IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero BUYOYA na bamwe mu banyeporitike bagirijwe ko badashaka ko CVR (...)

Petero BUYOYA na bamwe mu banyeporitike bagirijwe ko badashaka ko CVR ikora

jeudi 10 Ntwarante 2016, par egide

Umugambwe CNDD-FDD wagiriza bamwe mu banyeporitike, uwahoze ari umukuru w’igihugu Major Petero BUYOYA hamwe n’Umubirigi Louis Michel ko bari mu badashaka ko umurwi CVR ujejwe kumenyesha ukuri ukora. Uwo mugambwe wasavye ko abafise ico biyagiriza boshika imbere ya CVR bakavuga ukuri kwabo

Tugaruka kuri iryo tangazo ryose ryosohowe na CNDD FDD kuri uwu wa kane

Ni kuki abanyeporitike bamwe bamwe batanguye kwanka ko Umurwi ujejwe kurondera Ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR) ikora ?

1. Imigumuko yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 yabaye imbarutso y’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu kuva mu 2005. Kukaba nkako intsinzi y’Umugambwe CNDD-FDD yarababaje mu mutima Abanyeporitike bamwe bamwe bari barafashe Igihugu nk’icibare cabo bashobora kugabangana uko bashatse bagahana ubutegetsi uko bavyipfuza. Abo tubasanga muri ya G7 na G 10 n’abanyamahanga babafata mu mugongo bagiye baragira uruhara mu mabi yahekuye Uburundi aho Petero Buyoya yari afise ikibanza ca mbere. Itembagazwa ry’ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 ryari rije guheraheza uwo mugambi w’abansi ba demokarasi kugirango noneho Igihugu bagicure bufuni na buhoro nk’uko babishaka. Muri Reta bari bateguye, Petero Buyoya yategerezwa gutwara CVR, ivyo bigaca bisigura ko CVR itipfuzwa na gato n’abo bangushi kuko badashaka y’uko ivyo bakoze bimenyekana ;

2. Umugambwe CNDD-FDD ntiwigeze narimwe uhengeshanya kwerekana ibihe bikuru bikuru vyaranze kahise k’Igihugu duhereye ku kwikukira kw’Uburundi aho abatipfuza ko Igihugu cigenga bafatanije n’umuzungu kugirango ukwikukira kunigirwe mu menshi bikaba vyanavuyemwo ukugandagurwa kw’Incungu y’ukwikukira Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yaharaniye Intahe y’ukwikukira mu 1961. Muri ico gihe, biraboneka ko Ububirigi ari bwo nkwezi y’amarere muri ayo mahano yahekuye Uburundi agahitana n’ Intwari yabwo Rudoviko Rwagasore. Igihugu c’Ububirigi nticoshira agati mu ryinyo mu vyashikiye Uburundi kandi ibiganiro bihuza abarundi ntibizirengagiza kurengutsa Louis Michel n’abagenzi biwe kugira bisigure ku mahano bakoreye Uburundi. Mu gihe Reta y’Ububirigi itoshobora kugira ico ishikirije ku mabi Louis Michel na bagenzi biwe bakoreye kandi babandanya bakorera Igihugu c’Uburundi vyoca bisigura ko mu maso y’Abarundi ko iyo Reta itoba ifise uwuyibazwa kandi vyoba bisigura ko umuryango wa Louis Michel woba ufatiye amaboko i mugongo iyo Reta kugira ntigire ico ishikirije. Abo rero nabo nyene ntibashaka kwumva CVR ;

3. Ibihe bigoye Uburundi bwaciyemwo ni vyinshi : igandagurwa ry’Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe ryakurikiwe n’Abarundi isinzi bakunda demokarasi bagandaguwe bunyamaswa bazira ubusa aho dusanga ko abashingamateka n’abakenguzamateka, abarwizatunga, incabwenge zose zaboneka ico gihe baherekeje Ngendandumwe mu binogo vyahambwamwo abantu ikivunga, bikaboneka neza ko abari barongoye igisirikare c’ico gihe co kimwe n’abanyagihugu bari bafatanije bazi aho abo bantu bahambwe. Abo bari barongoye igisirikare n’abo bari bafatanije ntibashaka kwumva ijambo CVR. Ntitwokwibagira na bamwe mu bakozi b’Imana bataye ibanga ryabo bakaja gufatanya n’igisirikare muri ubwo bwicanyi. Na bamwe bamwe mu banyarwanda b’impunzi barafashije muri ayo mahano yo mu 1965 no mu yindi myaka kuko ni nabo bahanura abo bari basangiye ubwoko kuzo kwitanga ubundi bwoko bakabwica gutyo ngo ntibaze bamere nk’uko izo mpunzi z’abanyarwanda zabaye i wabo. Aha n’ikimenyamenya ni uko amazu yo muri karitiye Asiatique menshi banyeneyo bari mu bwoko bwahirwa, bamaze kwicwa ayo mazu yashikirijwe impunzi z’abanyarwanda nk’agashimwe kuko zifatanije n’abicanyi. Izo nzu abanyarwanda barahavuye barazigurisha ku Barabu, Abagiriki n’Abahindi kuko bahavuye bamenya ko zizobaviramwo akarambaraye. Abanyarwanda babaye i Burundi muri ico gihe be no mu yindi myaka yakurikiye, iyo bari hose, nabo ntibashaka kwumva CVR n’ibiganiro mpuzabarundi kuko yoshobora kuzobashira ahabona no kubajana imbere y’ubutungane ;

JPEG - 63.9 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

4. Ikindi gihe giteye ubwoba caranze Uburundi ni imyaka ya 1972-73 aho ihonyabwoko rya korewe ubwoko bwa benshi mu mezi atatu yonyene hakaba harishwe abantu barenga 300.000 n’ibihumbi amajana menshi barahunze. Ugushaka kw’Ubutegetsi bw’ico gihe kwari uguhonya ubwoko bwaboneka ko buvamwo abipfuza kugendera intwaro ya demokarasi nk’uko abicanyi bavyivugira, bari bazi ko ata demokarasi izongera kuvugwa imbere y’imyaka 100. Biratangaje rero ko ivyiyumviro vy’ihonyabwoko twumva ubu kuva mu 2014-2016 bifise isano rikomeye na vya vyiyumviro vya zankorabara zashaka gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’Abenegihugu zifatanije n’abanyeporitike bamwe bamwe b’ababirigi nka Louis Michel, ivyiyumviro vya poritike vyari vyarashizwe mu ngiro na ya ntwaro y’igikoroni c’Ababirigi aho gushika mu 1945 ata muntu n’umwe ava mu bwoko nyamwinshi yari akiri mu nzego ziyoboye igihugu. Iryo kumira ry’ico gihe ni ryo ryaraye rihatswe gushirwa mu ngiro n’abo bansi ba demokarasi. Abo rero bafata umugwi CVR nk’umwansi nyamukuru kuko ibikorwa vy’izo nkorabara vyoshobora kuzoshirwa ahabona intahe ikazikubita mu gahanga. Ivyo rero bituma Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo bavyanka bakavyankiriza kuko babona ko vyanka bikunda ukuri kuzomenyekana, bica bigaragara ko bipfuza Reta itokwigera ibakomakoma kugira ngo ibaze amahano bateje igihugu n’Abenegihugu. Ariko igitangaje ni uko imbere y’uko CVR ijaho, ari bo, ku karimi bahimiriza Reta ngo n’ishireho bidatevye CVR. None imaze kuhaja ngo CVR n’irindire, ngo nta n’ico izoshikako. Birabaje ko G7 na G10 biyambika ubusa bavuga ko badashaka CVR kandi yari no muri ya Masezerano y’i Arusha.Abo bavuzwe ni nabo birigwa bakwiragiza y’uko mu Burundi hariko harakorwa ihonyabwoko ariko bakibagira ko iyo mvugo ari iyo kwikurako akabi k’ihonyabwoko kabogaboga mu mitima yabo bagashaka kugasuka ku bandi. Aha Louis Michel, Petero Buyoya, Bernard Maingain n’abandi tutiriwe turavuga, ng’ico ico basumbije abandi ;

5. Umugambwe CNDD-FDD ntiwokwirengagiza kumenyesha Abarundi n’Amakungu ko amazu n’amatungo vyegukira abo mu bwoko nyamwinshi bahonejwe mu 1972-73 muri za Rohero, Kiriri n’ahandi vyanyazwe n’ubutegetsi bw’igisirikare bwa Micombero Michel, itariki 6 Rusama 1972 aho baciriye urubanza rwo gupfa abari bishwe bose kuva itariki ya 29 Ndamukiza 1972 bagategeka y’uko n’ivyabo bica binyagwa urukombamazi. Muri ico gihe Yohani Batista Bagaza, ubu ari umukenguzamateka yari umucamanza muri urwo rubanza rw’ihonyabwoko. Aho abo bantu bose bishwe bahambwe ikivunga mu binogo, abari mu butegetsi bw’ico gihe baba abasoda canke abandi n’abanyamahanga bose bari bafatanije barahazi kanatsinda ni bo bategekanya aho babahamba. Abo bantu, ntaco badakora kugira ngo CVR ntikore kugira ngo ntize yigere ibona ingene ibahamagaza kugira babazwe bongere bakubitwe intahe mu gahanga ;

6. Ayandi magorwa tutokwibagira ni igihe abenegihugu bo mu makomine ya Ntega na Marangara bagandagurwa mu 1988. Inyuma y’aho ibimenyeshamakuru vyagenda mu gihugu cose kubaza abacitse kw’icumu mu 1972-73 bahejeje amashure y’intango. Petero Buyoya yateguye ihonyabwoko, iyo hataba abakunda igihugu baba hanze baburiye abantu ryari kuba nk’iryabaye mu 1972-73. Ubugirakandi, Petero Buyoya n’abasirikare yakoresheje barazi ibinogo bahamvyemwo abenegihugu bagandaguriwe ubusa. Ehe ni murabe ingene mu 2015 uwo Buyoya yagiriza Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokamwo mu gihe ihonyabwoko riri mu maraso yiwe, ikivyemeza ni ihonyabwoko rya Ntega-Marangara no mu bindi bihe. None mwumva yokwemera gute CVR mu gihe azi ko azotegerezwa kuvuga ivyo yakoze ?

7. Amarushwa yo mu 1993 yahitanye Umukuru w’Igihugu Ndadaye Melchior na bamwe mu bafasha biwe be n’isinzi ry’Abarundi aracari mu mutwe w’abakunzi ba demokarasi. Mu gihe c’imyiyamamazo, Umukandida wa UPRONA Petero Buyoya, ateruye umwana yavuga ati « ushaka kuvyara ugaheka, tora Buyoya ». Abanyagihugu banse kumutora, yaciye ashira imvugo mu ngiro yikora ku basoda biwe bamuyoboka, basohora ibirwanisho vyose vya gisirikare bagandagura abanywanyi ba FRODEBU mbere bahereye kuri Nyenicubahuro Ndadaye Melchior n’abafasha biwe. Ibihumbi amajana n’amajana vy’Abenegihugu baragandaguwe bunyamaswa abandi isinzi barahunga, abandi barenga 570.000 begeranirizwa mu makambi yashusha n’amakambi y’ «abanazi» kuko abantu bose bari bayugaraniwemwo bahoneyeyo. Mu 2015 uwo Buyoya afatanije na Louis Michel, Marguerite Barankitse yavugije amaruru ngo Uburundi buriko buja mw’ihonyabwoko mu gihe ihonyabwoko ribarizwa mu maraso yiwe. Mwumva gute Buyoya yokwipfuza ko CVR ikora ?

8. Umugambwe CNDD-FDD urababazwa n’uko abashatse gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 bari bafise umugambi wo guhonya abagumyabanga n’abandi bose babashigikiye nk’uko vyagiye biraba kuva Uburundi bwikukiye. Urababazwa kandi kubona harabaye ukwambika iceyi no gucafuza Ubutegetsi biciye mu bimenyeshamakuru n’amashiramwe amwe amwe Mpuzamakungu mw’irementanya bisunze ivyiyumviro bikurikira :

(i) Kuvuga nabi ubutegetsi, ukabwambika iceyi kugira ngo ubwankishe abenegihugu n’amakungu ;
(ii) Kugarariza Ubutegetsi biciye mu migumuko no kwanka gukurikiza amategeko ;
(iii) Kwihereza amabarabara no gukora imyiyerekano ivanzemwo ubwicanyi ari co twita imigumuko ;
(iv) Kugerageza kwifatira ku nguvu ibibanza bikomakomeye vy’igihugu nk’amaradiyo, amakambi, ikibuga c’indege n’ibindi ;
(v) Gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu iyo bishobotse ;
(vi) Kwica ikivunga abakunzi ba demokarasi baba bashigikiye ubutegetsi ;
(vii) Ugusaba ko inteko mvamakungu ziza gutembagaza ubutegetsi ; mu guca ku bihugu vyo hanze n’amakungu mu gihe ugutembagaza ubutegetsi vyananiranye ;
(viii) Ivyo vyose bikorwa abanyamahanga babishigikiye kugirango ntihazogire umuntu avugira ubutegetsi buba buriko burasamburwa ;

9. Umugambwe CNDD-FDD urangije umenyesha ko ivyo vyavuzwe aho hejuru ari vyo abagiye mu migumuko bisunze kuva itariki 26 Ndamukiza 2015 gushika n’ubu, akaba ari nabo bashatse gutembagaza Ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015 bari bateguye gushira mu ngiro Imana igakinga kanatsinda irakunda Uburundi n’Ababubamwo. N’ubwo biri uko, Umugambwe CNDD-FDD urasavye ko abafise ico biyagiriza boshika imbere ya CVR bakavuga ukuri kwabo aho kubandanya bayirwaniriza hanze kuko ivyo bavuga vyose vyerekana ko batayishaka ahubwo Abenegihugu baca babona ko iyo ngendo ari iyo abafise ivyo biyotsa.


IGIHE

Messages

  • nibemerebawote,nibobawicaniye

  • MUAGABA ABATUTSI BAGIRA BATWIGE AHO BADUFATIRA UMUAZI KO TWARI TWABANANIYE KUMANYANGA BARIKO BARAKOA ABA BA CNNDD IYI NI RYA TSEMBATSEMBA BARIKO BARIKO

  • MUAGABA ABATUTSI BAGIRA BATWIGE AHO BADUFATIRA UMUAZI KO TWARI TWABANANIYE KUMANYANGA BARIKO BARAKOA ABA BA CNNDD IYI NI RYA TSEMBATSEMBA BARIKO BARIKO

  • MUAGABA ABATUTSI BAGIRA BATWIGE AHO BADUFATIRA UMUAZI KO TWARI TWABANANIYE KUMANYANGA BARIKO BARAKOA ABA BA CNNDD IYI NI RYA TSEMBATSEMBA BARIKO BARIKO

  • MUAGABA ABATUTSI BAGIRA BATWIGE AHO BADUFATIRA UMUAZI KO TWARI TWABANANIYE KUMANYANGA BARIKO BARAKOA ABA BA CNNDD IYI NI RYA TSEMBATSEMBA BARIKO BARIKO

  • MUAGABA ABATUTSI BAGIRA BATWIGE AHO BADUFATIRA UMUAZI KO TWARI TWABANANIYE KUMANYANGA BARIKO BARAKOA ABA BA CNNDD IYI NI RYA TSEMBATSEMBA BARIKO BARIKO

  • MUAGABA ABATUTSI BAGIRA BATWIGE AHO BADUFATIRA UMUAZI KO TWARI TWABANANIYE KUMANYANGA BARIKO BARAKOA ABA BA CNNDD IYI NI RYA TSEMBATSEMBA BARIKO BARIKO

  • sasa mbona hawo watu wariofanya macafuko hayo tangu zamani wanaanza kutetemeka mbere ya watu wenyewe kwa wenyewe, sasa mbere yamungu itakuwa je ? na damu kibao ya watu warioncincwa kama mbuzi bira kosa rorote ,tunaomba serekari wote wariofanya hivyo wawekwe wazi iri tujuwe ninani amefanya macafuko hayo, mbega batanguye batinya amaso yabantu nkabo, imana yo sivyo we nibarindire.

  • ICOGIPFU C’IGITUTSI NINDE YAGISHIZE KURUBUGA NYAGUPFA

  • NUKO BIMEZE? EMWE!!! ABAHUTU. TWARA KUBITITSEEE!!!

  • Buyoya Bagaza sibobabatumye kwigumiza kubutegetsi mubanje guhonyanga amasezerano yarusha nibwirizwa Shingiro riyakomokako mbega imyaka cumi mumazi murya izondazanyu zituzura ubu niho mugeze kutubwira ivyo kare batarababwira ivyamanda komutabivuga mugufunga ntimwahereye kuri ndayizeye nogutotoza izindi ziraguhemuka uwo buyoya nabagaza ntimwababona nimureke kuguma mucanishamwo abarundi baribarifataniye munda hejuru yizonda zanyu mbe uwomurwi uvuga imyaka 10 mwarimumaze kubutegetsi vyarivyabananije iki kuwutanguza nimureke kwitoza utunyoni muvuga ayamuhe icodukeneye namahoro atarayo irementanya nkiyo muvuga amajambo nkayo hejuru yimifyimba mwirirwa murasasika ntanisoni mugira imigambi yanyu mwigishije mbere siyo mwigishabantu kunywana nogufatana munda none nimurabe ayomateshwa yurwanko muriko murabiba mubarundi hejuru yiyomyobo yanyu ituzura muzemuhende abomwirirwa musangira ivyomwirirwa muriba mugabo twebwe mutuveko reka kwirirwa mwiyitirira abanyagihugu ntawabatumye nimuteshwe mute ahubwo nyakubahwa buyoya Yama atabara igihugu iyo kiri mukaga akagisubizamunzira iroranye nubu ndamutakambiye nasubire atabare abarundi kuko bararushe

  • Inana ibahezagire abateguye iri tangazo, mbe buyoya ko aterimigere CVR nagume hamwe intahe imukubite mugahanga kuko yaraduhekuye,atugira impfuvyi ....., ariko nubu aracafise agatimatare ko kutumara ariko ntazotumara kuko nubwo atako batagira be na kagame paul, Louis michel,bernard,.....,mbega ko banka CVR nibemere baze bavuge aho bahamvye abobishe kuko nibo bahazi nibaze bemere bamaramare basabe imbabazi ariko icombona izo nkorabara nubu baracafise imigambi mibisha ariko nkuko Nyenicubahiro yama abivuga ukuboko kwimana kuzobakorako kandi bazohera nk’ifu y’imijira, abarundi bumutima turekane nabo ataco batugejejeho atari amarira namaganya kuko uharuye 88 gufata abantu bariko bararima agatemagura sibara, reka basare ariko ntaho bizobashikana, abarundi twaramenye ivyabo reka dufatane munda dutezimbere igihugu cacu kuko niryo ragi basogokuru badusigiye dusenge dukora dukore dusenga kuko imana izoduhezagirira mu bikorwa vyiza dukoze nayo buyoya imana izomuvuma kuko amaraso yamenye nimeshi . Niharambe abagumyabanga, Abakenyererarugamba n’Imbonerakure nayo uwanka umugambwe wacu CNDD-FDD azohura n’Imana.

  • buyoya yaragitanzi none reka abibone ntakuntu yariguha igihu abantu bagiye batumariye abavyeyi nabavukanyi

  • Akokadiha jerage Nagaheruka Turimwishaba Ubumbonakaravyibushe Nikabandany Kavuga Ibinyoma Mubandanyemukoror! Mutama Buyoya Yakoz Ivyizagusa Namakungu Abandanya Amuduza Icubahiro Ariko !! Nanison Akarua Akandikarakamira.

  • UTWO NITUMWE DUTAZIRA TWIMUJERI ARIKO MUMENYEKO INKONITARUZWA NABAGONVYE KUYARUZA BAGEZ IGWANDA BIRUKA ME KOMERA KUKO TWIMUJERI NTANTAMBWE BUZODUTERANA

  • uko biri kose ndashimiye imana data kuko ivyo nabivuze kuva kera kwayakindi kiriko kiratera akajagari Atari gutinya CVR abobose ba pasfike nininahazwe nabamenja bamaze abantu murutana bari kwiyambika urushato rwintama kandi aramabingira

  • Jewe ngomba nishure SIGNORINA finalement kumwe mwamye murinzoka nubu ntikaaracika.Ariko uraciyunvira ko Maj Buyoya yogaruka kubutegetsi?Mbega niwe mututsi wenyene mufise?Nibaza kwarindoto sinon nacuke.Uvuzi ivyubwicanyi ariko vraiment namba turabaremwe n’IMANA twese burya iyuciye harya bashinguye NDADAYE ukaraba inva ziriho zaba HUTU mumutima ntakintu wibaza mugihe ababagandaguye bacidegenvya?kandi arabatutsi?Nicogituma bavuze ko ishirasoni siyiroga gusa nuwubona harya akabifata ibisanzwe arikumwe nababishe.Nanse kwirirwa ndadondagura guhera 1962,1966,1968,1972,1988,1991,fin 1993-2000 ahohose hariho ubwoko bwagiye bwicwa atacamira mugabo ubu muriko musimbira kwisunzu ryinzu ngobiracitse.Ariko mwiyo myaka yose ntangorane zariho.Imana ntizovyihangani kandi numugiraneza.

  • ivyo nukuri Buyoya yarabivuze ndibukako numugicapo comuri mitingi yiwe hariho igifoto kinini ateruye umwana mutoyi....amaze kubonako ananiwe mumatora ivyaciye bikwirikira ntautabizi bwari ubwicanyi butagira izina. nukuri izingorane zose turimwa zakwezwe nuwishe ndadaye....niBuyoya ntaundi

  • Très bien CNDD-FDD, il faudrait en finir avec Buyoya, de toute facon s’il reste en vie il genera toujours les démarches du CNDD-FDD alors que c’est un criminel de renom.
    Il faut absolument le descendre si nous voulons que la generation future ne suive pas la même démarche que Buyoya.( ni mbuto mbi mu bantu irinda kuranduranwa n’imizi ).

  • AKO AHO KAYAGURIYE KAMAZE KWUNGUKA IKI MURIVYO BIJAMBO BITAGIRA AGACIRO ,NTABIVUGA UKO HAVYARIMANA YAKORA NIKO BAKORA,KARAYAGURA AMATE NIYAKAMA BAGAHE AMAZI,GAKOMEZE KAYAGURE,IVYO BAVYITA KWIBOMA KUMISOZI

  • Duhaze induru y’uwo mukoma ndabirabe

  • EWE NDABIRABE NDAKWIBUTSE ICO ABAKERA BAVUZE, BAVUZE BATI" IJAMBO RYAMA MUKANWA RIGACIKA INKONDA ,URWO RURIRIMBO RWANYU RWIBINYOMA TWARUHAZE

  • Mbe mwabonye ibitutsi abatutsi batuntumukana iyo bumvise icaha kibagiriye? Izo mvugo mbi zabo zo gutukana zirerekana ko bakoreshwa n’umwansi Shitani. Aho bigeze, jewe sinemera ko har’umurundi az’ubwenge yoba akibaha amajwi. Ivyo bigwanisho bishimikije navyo, ni bumve ko na" nyina w’uwundi avyara umuhungu"!.

  • IVYO BIJAMBO UVUGA NIVYO BITUMA BAMWE BATAZIGERA BIZERA IVYO IYO CVR YANYU IZOFPUNDIKANYA MUGIHE ITOSHIRA AHABONA INGANDA Z’INZIRAKARENGANE MWAGANDAGUYE N’AMABI ATANDUKANYE MWAKOZE MWIYITIRIRA NGO MURWANIRA DEMOKARASI NAHO MURWANIRA IZO NYAGA ZANYU ,BIZOCA BIBONEKA KO ARUMURWI MWISHIRIYEHO

  • Ariko aba cndd politike yabo niyogutenya amoko gusa uwugize ngo aratanga, itangazo wese avuga afise inzigo n ivyo avuga, n ivyo kuvyutsa urwanko mu burundi ntamunyapolitique afise ubwenge azineza uburundi ukobumeze ubu yokomeza atanga matangazo nkaya, birerekana nezako ntantumbero bafise yokubaka Imitima ihagaze kubari mugihugu na abarihanze y igihugu. Kukibazo c ubumwe bw abarundi ayamatngazo, bavuga nkabarangije guc urubanza ahoniho politike yabo igiye kubananira yokurongora igihugu gifise amatekamabi yivyabaye nibiriko biraba ubu! bakwiye guhindura izomvugo zogukokeza urwanko mu burundi bw abarundi.

  • Ariko aba cndd politike yabo niyogutenya amoko gusa uwugize ngo aratanga, itangazo wese avuga afise inzigo n ivyo avuga, n ivyo kuvyutsa urwanko mu burundi ntamunyapolitique afise ubwenge azineza uburundi ukobumeze ubu yokomeza atanga matangazo nkaya, birerekana nezako ntantumbero bafise yokubaka Imitima ihagaze kubari mugihugu na abarihanze y igihugu. Kukibazo c ubumwe bw abarundi ayamatngazo, bavuga nkabarangije guc urubanza ahoniho politike yabo igiye kubananira yokurongora igihugu gifise amatekamabi yivyabaye nibiriko biraba ubu! bakwiye guhindura izomvugo zogukokeza urwanko mu burundi bw abarundi.

  • Ese iyomvugo yobingiro ukuri kwoja ahabona.

  • Nyakubahwa perezida Buyoya ndibazako kuzorenguka imbere yumugwi CVR bitoguterubwoba nimbavyukuri atakikwagira.Nimba ataco wiyagiriza koko.

  • Mutama Gelase Urumugabo Pe! Ega Hari Abatazi Ivyo Abo Batera Induru Mu Gihugu Bakoze. Wewe Umenga Uwokugira Umwigisha Ntamunyeshure Yotaha Atamenye! Bandanya Mutwibutsa Tumenye Ukuri. Jewe Nahora Nidoga Kuko Nabona Umenga Ntimubona Ko Umuhutu Yagowe N Akakazi Mukakamwima Ariko Haje Umututsi Afise Amahera Mukamwakira Mukibagira Ko Umuhutu Yatewe Ubukene N Izonjavyi Z Abatutsi. Ubu Ndabona Politike Mwarayimenye Cane. Ahubwo Murabe Mufashe Abahutu Natwe Twige Tuje Nohanze. Ndabasavye Rero Mugende Mutohoze Murabe Igitigiri C Abahutu Biga Medecine I Ngozi Ni Nka 2% Muzoca Muvyibonera Ko Umuhutu Yagowe. Nzobemera Gose Igihe Muzofasha Abo Bahutu Mvuze B I Ngozi Mubarihire=encouragement. Kuko Domaines Zose Abatutsi Barazigaruriye.

  • Biraciyingani mwinjiye kurongora kumbe munyegeje inzigo yokwihora, abahutubizeneza, bafise ubwenge ntibshobora gukurikira ubwobupfu, buzura, akaboze hara BAHUTU B, UMUTIMA BAKUNDIGIHUGU CABO NIBUVUGIRA BAHUTU, WIVUGEWEWE WENYENE, jewe ndabiziko, na Nkurunziza yicuza icatumye yitoza ubwa 3 arazi koyakoze nabi yariyatanguye neza none agiye kurangiza nabi yatakaje icubahiro mugihugu no mu matangazo, ngirango muri cndd ntihari habuze umhutu yize yarigushirwaho arongori igihugu mutarinze guhonyanga amasezerano yatanz amahoro mu burundi, utazi intambara y ubwoko arayiririmba nubwo boba aribake abandi bakaba aribeshi ntanumwe uyitsinda bose babura amahoro rero iciza abarundi dukwiye kwumvikana uburundi n ubwa BAHUTU n ABATSI n ABATWA uwishinga kuririmba ubuhutu c ubututsi buzorangira bumuhitanye, ubutegetsi, cankubwinshi, ntarukizarurimwo, abiyumvira nibo bizomarira ababo nabo bakurikire (JEWE NKUNDIGIHUGU CANJE Nkund ABARUNDI) MANA TABARA U BURUNDI.

  • Wewe wiyise Burundi Desiré, jewe Signorina ni jewe nanditse n’encouragea CNDD-FDD nti: well done CNDD-FDD, urunva yuko wihenze. Nagira ndakubwire ko nanje na buze abanje muri iyo mwaka wavuze.
    Twese turipfuza ko CVR ikora abagirijwe bose ubwicanyi bakazitaba ubutugane niho âmes zose
    zazize ubusa zishobore kuronka iruhuko ridashira.

  • Birababaje biteye agahinda

  • Aka gasaza gashaje nabi mission y amacakubiri ntaho izogushikana muzehe, ntan uwo yigeze yerera.

  • Buyoya hali ivyo agomba gusobanura gose , kuma coup etat atatu 3 naho ibyo avuga ngo akora muli mali , no kwinyegeza mubi belgique na france , nagende nibwo azamenya abazungu icyo alicyo amenye nigihugu icyo alicyo !!!
    NAHUNGE YUMVE UKO BIMERA CG AHAGARARE IMBERE YUBUTABERA KUKO IMYAKA YALI AMAZE MUBURUNDI BARAMWIHOREYE NTIYAMUSHIMISHIJE NIYO MPAMVU YASHATSE GUTEMBAGAZA INTWARO NKUKO YAMYE ABIGENZA !!!
    buyoya nikijuju umenga ntatekereza !!

  • ndatangara numvise iyo cndd fdd yagiriza buyoya ko ariwe mwansi mugihe mumisi iheze nkurunziza yari yashushe umutwe avugako buyoya ariwe yoserukira uburundi muri francophonie mbega ntimwari muzi ivyo yagirizwa ko mwagiye kurugamba muzi ivyabaye mubimenye unomunsi nimureke iyo mico ya part aid ntaco izomarira umugambwe nigihugu

  • Turakeneyukuri bitebe bitebuke kuzojahabona.burya sibuno amaseyakera ntagihomurutaro ,iconyerekaho bahambye papawanje notumanjakuharirira nkabona kwihangana.abotwitoreye babidufashe tubarinyuma ninacotwabatoreye .

  • jewe nohanura abarundi bandika kurubugako boreka gutukana bafa amajambo atagira mvura ahubwo boraba umuti urama kugira igihugu kironke ituze abo bize bobo bafise ico bafa twembwe tutize ntituvyitemwo baduhe amahoro twikorere ivyacu atawandya wangura. Noe karashize ingani ngo tuzokwame mundyane zamoko ? Uko imwaka icumi iheze ? Hama ngo dushaka gutera imbere twirigwa twibomorerako nkimpene ?sumuhutu sumututsi su mutwa ntanumwe azogenda atwaye uburundi kumana tuzobusiga aha twabusanze nitugiramahoro

  • twaramenye neza kwa batutsi arabicanyi ntakindi kibabeshejeho babonye uwo badasangiye ubwok agiyimber baranyikwa bazoruhuk bashikiriy ivyiw kand banyoyamaras yiw arik humura ibang ryarabamenekany ntaho bakihisha. kuk twebwe turabana b IMANA nibabihebe bihane bakizwe tubane base ko tubana nibomoker kwa kakagame imana yabo rek mpubur abahut bibihem mwaracumuy kwijambo ry IMANA kuk murongor mubwok atarubwany?bizobaber umuvumo bibazaneko ivyago mubahindukir abaja nikwijambo ry IMANA rivuga muribihem!mbeg mubona harabatutsi babir abahutu banga guhemuk ngobatazaba abajya babo ubund buyoy aracakabakab imbarag IMANA yari yamutij azikoresh nabi yic banyarucari arashakisha ngwrebe ivyo yari yaremerey ben wabo ko yobishikak mumumbwirir ut MPWEMU W UHORAHO yaragutay kuk waracumuy urindiriy urubanz niyutihana amaras arimwarataka nimensh kand warakwegey ubwoko bwany

  • Musigaje kuvugako imbonerakure ari iza buyoya

  • Buyoya abarundi ntibazomwibagirwa ukuntu yagurishije igihugu agiha abantu batari mature policaly, iyo abona ko kugitwara bimunaniye akagiha abandi babishoboye canke akagisubiza Bagaza. Nokwemera ko yagize neza asubiye i burundi. Ico kijuju

  • MBEGA ABISHE NDADAYE BAMUHOYE IKI KOYARAKIRI MUNTANGO KO ATAKIBI BOMWAGIRIZA YARIBWAKORE GABUYO

  • NYAKUBAHWA PETERO BUYOYA MUZIVYISHIMUKAHISE ABISHE GWAGASORE NA NDADAYE KOBATARIBWAKORE IMISI MYISHI NGO BEREKANE IBIBI BABAKOREYE WEHO WOBIVGAKWIKI KUZI IVYAKAHISE VYISHI????? KO ARIVYO NYIRABAYAZANA. MURAKOZE.

  • NONE ICOGIHE HARIRYARI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.