IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Ikibazo c’abanyagihugu bahitanywe n’inzara ntikibonwa (...)

Muyinga : Ikibazo c’abanyagihugu bahitanywe n’inzara ntikibonwa kumwe

samedi 21 Ntwarante 2015, par Egide N

Ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda nabwo bwemeza ko abanyagihugu batandatu bo mu kigwati c’amahoro c’i Nyarunazi muri komine Buhinyuza, intara ya Muyinga, batishwe n’inzara, ahubwo ko bahitanywe n’ingwara, ikigoyi kikaba caje gusongera isibe.

JPEG - 67 ko
Abavugizi bose b’inzego za Reta baremesheje ikiganiro mu ntara ya Muyinga

Ikigwati c’amahoro c’i Nyarunazi kirimwo abanyagihugu bamaze imyaka igera ku munani bugarijwe n’ibibazo vy’ubukene, bikunyurwa n’ukubura aho barima, hamwe n’ingwara zidasiba kubatera, harimwo n’umugera wa SIDA wibonekeza muri ico kirwati. Kuri ivyo bibazo, hiyongerako inzara yateye muri ico kirwati. Abanyagihugu b’aho i Nyarunazi bemeza ko imfashanyo z’indya z’inticantikize zigizwe n’ibiro bitanu vy’umuceri ku muryango bahora bahabwa n’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda baheruka kuzironka mu kwezi kwa Kigarama.
Ingaruka z’ico kigoyi zigaca ziba ugutakaza ubuzima kw’abo banyagihugu. Muri ico kigwati baharura abantu bagera kuri batandatu bamaze kwitaba Imana, kubera kubura utwo batamira.

Mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta cabereye mu ntara ya Muyinga kuri uwu wa gatanu, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda yaremeje ivyo abo banyagihugu bavuga ko badaherutse kuronswa imfungurwa, ariko agasigura ko uko bitunganijwe, abo banyagihugu baronswa imfungurwa rimwe mu mezi atatu, imfungurwa z’igice ca mbere c’uwu mwaka w’2015 zikaba zatanguye gutangwa mu gihugu cose kuri uwu wa kane. Naho ico kirwati c’Muyinga arico cugarijwe n’inzara imaze guhitana abantu batandatu, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda yamenyesheje ko intara batanguriyeko gutanga izo mfungurwa ari Bujumbura na Rumonge, Muyinga ikazoshikirwa hanyuma.

Ikibazo kitabonwa kumwe

Naho abanyagihugu bo mu kirwati c’amahoro c’i Nyarunazi bemeza ko ababo bitavye Imana kubera inzara, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda asangiye imvugo na musitanteri wa komine Buhinyuza Fleurette DUKUNDANE, bose bakemeza ko abo banyagihugu bahitanwa n’ingwara harimwo umugera wa SIDA, ahubwo ko inzara iza gusongera isibe.

Tubibutse ko abo banyagihugu bo mu kigwati c’amahoro c’i Nyarunazi babandanya gusaba ko bokomorerwa amatongo bamaze imyaka umunani basaba Reta, kugira nabo baronke aho bakubita isuka, mu kurwanya inzara.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibara kumutemre kumva umuntu yahitanywe ninzara mugihe amagorofa adasiba kuduzwa muburundi

  • Ariko mushaka iciza cova muba DD ari iki? Sha abarundi bobo bazohera gushika. Mbega mwibaza ko politique yoguhonya abakene ko iri mu Rwanda gusa? Oya nong’aha iwacu.Ugasanga ikijuju c’umuhutu igishira imbere ubwishi bwabo! Oyasha nitwe duhera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.