IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvukanyi wa Bertrand "Bilal" Nzohabonayo apfungiwe mw’igendereza

Umuvukanyi wa Bertrand "Bilal" Nzohabonayo apfungiwe mw’igendereza

lundi 22 Kigarama 2014

Urwego rw’igendereza ry’Uburundi rwahagaritse Brice Nzohabonayo, umuvukanyi wa Bertrand "Bilal" Nzohabonayo, wa mufaransa afise amamuko yo mu Burundi yatera kuri uwu wa gatandatu ikirindiro c’igiporisi mu Bufaransa, agakomeretsa abaporisi batatu akoresheje imbugita, imbere y’uko agandagurwa. Brice Nzohabonayo apfungiwe mw’igendereza ku mvo z’amatohoza.

JPEG - 15.4 ko
Bertrand "Bilal" Nzohabonayo (i buryo), hamwe na Brice Nzohabonayo

Télesphore Bigirimana, umuvugizi w’igendereza ry’Uburundi amenyesha ko Brice Nzohabonayo, umuvukanyi wa Bertrand "Bilal" Nzohabonayo, wa mufaransa afise amamuko yo mu Burundi yatera kuri uwu wa gatandatu ikirindiro c’igiporisi mu Bufaransa, yafatiwe mu gisagara ca Bujumbura, ku Mutanga aho yari yari amaze iminsi kuva avuye mu gihugu c’Ubufaransa. Brice Nzohabonayo, asanzwe avuka muri Komine Kinindo yo mu gisagara ca Bujumbura, apfunzwe ku mvo z’amatohoza, nk’uko Télesphore Bigirimana, umuvugizi w’igendereza ry’Uburundi abimenyesha. Mu rwego rw’igendereza mu Burundi bavuga ko batanguye kwikeka abo bavukanyi babiri kuva mu 2013, bakaba bagira ingendo nyinshi mu Burundi, bigatera amakenga ku bafaransa baba mu Burundi, bivanye n’ukwemera abo bavukanyi bari basigaye bafise kuva aho baviriye mw’idini rya gikirisu. Amatohoza y’igendereza ry’Uburundi akaba arondera kumenya ingene abo bavukanyi bahinduye ukwemera, mu mwaka umwe n’igice bakaba bari abayisiramu b’ukwemera gukomeye (islamisme pur et dur). Mu urwo rwego bakarondera kumenya namba abo bavukanyi Bertrand "Bilal" Nzohabonayo, hamwe na Brice Nzohabonayo batoba bariko barategura igitero c’abihevyi ku Burundi, igihugu gisanzwe gifise abasirikare barenga 5500 barungitswe muri Somaliya mu bikorwa vy’ukurwanya umurwi wa kiyisiramu wa Al Shebab.

Bertrand Nzohabonayo yagandaguwe n’abajejwe umutakano kuri uwu wa gatandatu, inyuma y’aho atereye ku kirindiro c’igiporisi co mu Bufaransa, akomeretsa abaporisi batatu n’imbugita, akaba yabikoze ariko avuga ati : "Allahou Akbar" (Imana niyo nkuru)

JPEG - 31.3 ko
Bertrand Nzohabonayo

Egide Nduwimana

Messages

  • umuryago uhona nabi pe ???ivysi birahinduka ??dd raba abanabanyu ingene bazoheza ?namwe??uko mwamenyereye vyshi mutakoreye nabanabanyu nikutyo nyene??ariko ko yarafise umutima wikurinda ntabayaza muburundi aka nducumitira aba dd ncanke aba police akacavuga Allahou akbar

  • Barihenze ntiwokora ikibinkico mu Bufransa ngucuhungira Burundi ngobakwemerere kuhaba, ibintumwenivyo bikuzegukunda kwantu bakoribibi muburundi bakaca bigira mwivyobihugu bikomeye harimwo nubwo Bufransa ahokubamurikirana ahobwo abafransa batangurakwoca igitutu igihugu bavuyemwo ngokitagize gutinaguti turabafatira ibihano.

  • NONE GA NWARI, KONAGUHANUYE NGUGABANYE IBITUTSI UKANKA UBONAWEWE NKIBINTU UVUZE HRIHO UMUNYA POLITIKE YOKWEMANGA AKAVUGA KO MUFATIKANI MWUWOMUGAMBI WOKWIFUZA KO BOZUMUNTU AKAMAZA ABA DD IMBUGITA!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Jewe ndibaza niba uyu yiyita Ntwari niba akomeye mu mutwe, uraravye ibitutsi biri ngaho,sigaho birateye isoni.

  • @Nwari.Ntamurundi avuga ibintu nkivyo wewe uri inyenzi yo mu Rwandayakuze irarana n’inka imbaragasa n’amavunja vyarakwishe.Nimba uri umu adulte vyoba biteye isoni kugihugu cawe c’urwanda

  • Mbe ntasoni mugira?ivyo bitutsi ntibibatera ubwoba muriko murabivuga?garukana indero abavyeyi banyu babahaye.

  • @question ndanezerewe ncane kubona waraye utasiziye kuko kubona 5h yomugatodo warimoso wandika abandi basiziriye ahonisawa .ehesha bawandika iciyumviro cawe hanyuma uce ugaya ivyuyundi yanditse ?aho kwama urondere amazina yabantu nokubagiriza ko aribo bigugu batukana imisiyose ataciyumviro wataze??ntakutukana nukuronderana gusumba uko .bayiii

  • @ Nwari, URAMBESHEYE JEWE SIGERA NCISHAMUNYANDIKOYANJE IJAMBO RYOKWITA UMUNTU IKIGUGU! JEWENIYEMEJEGUHIGAGUSA NUWOWE ABURAGUTANGA ICIYUMVIRO AKAJAGUTUKAGUSA MWENABORE NARIYEMEJE KUZOKWA NTANGUMUSA WOKUBAKE, NICOGITUMAWEWE UMPANGAYIKISHIJE KUBERAMBO USAWARENGEWE.

  • Turashimiye ikinyamakuru Igihe gikuyeho umwanda w’ibitutsi vyarivyanditswe nuwitwa Nwari! Twongere dushimire abobose bavyiyamirije nka John, Question,Said, nabandi.

  • @question wesha reka reka ,ayomazina yose ndazi ko ariwe wayahindaguye nayAdimazina yawe ndayazi??uvuze ngo wishize nguhanura abAntu ??ngo ntaciyumviro ushikiriza wewe ??nanje ndakubarire ntamuntu yagutumye kuhanura ??ahabashikiriza iciyumviro ncanke ukuganira??usubiriye jewe kumpanura ataciyumviro wataze nanje zosaba @igihe kigufute kuko amAtegeko yurubuga,siwewe uyanga ok wewe nagira urarinda haaaa ucatabaza haaayoooo ewe dd harya,warikusubiza nuko atakirundi zeze

  • @ NWARI,MBEGA UWUGUHANUYE NGUHAGARIKE IVYOBITUTSI UCUVUGA NGONI JEWE QUESTION YIHINDURAMWO AYANDIMAZINA?MBEGABIRYA BITUTSI WANDITSE VYAGAHOMERABUNYWA ABATARIBAKE BAKABIBONA ARINAHOBAHEVYE BAKAKUMFASHA KUGUHANURA EKAMBESE NABOKURIKI KINYAMAKU IGIHE BAKABONA KOBITEYISONI KUBIGUMIZA ONLINE YIKINYAMAKURU CABO BAGAHITAMWO KUBIKURAHO UGOMBUVUGEKO JEWE QUESTION ARIJE NIHINDU UWU CONTROLA ABANDIKA KWIKINYAMAKURU NKANASHOBONA GUFUTA IVYOWANDITSE? MBEGANTUZI MAZE GUSOMA BIRYAWANDITSE UNTUKA KONACIYE NDAKWANDIKIRA NDAKUBWIRAKO KURIJEWE WATUTSE NTINTAKIBAZO ATARIKO MBABAJWE NIKINYAMAKURU UBICISHAKO, ARINAHO BAREVYENEZA KONOBA NDIKONDAKURENGANYA BAGASANGA NTIKWABAYE KUNTUKA AHUBWO WAMENJE BAGAHITAMWO GUFUTA IVYOWARIWANDITSE MBESE NIMPANURO NARINAKORESHEJE MUKUKWANDIKIRA NAZO BAKAZIFUTA? EREGA JEWE SINAKA IZINA NWARI ,JEWE NANKA IBITUTSI KUKONDAZIKO IVYODUSHAKA GUHINDURA MUGIHUGU CACU NTIBIZOHINDUKA NGONUKO DUKORESHEJE IBITUTSTI ATARIKWIKWEGERA IMIVUMOGUSA TUGASABA NTITURONKE KUBERADUSABANABI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.