IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > “Ntitudandaza, turicara kugira turemeshe imitima yacu gusa”

“Ntitudandaza, turicara kugira turemeshe imitima yacu gusa”

mardi 2 Ndamukiza 2013

Inyuma yamezi ariko arababa atatu isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera, abagore bahora badandariza inyuma yiyo soko mu kibanza citwa “Le Grenier du Burundi” bavuga ko ubuzima butera bubananira.

JPEG - 51.8 ko

Abo bagore basigaye badandariza mu mabarabara yo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Itomati mbisi,ibitunguru,udupiripiri, amavoka, imihwi, amakaroti,ibinzari n’ibindi birungo, nivyo bigize ibidandazwa vyabo. Aho bamwe muribo twabasanze bicaye hasi mu nzira, banze ibidandazwa vyabo ku mifuko ishashe hasi, bamenyeshako ubuzima butera buba amananiza kuko atamitahe bagifise. Bivugirako batakidandaza ahubwo bicara kugira baremeshe imitima yabo gusa. “Tumerewe nabi cane, abana bacu ntibaciga atari abahabonye abagiraneza”.

JPEG - 54.6 ko

Mu bibanza bishika bine barwiriyemwo, iruhande y’amabanki nka Bancobu, BNDE, BCB n’impande y’ishuri ry’intango Stella Matutina, abapolisi niho bazindukira kugira bababuze kuhakorera. “Twebwe natwe tuza kuhakorera isaha ya sasita canke ku muhingamo abapolisi bagiye kuko ntako turibugire”. Bariyemerera ko kudandariza muri ivyo bibanza batabirekurirwa n’itegeko na rimwe mugabo ko atakundi baribugire. “Ntidushobora kuja iyo kwa Siyoni bashaka ko tuja ntabadushorera tworonka”. Abo bagore ntibagira uwubaserukira kuko ntibari no muri sendika y’abadandaza. “Irya sendika n’iyabatunzi ntiduserukira”.

Mu gihe bavugako atamutegetsi n’umwe “w’umuti” arabaserukako ngo bamuture ibibazo vyabo, basaba ko bobugururira ikibanza bahoze bakoreramwo kuko co kitashikiriwe numuriro watikije isoko nkuru ya Bujumbura. Barasaba n’umugira neza uwariwe wese yobagarukirako. “Ibintu vyarazimvye cane, ariko utuntu ndandaza jewe, nuwompa umutahe w’ibihumbi ijana noshima cane”(amadorare adashika ijana).


Luc-Noel Ingabire

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.