IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Reta nireke gufata minenerwe ikibazo c’amakara

OLUCOME : Reta nireke gufata minenerwe ikibazo c’amakara

mardi 9 Nyakanga 2014

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta gutorera inyishu vyihutirwa ikibazo c’amakara, hamwe n’ikibazo c’umuyagankuba uguma ucikagurika.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 9 Nyakanga, mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire OLUCOME bavuga ko bababajwe n’ukungene Reta isa n’iyiriko ifata minenerwe ibibazo bibiri biraje ishinga abarundi, ikibazo c’amakara hamwe n’umuyagankuba uguma ucikagurika muri kino gihe. Ivyo bibazo vyose uko ari bibiri bikaba biriko bituma ubuzima bw’abanyagihugu buzimba gusumba, ndetse n’ubutunzi bw’igihugu bukahononekarira. Ku cerekeye amakara, mw’ishirahamwe OLUCOME baremeza ko ibipapuro bisabwa abashora amakara mu gisagara ca Bujumbura, ko ata na hamwe bitegekanijwe mw’itegeko rigenga amashamba. Gabriel Rufyiri, umukuru wa OLUCOME avuga ko bitumvikana rero uko ubuyobozi bw’amashamba bwiha ubwo burenganzira ata na hamwe butegekanijwe. Kubwa Gabriel Rufyiri, amakosa ari kuri ubwo buyobozi nyene kuko butigera buja inama n’ingingo n’abandi bakozi. Gabriel Rufyiri avuga ko iyindi ngorane ari uko abasanzwe bafatanije n’ubwo buyobozi gukingira ibidukikije (cellule anti fraude, brigade anti corruption, iperereza, n’igiporisi) basaba ibiturire abo bashora ayo makara, ivyo rero bigatuma igiciro c’ayo makara kiduga, na rirya n’ivyo bipapuro bisaba amafaranga.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Ubushikiranganji bw’ibidukikije buhejeje guha abo badandaza ikiringo c’indwi, kugira bashore amakara yose bari bafise mu bubiko, ariko iyo ngingo ikaba iraba gusa abadandaza b’amakara, ab’ibiti n’imbaho ntibarimwo. Ivyo bikaba vyapfundikiwe mu nama umushikiranganji w’ibidukikije Jean Claude Nduwayo yagiranye n’abasanzwe bavana ayo makara mu ntara zo hagati mu gihugu, kuri uno wa mbere.

Tubamenyeshe ko kuri uno wa kane hategekanijwe inama ku bantu bose ba vyipfuza ( conference Publique izobera kuri Ego hotel ikaba ijanye n’ivyo bibazo uko ari bibiri.


Floxella Karire

Messages

  • uyu mutama azopfa akebura ibitumva .batwime UMUYAGANKUBA umaze imyaka niyindi barikubutegetsi.none nubu batandukiriye AMAKARA aba bajoe bari kuri mission nuko mutabi bona raba IGITORO kumunsi kumunsi kiraduga.asha bavuga intwaro zakera izubuzo nakamuna .hamango bashaka kwitoza ngobagumeho oyaaaaa bakwiye kuba ivya mwisho tugaha chances abandi.ahandiho ivyombona bazoturirako igihugu cacu nico gisigaye ibindivyo murazi ko babitumazeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.