Accueil > Amakuru > u Burundi > “Ntitudandaza, turicara kugira turemeshe imitima yacu gusa”
“Ntitudandaza, turicara kugira turemeshe imitima yacu gusa”
mardi 2 Ndamukiza 2013
Inyuma yamezi ariko arababa atatu isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera, abagore bahora badandariza inyuma yiyo soko mu kibanza citwa “Le Grenier du Burundi” bavuga ko ubuzima butera bubananira.
Abo bagore basigaye badandariza mu mabarabara yo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Itomati mbisi,ibitunguru,udupiripiri, amavoka, imihwi, amakaroti,ibinzari n’ibindi birungo, nivyo bigize ibidandazwa vyabo. Aho bamwe muribo twabasanze bicaye hasi mu nzira, banze ibidandazwa vyabo ku mifuko ishashe hasi, bamenyeshako ubuzima butera buba amananiza kuko atamitahe bagifise. Bivugirako batakidandaza ahubwo bicara kugira baremeshe imitima yabo gusa. “Tumerewe nabi cane, abana bacu ntibaciga atari abahabonye abagiraneza”.
Mu bibanza bishika bine barwiriyemwo, iruhande y’amabanki nka Bancobu, BNDE, BCB n’impande y’ishuri ry’intango Stella Matutina, abapolisi niho bazindukira kugira bababuze kuhakorera. “Twebwe natwe tuza kuhakorera isaha ya sasita canke ku muhingamo abapolisi bagiye kuko ntako turibugire”. Bariyemerera ko kudandariza muri ivyo bibanza batabirekurirwa n’itegeko na rimwe mugabo ko atakundi baribugire. “Ntidushobora kuja iyo kwa Siyoni bashaka ko tuja ntabadushorera tworonka”. Abo bagore ntibagira uwubaserukira kuko ntibari no muri sendika y’abadandaza. “Irya sendika n’iyabatunzi ntiduserukira”.
Mu gihe bavugako atamutegetsi n’umwe “w’umuti” arabaserukako ngo bamuture ibibazo vyabo, basaba ko bobugururira ikibanza bahoze bakoreramwo kuko co kitashikiriwe numuriro watikije isoko nkuru ya Bujumbura. Barasaba n’umugira neza uwariwe wese yobagarukirako. “Ibintu vyarazimvye cane, ariko utuntu ndandaza jewe, nuwompa umutahe w’ibihumbi ijana noshima cane”(amadorare adashika ijana).
Luc-Noel Ingabire
Messages
2 Ndamukiza 2013, 12:48, par dumbuli
Aba bakenyezi baragowe mugabo,none abategetsi ntibabibona babaserukiye bobo!