidugiriza ama etaje, bagendera mumodaka nziza, ngaterakamo amadini yose yemer’imana nabayoboke bayo tuje kumavi twage hasi tuvuge tuti: mana akira uburundi bwawe iyo buva bukagera, nabenebwo, nibiri kuri kuribwo nabarungoye, nababushaka kuburongora, ubabwire uti: < vyose birarangiye>.

  • birababaje kubona abantu bicana bagasambura aho gukorerigihugu IMANA yaduhaye igihuguciza ikibuze nurukundo rwogukunda igihigu nabenewacu

  • Abobantu batuka umukuru wigihugu barakwiye kwihana kuko umukuru wigihugu nurwego rukomeye ubwo nububegito butagirizina IMANA izobibabaza

  • Ndi Epfuta InRDA kurahura mumahanga biracyenewekukobidufashamuribwi Muinnovation

  • Mwakoze kuza kuduhanurira izo ntumva zigira ngo zikund Imana zikayihakanisha ibikorwa bi gayitse vyabo. mukovye gusengera Uburundi bushitse ahatemba,

  • Yabamwatahura Ijamboryimana Icorivuga Ntamwasiwuburundi Ahari Atari Satani Atandukanya Abarundi Nimwibuke Ako Ahakwisi Atariwacu Iwacu Arimwiju Yesu Imuhirakwadata Haramazumeshi Iyaba Atariyo Mbandabibabwiye Kandi Ushakakujamwijuru Isiyigirumwasi Benewacu Ronderakwezwanukugororoka Icisi Isoshiranibirikuriyo Ariko Amajamboyayontazoshira Aman,

  • Gutangura ntibigoye nko kurangiza!! Ibikogwa dukora kwisi nivyo bizotwitangira imbere! Amaraso ariko arataka imbere yi Mana. Amaraso ya Bana na Bavyeyi azokwishugwa!! ngwivyo mutifuza ko babagirira namwe ntimukabigirire abandi!!!

  • Kimwe mubintu abarundi bagira bibasubiza inyuma nukuntu idini nka kiliziya gatolika riri munzego zifatira ibyemezo leta aho usanga nigisirikare gifite umupadiri uyihagarariye muri buri bataillon (aumonier) ngaho ibaze nawe ayo majyambere, Aho umuntu nka musenyeri usanga ariwe ushinzwe commission ngo yo gusubiza imitungo abavuye mubyabo finalement ndi ayobora igihu.....etc
    Bagaza yakuweho nabuyoya kuberako yari yafunze insengero za kiliziya gatorika abigiriwemwo inama na kadafi ashaka kwiyama ubutegetsi bw’i Roma bwivanganga mubyemezo na gahunda za leta buyoya akimara kujyaho ahita ategekwa gushyiraho amashyaka menshi sans maturite politique ayo mashyaka niyo yajemwo FRODEBU yumurasiste ndandaye wahoraga atuka abasirikare muri campaign na PRP y’abatutsi babamecontent bari barahejwe nabuyoya muri government yabo muri sud, Ndamadaye amaze gupfa CNDD yahise ivuka ihuriwemwo nabamecontent none abafaransa bayihuje ninterahamwe none bamwe ngo murashaka amakungu abandi ngo Kagame nabatabare abandi ngo ONU nibahe umuhuza .......etc ese mwembwe mumaze iki?

  • icombona n uko uburundibwobamumutekanontangere turekekuryanakukoturibamwe muriyesu dusengeranira igihugucacukibamahoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.