IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Patiri Désiré Yamuremye: Ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972 bwavuye ku butegetsi (...)

Patiri Désiré Yamuremye: Ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972 bwavuye ku butegetsi bubi

dimanche 5 Rusama 2013

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuwa gatanu igenekerezo rya 04 Rusama 2013, Patiri Désiré Yamuremye yamenyesheje ko ata rwanko canke inzigo yakazikira vyari hagati y’imiryango y’abahutu n’abatutsi bicanye bunyamaswa mu rwimo rwo mu mwaka w’1972.

Ivyo yabishikirije inyuma y’icirwa aheruka gukora ku mamuko y’ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972 bwahitanye ubuzima bw’abarundi isinzi.

Patiri Désiré Yamuremye agirako avuga ko no mu myaka y’1965 n’umwaka w’1965, abarundi bazize abategetsi babateranije, babacamwo imirwi.

Kubwa patiri Désiré Yamuremye, ubwicanyi bwasheshe amaraso y’abarundi mu mwaka w’1972 bwavuye ku butegetsi bubi kuko abatwaye kuva mu mwaka w’1966 gushika mu mwaka w’1972 batigeze bahumuriza abanyagihugu. Ivyo bikaba vyatewe n’uko ubutegetsi bw’ intwazangabo zatwara muri ico kiringo bwari buvuye mu migumuko itasabwe n’abanyagihugu, ariko igasenyura intwaro ya cami, abarundi nabo bakaba bari bacuditse n’umwami.

Patiri Désiré YAMUREMYE yarangije ikiganiro amenyesha ko iyo abanyagihugu baba bafise ubushobozi bwo kwitorera indongozi biciye mu bwigenge, Uburundi ntibwari guca mu ntambara buhitiyemwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Iryo tohoza wakoze padiri siryo,ntaho bihuriye nagato n,ubwicanyi bwo muri 1972 ubwicanyi bwo muricogihe ni ihonyabwoko ryakozwe n,abatutsi ryarateguwe hanyuma rishigwa mubikogwa.bashaka guhonya ubwoko bwabahutu bavyita guhonyorera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.