IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mwaro : Abigisha b’abakutsakivi bagabisha kutazotanga amanota y’igice ca (...)

Mwaro : Abigisha b’abakutsakivi bagabisha kutazotanga amanota y’igice ca gatatu

lundi 12 Rusama 2014

Abigisha b’abakutsakivi (Enseignants vacataires) mu ntara ya MWARO bamenyesha ko bashobora kutazotanga amanota y’igice ca gatatu, mu gihe batohabwa amahera yose y’ibirarane baheraniwe.

Kuva mu mwaka w’ishure uheze w’2012 ushira uw’2013, gushika muri uwu turimwo w’2014, abigisha b’abakutsakivi (Enseignants vacataires) bo mu ntara ya Mwaro ntibararonswa agahembo kabo, bakavuga ko mu gihe batotunganirizwa bashobora kutazotanga amanota y’igice ca gatatu, ari naco ca nyuma.

Mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Mwaro bamenyesha ko batahura ako kababaro k’abo bigisha, kandi ko ikibazo cabo gitegerezwa gutorerwa inyishu.
Simon NGENDAKUMANA, umuyobozi w’indero mu ntara ya Mwaro arahumuriza abo bigisha, agashikiriza ko mu gisata kijejwe amafaranga akoreshwa mu mashure yisumbuye (Direction chargée du budget à l’enseignement secondaire) bamaze gutangura gukurikirana ico kibazo.

Mwomenya ko intara ya Mwaro iri muzifise abigisha b’abakutsakivi benshi, ivyo navyo akaba ari kubera abatari bake barungitswe mu mugambi w’ishure shingiro, abandi nabo bakaba barikuye muri ako kazi kubw’imvo zitandukanye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.