IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Abaporisi bazindutse barasaka imwe mu mihana

Nyakabiga : Abaporisi bazindutse barasaka imwe mu mihana

mercredi 10 Ruheshi 2015

Muri komine ya Nyakabiga, abaporisi bazindutse barasaka amazu amwe amwe, aho baronderayo ibirwanisho.

Amakuru duhabwa na bagenzi bacu bari aho mu Nyakabiga, ntakirwanisho batoye mu Nyakabiga ya mbere ku rya 16 nomero 9. Inyuma y’aho, abagira imyiyerekano nabo baciye bayitangura, bariyegeranya, mu nyuma baca baturira amapine igihe c’isaha zine zibura iminota. Abaporisi bawuzimije, gutyo abagira imyiyerekano nabo, baguma mu turwi turwi.

Twobamenyesha ko muri iyo komine, mu masaha y’ijoro ryo kuri uyu wa 9 Ruheshi havuze amasasu atari make, ayo nayo bikavugwa ko bariko barondera abofatwa. Inkuru tumaze kuronka, ni uko, uwitwa Nimubona Felix.


IGIHE

Messages

  • Turiyamirije iyo ngeso igayitse yo gusaka mumazu yabatari aba cndd fdd amazu y imbonerakure nayo ntasakwe. murihenda cane gose tugeze kuri liste yaba polisi batari bake b imburakimazi bakorera umugambwe kandi turabandanya gufata amasanamu yabo y ababandanya kwifata nabi. Umuziro uzirwa wowo nta matora ashoboka Nkurunziza adasokoye final ni le 26/06/2015 muzovyibonera ntimumbaze ikizoba muzovyibonera.

  • Igipolisi c’i Burundi hari ikintu cibagiye nagomba ndabibutse: mandat yabo ntiyari bwahere kandi bo ntibagira mandat ariko babandanije inyifato mbi, canke bizobamerera nkuko vyabaye kubasirikare ba Habyarimana mu Rwanda! Mwebwe ga bapolisi Petero arabahenda mukemera, akabakoresha amakosa kubera igihe ciwe co gutwara caheze, mugaca mumukurikira? Erega naho mwinjiriye rimwe, ntimwosohokeye rimwe, ariko nimwakomeza uko muri, hasigaye gato agasohoka muntwaro, nimwasamara azova munywaro namwe muvanywe mukazi!
    Ndavuga simvura, uwumva niyumve!

  • GWARUKA GWENE WACU AHOMUZOHENDWA .KUGEZA RYARI?NTASONI

  • GWARUKA GWENE WACU AHOMUZOHENDWA .KUGEZA RYARI?NTASONI

  • aba manif.iyo baba bafise ibirwanisho abo ba polici ntawuzi aho baba bari uyu musi,ntibavyikange wiza umwana w’uwundi kw.nd@ bwaca ak.nd@ rwawesinifuza ko vyogera iyo

  • ubu se arcade arateguza iki kitakozwe, kwica abantu ,kubatwika ,gutwka amamodoka gutwika amasoko, hari ikindi wumva mwarasize inyuma ,ibibi byose ntmwabyerekanye,uri uwo gusengerwa iyo shitani ikurimo ikakuvamo,ibitu byose birashoboka kandi binyuze mu mahoro!!!

  • francis,muvugabinyoma mburi na Arcade murasara mumitwe, ubwo ntimubona ko abarundi bamaze guhinyura ico gipfungu ca Manda ngo 3 ko ari uburyo bagire bace kubanyagihugu kugira ngo muri bamwe muba TUTSI bibinywamaraso bibashe gusubira kwica abenegihugu, ubwo bobanza kuja mumabarabara musaba gushira ahabona icishe Ndadaye na Ntaryamira hoho!! ahubwo babarasa na buhoro, noneho ivyanyu vyaratekurutse "mwashitse kwisunzu ry’inuma" nimwashaka muratangure.

  • Mbe bamwe mubarundi twabaye gute ga Mana!! Police mubihugu nka vyose nibobajejwe umutekano wabanyagihugu afita uburenganzira bwo gushika ahohose yikeka ikibazo kibi gishobora gungabanya umutekano agasaka, canke kuraba ahariho hose we wibaza ko bidashoboka. ariko mugihe afita ikimwemeza ko abifitiye uburenganzira bwo kubikora, ubwo rero sinumva impari aho zihagaze. wiyamiriza utiyamiriza ntagihugu uzoronka kubamwo kurino isi utubahiriza uburenganzira bwa police, reka nkurungike mu Rwanda gato hama wigire utwo uhaye wigira.

  • BANDANYA MUTURIRA NIMWARUHA MUZOREKA BIRABASHA NIVYANYU MWONONA.

  • mbe burya birya mwe mwirigwa murakora mwibaza ko atawubifata amsanamu?urucira mukaso rugatwara nyoko.amamodoka mwirgwa muraturira,abantu mwirrwa muraturia babona,amazu mwirirwa mutuira (cas de Mugongomanga) n’ayandi mabi mukora,bihuriye he na manifestation pacifique?muraraba neza ahubwo aho mwifuriza anadi nimwe muzotangurayo

  • Good jod Burundi police keep up.

  • Ibirwanisho biri mubanyagihugu birazwi ama cartier birimwo,baje mu Kamenge,Kinama,kanyosha na bujumbura rural,na cibitoke ca rugombo.ariko abasaka hakirimwo izo ngurube za Nkurumbi zose zikirimwo icogikorwa nticoshoboka

  • NONE GA MWARABU WOGIRA MANIFESTATION PACIFIQUE GUTE BARIKO BARAKURASA, nibaza ko uca ugishira ibishoboko ahubwo ibitaraza biri mu nyuma

  • hemwe,sinzovaho!!!!ntimwihende ndafisee!!!!halajoshe.

  • basaka bareka imana irabona ivyo bariko barakora;bareke bazopfa bikoreye
    amaboko hamwe na sebuja yabatumye

  • Ivyo bagira vyose barihenda, ico gipolisi c’umugambwe turaciyamirij,abo bicanyi,baza gusaka aho inkoho zitari kandi bazi iyo bazihay,iyi manda ya gatatu twebw abarundi bakunda igihugu,twarayiyamirij n’ubu tukiriko.Impera n’imperuka peter ategerezwa gusokora,naw nu nah yishimirij umunwa w’inkoh ntazotumara. Ndasubiy guhoza abarundi bamaz kuburira ababo muri bino bih.Nibihangane twaratew n’ishetani.

  • Rwaruka yaco duhndwa,turi burundi bwjo,ibiriko biraba uyumu6 ejo bizba biriko bibra kuri twe.ehee,urera nabi ugatukwa nabakw.ba urwaruka ruknda ighugu,rwipfza kwbaka ahogusambra,ni tuv ibzimu tje ibntu,turke ghendwa nabrondera inyngu zabo kko akmuhana kaza imvura ihse kndi agakungu karmisha mu rwiri!! Giramahro ncti znje.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.