IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura : Abaho bemeza ko bikanguye basanga abaporisi babashwaye

Mutakura : Abaho bemeza ko bikanguye basanga abaporisi babashwaye

vendredi 5 Ruheshi 2015

Ku Mutakura muri komine ya Cibitoke, bamwe mu bahaba baremeza ko igiporisi cabazindutsemwo cinjira inzu ku nzu, hakaba hari n’abafashwe baratwarwa aho bataramenya.

Muri iyo komine isanzwe irangwamwo imyiyerekano myinshi kuva aho Petero Nkurunziza avugiye ko azitoza ubugira gatatu, abanyagihugu baho baremeza ko bahohoterwa n’abaporisi. Mu gatondo ko kuri uyu wa 5 Ruheshi uwu mwaka, abanyagihugu bo ku Mutakura, baremeza ko binjiriweko n’abaporisi bakiryamye, kandi bamwe mu babo bafashwe, bakaba batazi iyo bajanywe.

Ivyo bikaba bishitse aho ku Mutakura, mu gihe muri komine ya Kanyosha aho bita mu Kigwati hafi yo ku Muco, abaporisi bamaze iminsi ibiri binjira muri ico kigwati. Kuri uyu wa 4 Ruheshi ho, bamwe mu bakenyezi barakubiswe barashaya, amwe mu mazu arasenyurwa inzugi, hamwe n’imfungurwa bavuga ko zasheshwe n’abo baporisi. Bakaba babwiye ikinyamakuru IGIHE.bi ko Desire Uwamahoro, ariwe amaze iminsi yigirayo, kandi abaporisi bakarasa inkoho nyinshi.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo abobagabo ngonabaporisi basaze inzara nibarye neza pier yarabahenze babugarira infashanyo iyomihimbiri nibabwire pier agaburire

  • emma

    none ntimwoheba iyo migumuko erega nahomwanka nkurunziza ategerezwa gutwara vyanka vyakunda kuko ivyoyakoze mumyaka atwaye turabishima na mwe mwakoze iki ? twobarabirako komukwiriye gutwara igihugu.Ehe mushakako igi police kitaza kubazinga nimuheb

  • emma

    none ntimwoheba iyo migumuko erega nahomwanka nkurunziza ategerezwa gutwara vyanka vyakunda kuko ivyoyakoze mumyaka atwaye turabishima na mwe mwakoze iki ? twobarabirako komukwiriye gutwara igihugu.Ehe mushakako igi police kitaza kubazinga nimuheb

  • Izonyankabundi nizigirire impuhwe abo banyagihugu yemwe

  • ab baporis bar bakwiy kwibuk kwarabigihugu atarabo ik dd.mug sibo ndabumva,nk cmmsair afis 6e ce 8e nako 7e reussi,harikind yo commanda ataruguhohoter abangan na mere wiwe?

  • izomayibobo nabapolici nyabaki i nterahamwe

  • AHAAA! ABO BENEGIHUGU NONE BAZIRA UMUGABO UMWE?

  • Aho batagirira ubwenge bibaza ngo harabicaye babaraba ivyo bakora mupange ivyanyu mugabo mumenye ko harabandi bariko bapanga ivyabo. Ese gamana bazohungira hehe? Ko naho batambutse ubabona ko ari ibinywamaraso? Reka tubitege amaso!

  • BWANA EMMA SAKIRIMI KIBI YATANZE UMUROZI GUPFA UHAVA USANGA ICO WITA IZONZEGO ZUMUTEKANO ARICO URI ICO WIYITA ARICO BARI TEKEREZA SHA NTAGUHANDWA KU RURIM.....

  • igiporic kirakorankashima

  • reka babasope mwabagera mwe ayo magrenade mumaze imisi mutera

  • Ikikinyamakuru Ndakwiye Kugiheba Kuko Ivyo Candika Bimwe Ntibitomoye ,cogiye Kiravugisha Ukuri Kuri Vyose Nticerekane Ko Gihengamye!Mwonyereka Ido Nido Yicogerageza?

  • ngaho rero Desire araje ngira kazungu ar mw ikonje iki nigitangaza

  • Ngirango natwe twaboshwe nababa mumabarabara yibasiwe nababanyi bacu bamazimisi baragumutse aba polisi bobabashaka kutugarukira bakadukura mwiyingoyi tumazemwo imisi bakatubohoza tugashobora gusohoka tugatemberera iyodishaka mugisagara cose nomugihugu cose. Namwe nimwumve, batubwirango kirazira kujamurubaraza rwinzu ngurabirire abarimumwiyerekano, bavugango: Jamunzu wihugarane canke ujanenabandi guhangana na polisi, ivyovyose utabishoboye bakubwira utware akadobo ujekuvidura amazirantoke muma WC maze uzurayashira abajejwe kubuzakwabantubarenga maze bakaza barayabasiga bayabatera ububamwe muritwebwe dusigaye tunuka. Ndababwirako bamwemuritwebwe nitwebwe nitwebwe twavuniye akagihe polisi kugira ize ikora nkukwomwavyumvise kukoturaziko bazobonavyishi imbere yokutubohoza tukava murububwigunge.

  • ariko gabasha ntimubona bimwe ga kwaya yavuga kovyashitse?mbeg iciza pier yakoz nicah?ibitagr akamaro amaze kuzana nivyinsh 1 abantu barahez amashur ntibaronka akaz,2 abant baricwa kubwinsh,3 nkiy fonda mantantal yazany ntakamaro imaz,...

  • ariko gabasha ntimubona bimwe ga kwaya yavuga kovyashitse?mbeg iciza pier yakoz nicah?ibitagr akamaro amaze kuzana nivyinsh 1 abantu barahez amashur ntibaronka akaz,2 abant baricwa kubwinsh,3 nkiy fonda mantantal yazany ntakamaro imaz,...

  • @pier
    Izo mfashanyo ni mwe mwazugaje,bazorondera ivyo barya iyo biri ko mwumva!Muzosangira ivyo muzoteka atari uko nukubimena ,mwari muzi iki,ngo imfashanyo bazihagaritse ni polis seulement ibabara?Bwira barya bazungu mwahenze bazigarukane murabe ko basubira kubamenera amasafuriya!!HiHiHiiiiiiiiii,je rigolais,sans blague ndiko ntwenga ivyo binyoma vyanyu vous les menteurs tutsis,bariko barasaka ibigwanisho none ntimwabisavye,ayo ma grenades mumaze iminsi mubatera mwari muziko bizogenda gute?Canke inkoho mukoresha mu kwica bene wanyu dans le cadre des sacrifices journaliers mwibazako tutaziko mufise ibigwanisho mutabifitiye uruhusha?Abo banyamulenge bo ku mutakura na cibitoki ce sont des assassins basake ntibatumarire abantu canke basubire mu rwanda kuko muri congo ntibajayo!Tous les enfants de kayen bari iwacu i burundi,abahutu b’i burundi ntawuzopfa atabariye pe!

  • None muja mw’ibarabara gukoriki? Amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa shingiro ry’uburundi birerekana neza uwushaka gutora imyiyerekano uko bigenda. None mubiharanira mubihonyanga? Abajejwe umutekano komera. Uyo wese azosubira kuja mw’ibarabara agumura igihugu, n’ukuri azoba atumva uwo nawe igihano ciwe mumuhe isomo. Murabura Ivyo mwokora mubona igihugu gikenye ngo muja mu mabarabara? Mbe niho mukura ration?

  • nibabasope sha baranyiciye umugenzi izombwa. clauvis yarumugenzi naramukunda, kwicumuntu bagaca bamuhamba ahatazwi?

  • Ntawutazi ko abo ba polisi harimwo interahamwe uyo mu prezida wanyu yobaye uwundi akifatanya n’interahamwe ariko no guha ibigwaisho imbonerakure uba werekanye ko atamahoro urota atari ingwano n’ubwicanyi, yemwe n’akamaramaza

  • None Kotwumvinkoho Kumutakura Ntabobabahasizubuzima? Imana Irababona Imanasumbingabo

  • Emwe barundi Ni mwibuke imyaka ya kera uko mwabana kandi mureke ubwicani.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.