IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Petero Karaveri Mbonimpa yarashwe arakomereka

Petero Karaveri Mbonimpa yarashwe arakomereka

lundi 3 Myandagaro 2015

Umukuru w’ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’ako abapfunzwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa, yarashwe arakomereka ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro.

Petero Karaveri Mbonimpa yarashwe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 15,igihe yariko arajabuka ahitwa ku Kanga aja muri komine ya Kinama,aho asanzwe aba,mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho ku Kanga,amenyesha ko umuntu yari kw’ipikipiki ariwe yoba yamurashe,ariko Imana yakinze arakomereka gusa.Amakuru y ‘iraswa ryiwe yatanguye kuvugwa kuva inyuma ya sasita kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro.

Petero Karaveri Mbonimpa, ari mu bitaro bimwe biri mu gisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.