Accueil > Amakuru > umutekano > Mutanga : Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe
Mutanga : Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe
jeudi 14 Ndamukiza 2016, par
Ikiziga c’umuntu ataramenyekana catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane muri karitiye ya Mutanga, i ruhande y’ihoteri TULIP, hafi y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.
Uwo muntu agize kabiri yishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane, inyuma ya Phocas BAKAZA yahora ari umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi yarasiwe mu Kajaga muri iryo joro nyene, hakaba kandi hari n’abandi bantu babiri bagandaguwe muri komine ya Musaga mw’ijoro nyene ryo kuri uwu wa gatatu, batowe ibiziga mu gatondo co kuri uwu kane. Umwe muri abo bishwe azwi kw’izina rya Nsengiyumva Jean Baptiste yarasiwe kurya kabiri rya Musaga, uwundi atamenyekanye akaba yatowe ikiziga muri karitiye ya Gasekebuye.
Muri iyo zone ya Musaga, haciye haba ibikorwa vy’ugusaka, ariko Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvuguzi w’igiporisi c’Uburundi akavuga ko ata kirwanisho cafashwe. Abantu 12 akaba aribo batawe muri yompi ku mvo z’amatohoza.
Ikindi kiziga c’umuntu nawe nyene atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane muri karitiye ya Nyabututsi, mu gisagara c’intara ya Gitega.
Abo bantu batowe ibiziga inyuma kandi y’abandi babiri batowe baboshwe kuri uwu wa gatatu mu ruzi Rusizi, ku ruhande rw’umusozi wa Kaburantwa, komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke.
IGIHE
Messages
14 Ndamukiza 2016, 12:46, par Willy ndura
Imbonerakure ziratumara Mu gisoda il y a des imbonerakure, mu gipolisi nuko. Ubu na kaminuza yashikiriwe. Bunyoni nawe ngo umutekano urenzeko.Iyi ntwaro numuvumo ku gihugu. Mwa bigugu vyimbonerahafi babatuma kwica aho gutuma abana babo. Umunsi ubutungane bwakoze bazobigarama. Bandanya mwica ngo mufise uruhusha rwa Nkurunziza.Ntaco azobafasha kiretse ko muzopfa mwangara nka gahini
14 Ndamukiza 2016, 14:11, par Oscar
Haa!! Mana tabara abana bawe eheraba ukungene ubwicanyi bwabaye ndase mugihqgu c’uburundi .Ariko abobantu bakora amaraso .ariko ntamvura idaca abobantu babuze ababo ndabahojeje bagire ukwihangana maze basabire izonkozi zikibi guhinduka.
14 Ndamukiza 2016, 15:41, par karabaye
Mbega Nkurunziza ntarashikana igitigiri 666 ngo igishetani ciwe kiruhuke?
14 Ndamukiza 2016, 16:08, par EMMANUEL
mana girutabare abarundi barekekumarana bafya ubusa. abaraye bafyuye imana ibakire.
14 Ndamukiza 2016, 20:33, par irumva
imana niyisigaranye ikibajo cuburundi muminwe yayo
15 Ndamukiza 2016, 16:19, par Francine
Iman Niz Igarukir Uburund Kuk Ahobigez Twarambiw
16 Ndamukiza 2016, 13:07, par Gerard
Mana Fasha Uburundi
16 Ndamukiza 2016, 13:09, par Gerard
Mana Fasha Uburundi
17 Ndamukiza 2016, 02:47, par Karine Kagwire
Ico kiziga catowe muri quartier Mutanga i Bujumbura atawashoboye ku mumenya ni kubera yuko, Abicanyi bicira umuntu Mu ntara imwe ariko bakagenda kuta ico kiziga mu yindi ntara ya kure, Kugira banyegeze ibibi bakora.
Ni ngendo yavuba batoye gukoresha.