IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Oscar NDAYIZIGA yahora atwara Muramvya yasezeye isi

Oscar NDAYIZIGA yahora atwara Muramvya yasezeye isi

mercredi 17 Ruhuhuma 2016, par egide

Oscar NDAYIZIGA, uwahoze ari Buramatari w’intara ya Muramvya, akaba yarigeze n’ukuba umushingamateka yatowe muri iyo ntara, yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. Yaguye i Kigali, mu bitaro vy’abasirikare vy’i Kanombe.

Oscar NDAYIZIGA azwi nk’umwe mu Bagumyabanga ba CNDD FDD bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ikiringo gatatu ca Petero NKURUNZIZA, mu kwezi kwa Ntwarante 2015.

JPEG - 45.6 ko
Umushingamateka Oscar NDAYIZIGA

Hamwe n’abo bari kumwe mu gushira ahabona iciyumviro yabo mu bijanye n’ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, umushingamateka Oscar NDAYIZIGA yaciye afatirwa ibihano vy’ukwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD, mu nyuma arahunga igihugu c’Uburundi.

Umushingamateka NDAYIZIGA akaba yapfiriye i Kigali, mu bitaro vy’i Kanombe.


IGIHE

Messages

  • IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO.

  • Mu Rwanda harakantu kumutse bita utuzi twa Dan Munyuza baha abantu nkabo badashaka hahera iminsi ukumva ngo arapfuye!!!na bado bazohera nk’ifu y’imijira!!!!!!

  • RIP ntawe uhunga urupfu mbabajwe nabawe bazohora bafatwa nk’abansi bigihugu bazira ukuraba hafi kwawe,ubuse 5ans zari zigutwayiki,aho wahungiye ubona 17ans Zibatwayiki.

  • Ngiyo impembo Kagame akunzeguhemba abobakoranye mugihe abonye batanguye gushaka kumuheba acababasha utuzi. Uwontakindi azize nuko yarimaze imisi avugishukuri mumiryango mvamakungu ayibwirako abana babarundi bahungiye murwanda bataje kwigiswa gisirikare ivyoyabivuga mugihe abavyeyi barimumakambi yimpunzi baguma bamwitura bamubwirako yobavugira kubera abana babo bakomeje gutwarwa kwiga ivyagisirikare bikagirako bakaburirwa irengero. Gusa nkabarundi namakungu turahomvye umwe mubahora baduha amakuru basanzwe bari Rwanda. Arikose bazobamara? Barihenda ntibazobamara mbere bakomeje kutwicira abarundi bacu dutegerezwa kuzogira icodukoze.

  • INPENBO KAGAME YABEMEREYE BATANGIYE KUYIRONKA BADO BIRACAZA KAGAME NUMWICANYI KUGIRAFAVBUTEGETSI YISHABATUTSI BESHI BENEWABO

  • @ None ayomagambo yawe aratwika gusa ntacyo amaze, ubwo se ntabwo yakwicwa nurupfu rusanzwe, ese hari iperereza wakoze, wowe ugomba kuba urwaye mumutwe

  • ntimute umunwa ruriye abandi rutatwibagiye kandi ntamuhinga wisi

  • Maregarege, Rodrigue Bunyoni n,abandi ntiriw ndavuga ni Kagame yabish???? Uburozi documentation yirirwa iratera abo yanyuruj ni Kagame yabubahaye????

  • abahungiye murwanda bazogaruka ari imirambo.... nguyo KAGAME araje abatsembe!!! uko niko yamaze benewabo......

  • @ Zoe, uruherupfu? Kandintubisigurirejewe gusa canke abarundi gusa turibeshi abanyarwanda nabarundi dukeneye utwishurire hamwe kuko tubizi kumwe.

  • NDAHOJEJE UMURYANGO WABUZE

  • Ntamuntu akunda umwana gusumba nyina yamwivyariye. Umva Kagame ntarukundo yaribafitiye rwokubahimiriza kujamugihugu ciwe kugezanaho yemera guhomako amahera yigihugu ciwe nayumuryango wiwe, ntakindiyishakira atari kubashakako amanyungu. Ayaturikoturarira tukiriko kobimuyangaranye ubagiye gukoresha uburyo ashoboye bwose abarundi yabwiye amahanga azoruhuka abicishije bose kuko abarundi ntimusumba bakaregeya bagoranwe mubuhungiro nokurugamba kugeza bamwicaritse kuntebe yubukuru bwigihugu arikomwombarira aho Karegeya nahandintavuze iyobari? Ariko ntituzogumaturabira ngwakomeze kutumarira abacu.

  • Nukwihangana Kimwenobwirumuryangowe Wokwihangana Nikwisimez Imana Imwakire Hama Umugambwurikubutegetsi Nowubwira Vyosebitegwanawo Mugantantaco Imaniriho Ntanvuridahita Abarundituzo Subizwa

  • intimenya niyo ntinegura, ese yaraziko ikibanza ciwe kiri mu rwanda. ngira boza baca ubwenge. bibaza urwanda ngo ni nkuburundi igihugu camada n’ubuki aho umuhutu, umutwa umututsi yishira akizana, umuntu mutomuto ashobora kuba mugisagara ubuzima bukabandanya agatera imbere mbese kutwo yiyungunganyamwo dutoduto agatera imbere, i rwanda utari FPR ntajambo uba ufise, uri umuhutu hoho nacane cane wigeze kuba muntwaro userukira abahutu hoho ntibagutevya.

  • Twese Niyo Tuja.Umuryango Wiwe, Commune Mbuye, Province Muramvya, Uburundi Twese Twihangane Kuko Tubuze Umugabo Atari Akagabo.

  • Imana imuhe iruhuko ridashira naho abandika mwandike ibyo mushaka, mutukane uko mushaka namwe umunsi wanyu urahari.Gupfa ntaho bitaba ndibaza ko nta munsi ku mpanda badashyingura!!

  • Hari hageze ko aganira na Allah!Ivyo ni ibikorwa vy’Umuremyi wacu!

  • Asize Umuryango Ungana Gute?Yishwe N’ingwara Nyabaki?

  • Asize Umuryango Ungana Gute?Yishwe N’ingwara Nyabaki?

  • Imana Imwakire Azabane Nayo Ibihe Bidashira Kimwegusa Umuryango Wiwe Wihangane Ushire Imbere Imana Twese Turi Kurugendo Inzirayacu N’urupfu

  • Yooo! Twahomvyintwari Itatamikwa Ijambo Ntakundi Mana Hasigaye Ahaw

  • Uyo muntu yarigeze kuba asuzurana kuber’umugambwe yarimwo . None apfuye baramaze kumuhenera . Nta n’uwuzi ko atar’aba DD bamurize
    Kabe àkarorero k’abasigaye bicishe bugufi kuko ntawuz’umunsi isaha. Jewe vraiment namwanka ariko ndamuhariye
    . Mugabo akiriho yaransuzuguye ampana na Rujongo!!!!!

  • Uraz’agasuzuguro kiwe ? ? Burya yarazi ko umugam we yidhimira womuhinfuka? Jewe ndumuntu yafashe nabi akiri gouverneur arahakwa noo kunfunga ubu rero abasigaye bitwize kwicisha bugufi lkuko aha kwisi n’indaro. Ntawuzi ko atishwe n’àba CNDD-FDD.mukumuroga n’abandi murinyuma..
    .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.