IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yashikirije icegeranyo ku matora yabaye mu Burundi

ONU yashikirije icegeranyo ku matora yabaye mu Burundi

vendredi 3 Mukakaro 2015

Mu cegeranyo catanzwe n’abarorerezi mpuzamakungu b’ishirahamwe ONU ku matora yabaye mu Burundi, bavuga ko ayo matora yabaye hari icuka kitari co gutegura amatora meza yo mu muco n’ubwisanzure.

Muri ico cegeranyo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekana ingene ayo matora yabaye mu bice bimwe bimwe vy’Uburundi hari umutekano muke n’ubwoba mu bantu, aho nko mu gisgara ca Bujumbura habaye ubwicanyi imbere y’amatora no mu matora.

Muri ico cegeranyo kandi, iryo shirahamwe riramenyesha ko n’agateka ka muntu katubahirijwe, aha ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikavuga ingene imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD itigeze yoroherezwa kugira ishobore kwiyamamaza, ndetse iyo migambwe ikaba yanahavuye ifata ingingo yo kuva mu matora, iminsi itatu, imbere y’uko ayo matora aba. Bamenyesha ko umugambwe CNDD FDD hamwe n’imigambwe bicuditse, yashoboye kwiyamamaza yonyene mu gihugu cose. Ayo matora bavuga ko n’ugushikiriza inkuru bitari vyoroshe, aha ONU imenyesha ko n’amaradiyo yatanze inkuru mu gihe c’imyiyamamazo yahagaze cane ku mugambwe CNDD FDD.

Ayo matora yabaye kuri uyu wa 29 Ruheshi yaneguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gihe hategekanijwe kuzokurikira ay’umukuru w’igihugu, mukibuka ko umugambwe CNDD FDD uzoserukirwa na Petero Nkurunziza, aho abatavuga rumwe nawe n’ubundi, barahiye ko batazohiganwa nawe, mu gihe bamwagiriza ko ukwitoza kwiwe kunyuranye n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • Imana Izigame Uburundi Ntibugwe Mw’isanganya.

  • Ishirahamwe nkuzamakungu ONU ryanse amatora yabaye, none iryo shirahamwe rero nirifate ingigo kuko abantu bariko baratakaza ubuzima mu gihugu nibenshi kandi bapfa ataco bazira abari kuntwaro nabo birebera. Mana garukira uburundi n’ abarundi kuko amakungu ntaco ariko arabifashamwo.

  • Bwabundi na ONUntiyandika ivyo itohoj ngo imigambw itavuga rumw na reta ntiyiyamamaj urunani amizero yabarundi koyiyamamaj ahubwo bakorana na izidori rufyikiri nkukungen yavuz ngo bazogwany leta

  • none kuyanegura bisigurako boba bayase?canke kuberiki bavugako hategekanizwe ayumukuru wigihugu?yoyo kuberiki batovugako ataba?sha ntamugabo aza gutegeka murundi rugo haduka indyane!

  • NONE.KURUMBI.KOYA HONYANZE.AMATEGEKO NAMAKUNGU NAYO.AHONYANGE AMATEGEKO.NTIYO CURUBANZA.KUBWI CANYI.BUKOREGWA ABANYAGIHUGU NONE.IZOCURUBA NZATWAHEZE.IYO SENTARE.YIRAHE. CAKEBAVUGEKOBA TABISHOBOYE.BEREKE KUDUHENDA.ABA NTUBARAFANTACO BAVUGA?

  • NTIBITANGAJE,NTAVYERA NGO DE,ARKO MUVYOBASHIKIRIJE, AHANINI BEREKANYE AHO BAHENGAMIYE NKUKO BABISABWE NA PARTIS D’OPPOSITION! AMATORA YARABAYE MUGIHUGU HAGATI MUMUTEKANO NO MUMWIDEGEMVYO NTANGERE,KANDI ABENEGIHUGU BAREREKANYE KOBARI BASHASHAYE AYOMATORA! NONE NIRYARI AMATORA YIGEZE ABA UMUTEKANO UKWIY IJANA KW’IJANA?MBEGA HO ONU NTANAKIMW YASHIMYE? NIMBA ATANAKIMWE BARIKO BEREKANA KO BAHENGAMYE MUKUTAVUGA KOVYAGENZE NEZA GUKO IVYOBASHIKIRIJE NTIBIHUY N’IVYO ABENEGIHUGU TWABONYE! NIBAZA KO KURORERA AMATORA ARUGUKURIKIRANA IBITAGENDA NEZA N’IBIGENDA NEZA!

  • NONE KO NKURUNZIZA ADASHAKA KWUMVIRA AMAKUNGU NIKUBERIKI? INYANKA KUBWIGWA IBWIGWA ARUKO AMASO ATUKUYE

  • AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE

  • Mbe amatora ashobora kuba gute mugihe twahunze igihugu naje ubwanje sinitavye amatora bivanye numutekano muke numugambwe wanje Ramico Pax ihumure ntiwitavye.ivyavuye amatora yabaye muburundi ni Ikinamico

  • Eehe Burakey Tuvyrk Abagabo!Non Ayo Matora Azodushikana H Amakungu Yiyamiriza?Amatora Yabay Meza Can Gusumba Nayigz Kuba Yose.

  • Eehe Burakey Tuvyrk Abagabo!Non Ayo Matora Azodushikana H Amakungu Yiyamiriza?Amatora Yabay Meza Can Gusumba Nayigz Kuba Yose.

  • Nukuri turashimye iyongingo yishiramwe mpuzamakungu ONU.nkicipfuzo canje amatora yosubigwamwo akaba hisunzwe inama ningingo zabegwa namatora bose.nukuri ibiganiro niwomuti wapolitike imisiyose.murakoze.mubandanye mufata uburundi mumugongo.

  • none UN niyo yemeza ivyavuye mumatora? uburundi bwarikukiye ntibukiramutswa amakungu dutegereje ico abaturanyi bacu bomuri EAC bazotubarira uko babibonye.

  • Barigwa Wumve Nkuru Reka Kwonona Amahera Yawe Wiyamamaza Urumwe Ja Mubiganiro Wisigure Nimburimukuri Baragutahura!!!

  • Amakungu Afise Ububasha Iwabo. Ko Bagumy Baduhenda Ubu Twaraciy Ubwenge

  • IYI ONU NINYABAKI? NGONYAMIGAMBWE ITAVUGARUMWE NA CNDD FDD YITABIRIYE AMATORAGAYEMWE? MURAMBARIRA YOBIVUZE IVYOYATOHOJE CANKE NOVYOYUMVA!? REKANDAYIBAZE? MBEBANTUBA ONU UWOMWEMERA KO ATAVUGARUMWE NUMUGAMBWE URIKUBUTEGETI NUWEMERA GUTURIRA ABANTU AKUGARA AMABARABARA AKAMARANGWA NOGUTEZA UMUTEKANOMUKE MUGIHUGU? NUKUVUGARERO IRYAMIGAMBWE YAGIYEMUMATORA MWIFUZAKO ITANGURA GUTURIRA NOKWICABANTU KUGIREYEREKANEKO ITAVUGARUMWE NUMUGAMBWE CNDD FDD? UMVANDABABWIRE , HARAKOZWE AMATORAMEZA CANE KANDIYARITABWE NIMIGAMWE IDAHUJE IVYIYUMVIRO ITARIMIKE ARIKO ICONZINUKO IYOMIGAMBWE YOSE YITABIRIYE AMATORA IHURIJEKUKINTU COKO ABATAVUGARUMWE NUWUNDIMUGAMBWE BADAKWIYE KWICA NOGUTURIRA ABANTU. Twaje.

  • Ayomatora yumugabwe umwe gusa ntaho vyakabaye kimwe gusa nuko boyasubiramwo bose hamwe mumutekano ntangere imana ifashe igihugu cacu

  • NONE GAYEMWE AMATORA AMAZE KUNEGUGWA NABOSE NONE UN NAYO IRARIVUMEREYE AHO IBIZOKURIKIRA NTAWUBIZI AHO NONE NKURUMBI YANZIKI? NIBAREKE KWONONUBURYO BWABO NKURUMBI YARAMAZE KWIYAMBIKICEYI UBU ISURA YIWE NIMBI KUBARUNDI BOSE NDETSE NABAZUNGU RERO NAVEHO NTITUMUKENEYE NIWE YABAYIKIJUJU ARAHENDWA NABATOMUHENZE

  • Amatora Yagenze Neza Kuruta Ayo Muri 2010.Gusa Ku ONU Iranka Abarundi Batagiye Muri Mission Kuko Ntamuntu Yahunze Atazi Ingene Bahunga.Warabonye Umuntu Ahunga Agangura Kuja Kurondera Passport

  • Ew Mana Yacu Duhamahoro Muburundi Bwacu, Ivyo Vyose Muvuga N’ Imana Ifise Ijambo Ryanyuma.

  • Uburundi bwarikukiye nimube abarorerezi gusa urubanza rucibwa nabanyagihugu un twaraguhinyuye mushima agapfa gusa

  • BURIYA ONU AMERICA,UBUBIRIGI N’UBUFRANCA BABAJWE NUKO HATOWE UWOBADAFITEHO INYUNGU. ARIKO IMANA IREBERA UBURUNDI IHORA IRI MASO.

  • Tuzomutora Kandi Azobatwara Mpaka Imyaka Itanu Ihere Abo Rwasa Yahenze Kubazoba Abakominale Na Bashingamateka Nibamwiyamirize Kuko Arabahombeje Cane Rwasa Nikinyabwoba Nibamute Bose.

  • ONU we,kora ivyowatorew abanyagihugu bemeygutwarwanuwuhonyanga ONU we,kora ivyowatorew abanyagihugu bemeygutwarwanuwuhonyanga amategeko

  • Mbe Murazi Rya Jambo Ngo "zana Amagi Zana Amasoro" Nimba Iyo ONU Arivyo Ishaka Ntironse.

  • Bamenyeshamakuru twubaha, gute mureka amajambo yo gutukana akarengana, gushika aho mureka n’abatuka abavyeyi b’abandi? Ndabasabe mwikubite agashi kuko tuzohava tuvuga ko mushigikiye abataye indero.
    Gutuka Vital, Peter, Adolphe, Pacifique... ntimukwiye kubireka bikarengana, mureke abashima canke bakanegura mu rupfasoni.

  • MUMENYEKOHARIHOIMJAVYI NKURUNZIZA GUMAKWIVORA

  • Onu kora ivyo murekuriw namtegko mudhengamy,kndi atari kunyngu zanyu kko mwse burya ntimrintungan.

  • Munyagihugu utazi imana ukita umurongozi ngo nkurumbi uzovunagugwa nimana yuburundi mbega ww wobuzi uwabujije ihonyabwoko muburundi nkomu rwanda?canke ihirikwa ryubutegetsi riheruka? Ntimuze murahangara uburundi nigitigiri nyamwinshi cabarundi bitavye amatora yesu akunda uburundi kuko yanyoye amazi yuburundi mumisiri

  • NKURUZIZA NABAKUYOBOKA MUZIRA ZIDAHIMBARA IMANA,EMERE MUKIZWE KURENGANYA NO KWICA UBWOKO BWIMANA !NTIMWARUSHAAMANYAMA SAWULI ARIKO YARIGARUYE ARAREKA GUHAMA UBWOKO BWIMANA

  • amatora yagenz neza nibamaramarire hiyo nimfashanyo baragumij . ubuhoho le 15 juillet nimpfupfu. nibamurike ari nabiwabo Nkurunziza kabisa.

  • petero saba ikigongwe abenegihungu ku kwicanyi bakorerwa ni mbonerakuri, safisha,igitero co mugatumba, erestre manirunva,abamasera ba bazungu, nabakomeje kwipfa bakwiyamiriza,mbega wibwirako uzarngora amakungu atakwemera ka president wigihugu, Amerecans tiyemera ikiringo ca gatatu MINISTRE LOUIS MICHEL, Ivyo ya kubariye ndetse na LONI tiyemara amatora ahejenje kuba,ndagusavye kuneza wiwawe na bana bawe, rekura ico kiringo ca gatatu,amahoro aboneke migihugu impuzi zitahuke,

  • Abazungu Nibo Mwasi Wakarere,urazi Amahoro Tuba Dufise Mugihe Banumye?Mbe Nikihe Gihugu Sentare Yubahiriza Ibwirizwanshingiro Ivuguruzwa Kungingo Yafashe?Nuko Dukenye,ubukene Ninkipatalon Iroka!

  • nkurumbi yi buke yuko buri umwaka yonona budget yi gihugu ashima imana hari abarundi bakenye none karashize ingani yigire akamana yibuke kurya yabaye ipfuvyi ???????

  • ew sinameny eka ntiwameny nyene!wahunziki abandi barundi barya bakaryama?umunyakibi ahung atakimwirukanye!ark umugororotsi afis umutima nkintambwe!!amatora yabaye meza cane kandi n abo mumigambw itavugarumw na leta yari yaserukiwe.n ayandi twiteze kwazobameza.!dusab Iman iyajimbere gusa.mwanka,mwemera,azobatwara.mandent yanyu ntiragera!!

  • Uwiyita NDABUKUNDA,kugira wigishe Imana abandi urabanza wiyigishe,iyo MANA ituma haba abicwa ataco bazira niya hehe ,woba ugerageza kwiga ariko gutahura biracakugoye

  • Ndumva mu Burundi bitorosh!Mana dufashe.

  • Ntamator Y’umugabwe Umw Ntahovyakabay Ahubw Onu Nububash Bwayo Nitegeke Reta Y’uburund Iyasubiremw!@! ! Ham Turonk Amahor Peter Nawe Nahotumwemer Ahebe Iyomand, Kureng Amategek N’Iman Ntibishigikir.

  • abarundi.bapfuyuruki.bahenda.amakungu.ngo.harabaye.amatora.kurubuga.yari cndd.Fdd.Gusa.Nayo.Iyo.Yindi.Copa.Fnl.Uprona.Ya.Consilla.Bari Mukwaha.Kwa.Cndd.Fdd..Mbe.Ko.Bavuga.Barose.Angahe?Aho.Batoye.Hose.Batora.Amizero.Akarorero.Mumugamba.Amajwi Baca.Barayarwanira.Muri.Make.Ntamatora.Yabaye.Mbabaze.Umukinyi.Aronse.Rouge.Aca Asohok.Nkurumbi.Afise.Rouge.Yahonyanz.Ibwirizwa Shingiro.Umukinyi.Yase.Gusohoka.Bahana.Umugwi.Urkino.Rugahagara.Amizero.Yabarund.Turabaremesha.Ntimuhirahihire.Ngo.Muge.Mukibuga.Kitagira.Umusifuzi

  • uko Mbona jewe,nibagenda mumatora ntidusubiwe kutwabwa n’umugambw umwe. Nakare ikenyur umuntu uri hafi yiwe

  • Bareke bakore ivyoba
    bashaka ariko intum
    bero y’IMANA iteger
    ezwa gushika.

  • Mugih Petero NKurunziz Bamaz Kumwankr Non Ntirek Gusesagur Amaras Ya Ben Gihugu? He Uyumugab Ntabw Akund Abiw? Vyukur?

  • Biragoye Ivyuburund Non Incabweng Nka Nkurunziza Yabonye K Umut Wavyos Ari Gutwar 3em Fois Kand Yabisiny Abibona Reka Nce Mak Nti"ntawuhora Kungoma"arasom Bible Inkuru Zumwam Mugenziw Herode

  • Nonegabahavuyebaabnyarusakuahubwobarantangajecanekuvakohabayeiterabwobamumatoraahubwosanzearabasibabarundikukotwebweabanyagihugutwagiyemumatoratubishakakukotwaritumazegusibagatatukoseahutwonambaamakunguyaratuririyeingeronayahandituravyemuntarazigizigihugucuburundiharumutekanokiretsemugisagaracabujumburaahutwoimanaibaharirekukouburundiharabasenziimanairakundaubundiahutwonibashimireretayuburundibaturekeabanyagihuguturarusheabobantubakundainyunguzaborizabanyagihugumurakoze

  • Petero Nkurunziza Nibamureke Atware Nimba Batagomba Guhiganwa Nawe.Nne Ko Abanyagihugu Bamwemera.

  • nimwihangane musenge Imana niyo izobiroranya

  • Ivyiburundi biragoye ,imana yonkene niyo ibona igikwiye

  • Ni mureke Perezida NKURUNZIZA kuko urya ni nka Moise wo muri bible. Yaje gukura abarundi Mubuja nkakumwe Moise yakura abi Silayeli muri egiputa mu minwe ya Falao. Ameze kandi nka Samusoni. Birya bikorane yakoresheje; arya massengesho yatuma na ba islam baza muriyo bagakizwa Imana ntishobora kumureka uko. Imana igiye kumutera agateka twese abarundi n’amakungu twumirwe. Ntaco murwana n’Imana basha ntagutwara kutava ku Mana mwabantu mwe. kandi urrya ari harya kuko ari IMANA yahamushize; abantu ni babimenye

  • Dusavye dushimitse ko ONU yodutabara ikadukurako aka karenganyo,turarushe nukwicwa,ugufungirwa ubusa,guhohotegwa,kwibwa dukorerwa nabo ducungeye.dusaba ko amatora yumugambwe umwe yabaye yofutwa,igahagarika burundu ukwitoza illegalement ya president.

  • Uburundi n’igihugu cikukiye nagomba gusaba amakungu ko imbere yo kwumviriza abo banyepolitike bobanza kwumviriza abanyagihugu bo rubanda nyamwinshi hanyuma hagakorwa ico abene gihugu bipfuza kuko ingorane ziri mu burundi ziriko zirategwa n’abanyepolitike nimuhe agaciro abanyagihugu bitorere indongozi bashaka maze amahoro n’umutekano dufise ntibiduce mu myanya y’intoke erega igihugu c’uburundi si bujumbura gusa.

  • Nimuz Dusenge Imana Ituronse Amahoro Kw’ivyamatora Vyanse! Uwo Muzehe Narabe Abivemwo Amaras Ntagume Aseseka

  • Nimuz Dusenge Imana Ituronse Amahoro Kw’ivyamatora Vyanse! Uwo Muzehe Narabe Abivemwo Amaras Ntagume Aseseka

  • Nimuz Dusenge Imana Ituronse Amahoro Kw’ivyamatora Vyanse! Uwo Muzehe Narabe Abivemwo Amaras Ntagume Aseseka

  • Narekure Areke Kwicisha Abenegihugu Ariwe Wokubakingira

  • Umuntu yahora yitwa sebarundi atwara igihugu akunda nkuko babivuga ntashobora kuraba ikiruta ikindi agaheba iyo mandat ituma igihugu kija muruhagarara,ibintu vyose mugihugu bigasubira inyuma abona!!!!!Niba basenga Imana y’ukuri ni bayisabe mutima mweranda abamurikire babone ibibereye

  • REka pita atware smwe mwamuhay

  • REka pita atware smwe mwamuhay

  • Twe Nkabarundi Dukeneye Amahoro Nibamurek Bazorabe 2020 Naho. Ko Atarwutwaz Aba Afise Azoba Afise Hoho Twizere Koazorekura!

  • ONU,nireke gusamazwa n’amatora y’ Uburundi ahubwo nimba atari akinyegeje muri ( yo )bomenya ko atanakimwe bazopfa bashitse ko mugutunganya Isi ubwo bubasha bufiswe na Nyene bwo

  • Iyohabaye Match Hakagira Umugwi Usib Abatonze Barinjira Mukibuga Bagatera Icobita Forofe Ivyo Ntawutabizi

  • Non ga yemy,iryo shirahamw mpuzamakungu ONU,leta y’uburundi yohava ivuga ko itabona ibiba mu burundi,ehe raba:abantu barafungwa kukarenganyo,abandi baricwa ku musi kumusi,abatavuga rumw na leta batatotezwa,ntawisanzura mu kumenyesha ikiri ku mutima.Oya nukuri ico cegeranyo ca ONU kiratomoy,hasigay ko igishira mu ngiro mu kubuza Nkurunziza kurenga amategeko,ni ukuvuga 3ème mandat,ntahirahire ngo ayirenge

  • none uyomugabo angombakudutezamwisanganyanarukure atarateza usensa amarasomuburundi amakunguntimwomufatira ibihanomakungufate ibihana amarasotasekamuburundi ndagijemvugati ambaramvyebazebona

  • yohoo!!abarundi dupfukamedusabe Imana amahoro nayo Nkurunzia araba lnyungu ziwe!kimwegusa ONU nikore ntihapfe100kumuntu 1nibazeko igihugu twagisanze kand tuzogisiga!!

  • Nanje Ndemeza Ko Atamatora Yabaye Kweri!Baratubangamiy Sana,

  • Ubu turinyuma y amatora n umugambwe umw n iyo bicudits hamw.umunt wese yibaze iki kibazo: naratoy nipfuza amahoro none ubu ndayafise? atari ukwirengagiza kweri har umurund abona mugenziw apfuy ngo umutekano niwose? ur abatorwa ibiziga! ur abaraswa n abobakingiy! n.... . mbeg rya terambere umukur w’igihugu yaniganira niri? nn ko uwuciy kubiri na bo yicwa cank agahunga, uhanuy acisha hagati akarondererwa kwicwa(ak petero cl mbonimpa),ubashigikiy aduzwa ipete; twemere gut kuguma tubura abarwanira abarundi atabwoko baravye? na ONU nyene nishire mungiro izo ngingo kuko abarund tubandanya dupfa sinz ko petero n’abiw bakiri mwishamba!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.