IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muyinga : Intererano idahurizwako na bose

Muyinga : Intererano idahurizwako na bose

mardi 3 Ruheshi 2014

Amafaranga abavyeyi barihishwa yo kwubaka amwe mu mashure nshingiro mu ntara ya Muyinga, bavuga ko ari uwundi muzigo kuri bo, mu gihe bayasabwa n’amashure bakongera bakayasabwa n’abarongoye intwaro.

Amakuru dukura ku buhinga nguirukanabumenyi bwa radiyo Isanganiro, avuga ko amafaranga abavyeyi bariha kugira hubakwe amashure nshingiro, avana n’ishure. Umwe mu bavyeyi amenyesha ko afise abana batanu, kandi bose biga ku mashure atandukanye, ubu hageze aho abona ko bigiye kumunanira. Hamadi Ndereyimana, n’umurimyi afise abana batanu biga. Avuga ko ivyo kuvuga ko abana biga ku buntu atawovyemeza, aravye amafaranga bakarihishwa, ndetse akagenwa n’abajejwe intwaro, batarinze kubivuganako n’abavyeyi bose.

Hamadi Ndereyimana akaba amenyesha ko buca ariha amafaranga ibihumbi 12500, aho umwana wese azomurihira amafaranga angana n’ibihumbi 2500 kugira hubakwe ibirasi vy’amashure nshingiro. Abajejwe intwaro muri iyo ntara, bakaba bemeza ko kwegeranya uburyo bwo kwubaka mu banyagihugu bigorana, ariko bagasaba abanyagihugu kubatahura, na rirya nabo bategerezwa kugira ico batanze kuko uburyo bwo kwubaka ayo mashure nshingiro usanga budakwiye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.