IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OTRACO yasabwe gushumbusha bidayevye imiryango y’abaguye mw’Isale

OTRACO yasabwe gushumbusha bidayevye imiryango y’abaguye mw’Isale

samedi 16 Ndamukiza 2016, par egide

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Joseph BUTORE asaba ishirahamwe OTRACO (Office du Transport en Commun) ko ryokora ibishoboka vyose kugira imiryango yabuze abayo mw’isanganya ry’imodoka ryabereye mw’Isale ishumbushwe bidatevye.

Mu nkuka y’imisa yabaye kuri uwu wa gatandatu igekerezo rya 16 Ndamukiza 2016 y’ugusabira abanyagihugu baheruka kurwa mw’isanganya ry’imodoka ya OTRACO ryabereye mw’Isale ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yasavye kandi umushikiranganji w’amagara y’abantu ko yokurikirana abakiri mu bitaro, babandanye kuvuzwa ata gisabwe.

Abajejwe uruja n’uruza mu mabarabara, abajejwe amashirahamwe y’ugutwara abantu n’ibintu hamwe n’amashirahamwe y’ugushumbusha, basabwe ko bokora amatohoza kugira hamenyekane icatumye iryo sanganya ryabereye mw’Isale riba.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yatanze imfashanyo y’ukugarukira ku babuze, ikaba yari igizwe n’umuceri n’ibiharage.

Tubibutse ko imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu mu Burundi (OTRACO : Office des Transports en Commun) yagize isanganya igeze muri komine Isale, intara ya Bujumbura Rural, hafi y’ishure ritoya rya Benga, ku mugoroba wo ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze.

Iyo modoka yariko yunguruza abantu hagati y’isaha cumi na zibiri n’isaha imwe y’ijoro, yataye ibarabara, ica igwa mu manga y’imetero nk’amajana atatu, muri zone Benga.

Abantu baharurwa muri 16 akaba aribo baguye muri iryo sanganya, abandi 54 barakomereka nk’uko vyamenyeshejwe n’igiporisi c’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.