IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU: Inama nkuru y’umutekano yasavye kwongereza ikiringo n’abasirikare ba (...)

ONU: Inama nkuru y’umutekano yasavye kwongereza ikiringo n’abasirikare ba AMISOM

mercredi 29 Mukakaro 2015

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amahoro n’umutekano usaba ko ikiringo c’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika AMISOM cokwongerezwa,hakongerezwa kandi igitigiri c’abasirikare.

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ikiringo cokwunguruzwa gushika kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2016,abasirikare nabo bakongerezwa gushika ku basirikare 22 126.

Inama nkuru y’umutakano iha ububasha urwego AMISOM gufata ingingo zose zishoboka,hubahirijwe agateka ka zina muntu,kandi hubashwe ubwigenge bw’igihugu,mu gufasha igisirikare ca Somaliya kurwanya abarwanyi ba Al-Shabaab babandanya gutera abanyagihugu.

Inama nkuru y’umutekano isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gufasha AMISOM gushika ku bikorwa vyiza,na cane cane mu gukomeza inzego ziyoboye AMISOM no gushiraho urwego rudasanzwe rwa gisirikare.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi,Ubuganda,Kenya,Ethiopiya na Djibouti,arivyo bihugu bitanga abasirikare baja kugarukana amahoro mu rwego rwa AMISOM.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.