IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri Mbonimpa agiye kuvurirwa mu Bubirigi

Petero Karaveri Mbonimpa agiye kuvurirwa mu Bubirigi

dimanche 9 Myandagaro 2015

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu nako abapfunzwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa,arafata indege imujana mu gihugu c’Ububirigi aho agiye kuvurirwa inyuma y’aho kuwa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro arasiwe n’abantu bataramenyekana.

Petero Karaveri Mbonimpa yaronse uburenganzira bwo kuja kwivuriza hanze inyuma yaho abamuburanira bandikiye umushikirizamanza mukuru mu gisagara ca Bujumbura Arcade Nimubona,bamusaba kumureka akaja kwivuriza hanze.

Abari mu muryango wiwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bari batewe umwitwarariko n’ibijanye amagara yiwe, ndetse n’umutekano wiwe,kuva agishika mu bitaro ahejeje kuraswa .

Abaganga bamukurikiranira hafi aho yari amaze hafi indwi arwariye iBujumbura, bavuga ko amagara yiwe ateye umwitwarariko,kuko basanze yarashwe amasasu atari munsi y’abiri yamuciye mw’itama, rumwe rukaba rwarashikiriye umusaya.

Mwomenya ko Petero Karaveri Mbonimpa yarashwe ageze ahitwa ku Kanga muri komine ya Kinama ariko arataha muhira iwe.


IGIHE

Messages

  • Uwomutama Wacu Imana Iramubona. Abicanyi Bari Bakwiye Kubireka Kuko Bararabonye Ko Atakidashoboka.

  • Kugendakwivuzanisaw arikosukwivuzagusa noguhungabirimwo.ariknivyizakoyogendahakirinzira

  • Niyigire mutama IMANA ize imuzigame

  • Emwe Mana yacu, tugirire ikigongwe kuko turiko tukora ico tutazi hano mu Burundi bwacu, eka data nuwu Mutama nawe Mana umurinde aho agiye hose umukize

  • bishe abakecuruboreka abatamabangananabasebabocankebasekurubabonimugarukemwicenimpinjanivyovyabombegamugombakwica abatamabosenimugendenomumiryangoyanyubariyomwicencandabemera

  • emma
    urugendo rwiza mutama ngirango urabona ko nkurunziza intwaro yiwe itomoye naho muyityoza mukanamwicira ko nabiwe, hewe uraraba neza rurya bandi rutakwibagiye, ndazi narirya ushaje barya murikumwe mukugwanya reta ntibakwipfuriza kubaho.

  • Genda Tuzogusabira Muga Naw Uzokwibuk Babandi Nkuko Wama Ubikora Bagorew Mugasho

  • Basha Imana kweli ikora ibitangaza,, kubona urusasu rutumbera ku mutwe wumuntu rukinjira mwitama rugasohoka ni igitangaro cimana,,yashatse ko umutama wacu aba arabaho kuko mu bazorokora uburundi nawe arimwo,,kuko yarivugiye ati badakuyeko umutwe sinzoreka guharanira agateka ka zina muntu,,,
    Mutama karibu aha i bulaya twizeye ko uzatora mitende,, mais twivuza ko woca ubanza ukaruhukira ino gato,, kubera ivyo bimwenyi bikubonye vyohava biguhohosha,,

  • Ikibazo bamwe mubarundi ntimuriko murabona kure abice Gen. Adoph nibabarashe uwomutama kandi nibobarashe nawamutegetsi wa UPD Zigamibanga, ngokugira abarundi bahunge aribeshi kandi vyumvikaneko muburundi atagahengwe kariho, ndabibabwiye uyumusi ariko mumisi mugiyekubona ukuri kwanje ahokuri namakosha yakozwe na PPR mumyaka ya 90-94 yamenyekanye harenze imyaka 20 akozwe. Murazobikurikirananeza ergabamwe mudasamaye mubashakako uburundi buvumwa nongahatwandika wobamenya, kugirubamenye ushoboragumva bavugango sukugenda kwivuza rwarahunze! ukibaza uti ahuznze kugira ntabiki? Uyundimwanya ukibaza uti amahera yokugira araswe namanama kobikorerwa iyagiye kwivuriza wobimenyagute kobatazoca bamureganura ubonako ubu kubera abangahawe amahera yokugira bamwe mubarundi bavuge ayamuhe nuwo muzehe arimwo bamwebatanguye kubivuga yemwe bantu mwariye amafranga yokugira amabi amazimisi muburundi abe muririnda abayabahaye muzogenda mubona babagiriranabi ngokuko ntakuntu mwobarira amahera ngomwongere mutangure kubavuga kwaribobayabaha bikangirako nivyomwabatumwe ntibigire icobimara ntibazobareka haba ngaha Burundi canke aharihohose kw’Isi.

  • Mbega Yemwe Iyo Ntama Izohohoterwa Gushika Ryari?Imana Isuma Ingabo!

  • Kubaho kumuswi simpuhwe zagaca ntaco uzoba rema mutama yesu arakubona

  • uwo niwa mucezo wa ndani wa nkurumbi.turabiz ,mugbo ico umunt yanka akabona n,imbeba

  • Kubona ugihema imana igufitiy umugambi knd izogaragaze abipfuje kukugandagura urorera.ugware ukira mutama.

  • WE WIYITA NONE?URIKINYWAMARASO.UWO MUTAMA MUVEKO,AMANYANGA YADD TURAYAZ.SUMURENGA URAGA......PUUUU!!!

  • ukuri kwawe amakosa yakozwe na PPR yamenyakanye hashize 20ans ayahe ga ko na karenzi bamurekuye gusa humura mucezo wa ndani safi

  • umusi wawe nturagera
    gsa urabe kuko urabona
    gupfa ni rimwe no gukira
    nirimwe.vyoba vyiza umuntu
    yamye yiteguye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.