IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Papa Fransisko yasabiye Abarundi ibiganiro n’amahoro

Papa Fransisko yasabiye Abarundi ibiganiro n’amahoro

dimanche 29 Munyonyo 2015, par egide

Umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko, mu rugendo arimwo mu gihugu ca Ouganda, yasabiye umutekano Uburundi, hamwe n’ibiganiro vy’amahoro.

Mu rwandiko yahaye abungere ba Ekereziya Gaturika mu gihugu ca Ouganda, Papa Fransisko yamenyesheje ko asengera abanyagihugu bakundwa b’ababrundi. Umwungere wa Ekereziya Gaturika yasavye ko hoba ibiganiro mu Burundi, kugira ico gihugu gishobore kuva mu ntureka kirimwo kuva mu kwezi kwa kane.

Muri urwo rwandiko, Papa Fransisko yagize ati : "Ndasengeye imbere ya vyose abanyagihugu bakundwa b’abarundi, kugira Umukama ashire mu bategetsi hamwe n’abandi bose ukubabarana hamwe n’ivyipfuzo vy’ibiganiro, ugukorera hamwe, ugusubiza hamwe, n’amahoro."

Mu rugendo arimwo muri Afrika, umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko yarasomye inkuka y’imisa kuri uwu wa gatandatu mu gihugu ca Ouganda, imisa yitabwe n’isinzi ry’abantu baharurwa mu barenga imiriyoni zibiri, ikaba yabereye ahitwa i Namugongo, mu gisagara ca Kampala.


IGIHE

Messages

  • Turizeye Ko Imana Mushoboravyose Izobikora Ntakimunanira

  • Imana Yaraciye Kubantu Benshi Ngo Uburundi Buronke Amahoro Biranka Noneho Iratumye Uwanyuma Hama Iheze Iturimbure.

  • IMANA.IRABIBONA INZOBIKORA

  • umukama azobikora nanj ndafise icyizere ko ibiganiro bizotuma dusubira kuba mumahoro

  • Ntako batagiz ngo bahanur nkurumbi vyarans ko yumva arko ugutwi kwimpen kumva kubabuy

  • AMAHORO AYASABIRA ABARUNDIGUSA

  • YAKOZE UWO MUVYEYI NUKO YASABIYE ABADASHAKA.ABARUNDI NI IKINTU KIBI

  • NAGATORIKA YARAGIZURUHARA MUMYIYEREKANO YAVUYEMWO IMIGUMUKO NAHANURE,ABAGENZIWE ATWARA BABARUNDI KUKO NIBOBAWAKIJE NONEHORERO NTANTAMBARA IHARI IMANA SIYABAGATORIQA GUSA

  • uyu mugabo izi ngendo ariko aragir mu bihugu bitandukanye ashaka gushitsa ivyahanuw mu gutangaz itangazo ryo kuruhuka dimanche ubona ko ari umupapa wa nyuma atawundi azojako yesu naw ace aza kuki abonana na madini atandukanye muragabe ?

  • NUHEZAGIGWE WEWEUTWIFURIZAMAHORO, ABARUNDINITUJEKUMAVI

  • Nashike inoko yirabire ko amahoro atari yose!abo mû Burundi turikwije ,,,,,,,,,,,,,,,!

  • MUKAMA TURAZIYUKO AMAJAMBO YAWE ACA MUKAMWA KABATUMWA NTURASABA YUKO TWEMBWE ABARUNDU WODUHINDIRA

  • Mbe mutama le Pape,k utasabiy zirya nyankaburundi aribo ba sindumuja babesha ng bihebey Imana naho bihebey inda zabo igihe bashaka guhangana na nyakwubahwa Sebarundi NKURUNZA Pierre?Babwir ko son exellence yashizweho n’Imana arinaco gituma na CNARED irik irasambuka.Vive le président Pierre NKURUNZIZA,vive le Burundi,vive les hutus conscients de ce qu’ils sont!

  • uyo mu papa ntamahoro atanga uretse ko akoreshwa na satani kandi yibuke ko ivyahishuriw yohana n’ivyavugishijwe daniel bivuga we gusa raba daniel7:25 havuga ukuntu ubupapa bwahinduy amabwirizwa y’imana mugabe abakristu b’intamuheba ivyuwo mugabo agamije uyo ni igikoresho ca satani!

  • arakoze cane imana imuhezagire yongere imuzigame natwe twiteguriye kwakira ayomahoro

  • Muragabe, muragabe! Uyo musore aho aciye hose hasigara intambara. Ariko agendera Afrika kuko niho hasigaye abantu basenga Imana y’ukuri kandi niho bakiruhuka ISABATO y’umusi w’indwi yashinzwe n’Umuremyi w’ijuru n’isi n’ibirimwo vyose; aje kuraba umugambi wiwe mubi aho ugeze wo kubahiriza gusenga umusi wa dimanche ari wo wa mbere wo mu ndwi. Nagerageze ariko ntaco azoshikako kuko Imana yacu irahangamye ku ngoma !

  • Iman-idufashe pe! Abarundi twese,mwari mukwiy kuza tugasengera igihugu cacu.

  • NIWIRAMBIRE MUTAMA WACU PAPA TURAGUKUNDA KANDI AMAJAMBO MWASHIKIRIJE NIMEZA AHASIGAYE PETER NKURUMBI AMENYE NEZA YUKO INGARUKAZOSE ZIBIRIKUBERA MU BURUNDI AZOBIBAZWA! AMAKUNGU YOSE AHAYE AKURIKIRANIRA HAGUFI IBWICANYI AHAYE AKORERA ABARUNDI.

  • Imana yonyene yaturemy niy izodukurako uy mutwaro abarundi tw8korey.

  • ego nyakwubahwa papa wacu ivyo yakoze ni vyiza.asengere igihugu cacu yongera asengera n’umukuru w’igihugu yisubireko,areke kwica abo benewacu.erega baremwe n’imana!

  • Ibihugu yagendeyemwo bimeze neza ariko ko yabihonyojemwo ikirenge muzoraba ingene haduka intambara.tubirimdire murazoko aro muri ba iluminati na za free mason.

  • Kubera Imana ikora nk’Imana Papa wacu adusabiye twese adasobanura. Mwabonye ahataniye n’abahengama bavuze bati:" yasabiye abarundi ibiganiro n’amahoro".

  • ntacizere ca papa kuko naw arafise ibigeragezo

  • Papa Wacu Imana Nimuzigame Murugendo Yakoreye Muri Afrika Yacu Ekleziya Yo Mur’africa Nagahimbare Ese Yoza No muburundi

  • Papa yasabiye abarundi amahoro ku mpamvu 2 z’ingenzi: (1) Yasuye akarere u Burundi buherereye mo, (2) Uretse kwirengagiza ibyo tubona, muri kano karere u Burundi buri mu bihugu bikeneye amahoro pe.

    Wowe wiyise Selemani, humura Imana ntizarimbura abarundi. Iracyicaye ku ntebe y’imbabazi. Izagiririra intungane n’abageni bayo bari muri kiriya gihugu kandi ndahamanya nawe ko bahari kandi benshi. Ibuka Abraham asabira Sodoma na Gomora ngo Imana itabarimbura.

    Wowe wiyita Anicebarc, kagire inkuru rero. Uti Papa akoreshwa na satani? Tugukorere ubuvugizi baguhe Eklezia Gatolika ube ari wowe uyitwara. Sibyo byiza? Wowe ukoreshwa n’Imana wayitwara neza kurusha!!!???
    Jye nakugira inama ko wareka kuba umunya dini ukaba uwa Kristu cyangwa uw’Imana. Hagarara mu izamu ryawe neza. K’umunsi w’urubanza ntuzabazwa ibya Papa. Tukivuga igiswayire twararirimbaga ngo:"kila mtu atauchukua mzigo wake mwenyewe"

    Imana itabare iguhugu cyiza cy’u Burundi, ndetse n’abantu bose bafite imitima inangiye

  • Ako kamujeri kiyita cedric mbegawa busawe nkurunziza niwe yishe ndadaye? Niwe yishe ntaryamira? Niwe yahamagaye abantu ngo baje mwibarabara? Reka ivyo biyayura mutwe mwanweye PNB izirabibarutsa kuko ubu caracanzwe nkurunziza azorindapfa atwara uburundi kuko ntameze nka ba sindumuja baturira abantu izuba ryaka mugabogasha iryinyo kurindi ijisho kurindi

  • Merci le Pape des pauvres,kumbure abo wabwiye bakwumvise.Hari abariko bagiriza ubwicanyi abandi ariko ukuri ni kumwe kandi Imana irazi kandi yarabonye abishe n’abica abandi.Ntacanyegejwe kitazoja ahabona,mwebwe mwagiriza abandi amabi muzobona ivyarivyo.

  • ABARUNDI MUTIHANYE GUTUNGA UBUROZI , AMACAKUBIRI, GUSESERA AMARASO UBUSA, URWANKO RW’AKAZIKIRA , KUGIRA INDA NDENDE , GUTA UBUNTU , KUGOKA KU BANTU NO KU GIHUGU, MUDAHEVYE UBUSAMBANYI NO GUHEMUKA ,...... Hamwe n’ayandi mabi yugarije igihugu , MUZOBONA AY’IMBWA YABONEYE KU MUGEZI SINDABABESHA!!!

  • nyakubahwa irambire urekabakuvugivyobishakuye,imananiyocabonamwarakozekudusabiramubandanyemutuvugirakumanakugiraturonkamahoro.

  • UWO NYAKUBAHWA NABANDANYE ADUSABIRA KUKO.NITWABA TWEMERA IMANA AZOBANDANYA ADUSABIRA KANDI BIZO KUNDA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.