IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yashize ahabona ubunyonyezi bwoba buriko burakorwa mu gipolisi (...)

OLUCOME yashize ahabona ubunyonyezi bwoba buriko burakorwa mu gipolisi c’Uburundi

lundi 9 Nyakanga 2013

Mu kiganiro yatunganije kuri uyu wa mbere, Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe riyemeje kurwanya abarya igiturire n’abanyuruza amatunga y’igihugu OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques(OLUCOME) arashira ahabona ubunyonyezi bwoba buriko bukorwa n’igipolisi c’Uburundi.

Gabriel Rufyiri amenyesha ko amafaranga agera ku gice 1,5 kw’ijana ariyo akurwa ku mushahara y’umupolisi wese mu Burundi, kuva mu mwaka w’2005. Ayo mafaranga akurwa kuri iyo mishahara mu ntumbero yo gushirwa mu kigega categuriwe gufata mu mugongo abapolisi bagendana umugera wa Sida.
Kubw’ivyo rero, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko amafaranga agera ku miliyaridi zibiri arizo zimaze gushirwa kuri konte nimero 0015165-01-59 iri muri BANCOBU (Banque Commerciale du Burundi). Ariko rero, Gabriel Rufyiri amenyesha ko ku munsi ku munsi, iyo konte yama ikurwako amafaranga incuro ziri hagati ya zitandatu na munani, mu gihe ata mupolisi n’umwe arafashishwa ayo mafaranga avuye muri ico kigega, kandi bizwi ko abagengana umugera wa Sida batabuze mu gipolisi c’Uburundi.

Ishirahamwe OLUCOME ritunga agatoke ibihangange bimwe bimwe vyo mu gipolisi, nk’uwitwa Mwumvaneza, Général mu ntwazangabo z’igipolisi, Fabien Ndayishimiye, umuyobozi mukuru w’igipolisi c’Uburundi, Général Alain Guillaume Bunyoni yigeze gushingwa amabanga yo kuba umuyobozi w’igipolisi, umushikiranganji w’umutekano hanyuma yongera atwara ibiro bijejwe imibano mu gipolisi c’Uburundi. Gabriel Rufyiri amenyesha ko abo bategetsi bose bagize uruhara mw’itunganwa ry’iyo konte y’ikigega c’abapolisi.

Ishirahamwe OLUCOME riranegura ukwica amatwi kwaranze abategetsi yahaye iyo dosiye. Kubwa Gabriel Rufyiri, ukwo kwica amatwi kwoba kujanye n’ubihinga bwo gukingira ibihangange bivugwa muri iyo dosiye.

Ni muri iyo ntumbero, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME asaba ubuyobozi bukuru bw’igipolisi ko bwoba burahagarika ugukata ayo mahera ku mishahara y’abapolisi, gushika aho bazomenyeshwa aho intererano batanga ijanwa.
Gabriel Rufyiri ahamagarira abategetsi guhumuriza abapolisi, kandi bibuke kuza barabagisha inama iyo ari ingingo ziraba amafaranga yabo.

Mu kurangiza, Gabriel Rufyiri asigura ko namba yahisemwo kubivugira ku mugaragaro atari uguhamagarira kugumuka, ahubwo aribwo buryo yabonye bwo guhamagarira abategetsi gukemura ico kibazo cari cafashe minenerwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.