IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Abagabo 13 bikekwa ko ari abarwanyi bagira binjire muri (...)

Muyinga : Abagabo 13 bikekwa ko ari abarwanyi bagira binjire muri Tanzaniya

mardi 13 Nzero 2015

Igiporisi carahagaritse mu ntara ya Muyinga, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana abagabo 13 ku mvo z’amatohoza. Abo bagabo bafashwe bemeza ko bari bagiye mu gihugu ca Tanzaniya guca ingero.

Ku nkengera y’uruzi Ruvubu, ku mitumba ya Mageni na Murama iri muri komine Muyinga, abagabo 13 barahagaritswe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza. Abo bagabo bagira binjire mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, ivyo bakaba bavyiyemerera, ariko bakavuga ko bari bagiye guca ingero. Mu giporisi muri iyo komine baremera ko harimwo abo bigaragara ko bari bagiye guca ingero kuko bafatanywe amasuka, ariko bakavuga ko hari n’abandi muri abo, bagiteye amakenga.

Musitanteri wa komine Muyinga, Déo Rwamuhizi amenyesha ko abo bagabo bateye amakenga kubera muri komine arongoye haheze iminsi hibonekeza uruja n’uruza rw’abantu batamenyerewe muri iyo komine. Abo bahagaritswe bakaba bose bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri komine Muyinga, mu kurindira ibizova mu matohoza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.