IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Abana batatu bahitanwe na gerenade

Muyinga : Abana batatu bahitanwe na gerenade

samedi 14 Munyonyo 2015, par egide

Abana batatu harimwo babiri bo mu muryango umwe bahitanwe na gerenade yaturitse mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, ku musozi Ruganirwa, zone Cumba, muri komine Muyinga intara ya Muyinga.

Firipo NKERAMIHIGO, musitanteri wa komine Muyinga amenyesha ko abo bana bahitanwe na gerenade bariko barakinisha, mu nyuma igahava iturika irabahitana. Umwe muri abo bitavye Imana akaba yari yacitse ukuboko.

Iyo gerenade yaturikiye mu muryango wa BAKANIBONA Alexandre aba ku musozi Ruganirwa, ica ihitana abo bana batatu, babiri bo mu muryango umwe. Abandi bana babiri bakaba bakomeretse cane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.